Imvo n'Imvano ku Barundi baba mu mahanga n'uruhara rwabo mw'iterambere ry'Uburundi

Insiguro y'amajwi, Umviriza ufyonze aho hejuru: Imvo n'Imvano ku Barundi baba mu mahanga n'uruhara rwabo mw'iterambere ry'Uburundi
Imvo n'Imvano ku Barundi baba mu mahanga n'uruhara rwabo mw'iterambere ry'Uburundi

Ndabaramukije nongera ndabaha n'ikaze muri iki kiganiro c'Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 23 ukwezi kw'umunani 2025.

Imvo n'Imvano y'uyu musi yerekeye Abarundi baba mu mahanga. Mu kwezi guheze haratunganijwe ibikorwa bitandukanye vyitiriwe Abarundi baba mu mahanga, canke 'Diaspora', harimwo n'indwi yabagenewe.

Intumbero ahanini kwari ukurabira hamwe ingene bogira uruhara mw'iterambere ry'igihugu.

Icegeranyo c'igisata ca ONU kijejwe abimukira, OIM, co mu mwaka uheze kivuga ko Abarundi baba mu mahanga barenga umuliyoni.

Abo bakaba binjiza mu gihugu amahera arenga imiliyoni ijana y'amadorari buri mwaka, ahanini avuye mu bihugu vy'Afrika, Amerika, Canada, Uburaya na Australia.

Biragoye kumenya vy'ukuri amahera yose arungikwa n'Abarundi baba hanze kuko inzira acamwo zitandukanye kandi zigoye kugenzura. Gushika ubu reta y'Uburundi ivuga ko itarashobora gushiraho uburyo bwo kuyamenya, mugabo ko biriko birategurwa.

Abarundi baba hanze bose ntibasenyera ku mugozi umwe. Mu bihugu bimwe bimwe usanga hari amashirahamwe abiri abangabanganywe kandi yose yiyita aya 'Diaspora' ndundi.

Hari abavuga ko ishirahamwe riserukira Abarundi baba hanze ririmwo gusa abayoboka umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, ariko ivyo iryo shirahamwe rirabihakana.

Mu ntumbero yo kworohereza Abarundi baba mu bindi bihugu, Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye aherutse kumenyesha ko agiye gushinga igisata cegukira ibiro vyiwe kijejwe ishirwa mu bikorwa ry'imigambi bashaka gukora.

Iyo ngingo yoba ije kurangiza imyidogo Abarundi bamwe bamwe baba hanze bafise ku bibazo bitandukanye? Kuki Abarundi bose baba hanze batayoboka ishirahamwe rimwe rya 'Diaspora'?

Ishirahamwe rihurikiyemwo Abarundi baba mu bindi bihugu ririko rifasha iki ngo Abarundi bose baryiyumvemwo? Abarundi baba mu mahanga bafise uruhe ruhara mw'iterambere ry'igihugu?

Ivyo ni bimwe mu bibazo tugiye guca hirya no hino muri kino kiganiro mugiye gushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.

Muri kino kiganiro rero muri kumwe na Samuel Ndayiragije arongoye ishirahamwe ry'Abarundi baba mu mahanga, 'Diaspora burundaise'.

Turi kumwe kandi na Emery Kameya avuga ko arongoye ishirahamwe ry'Abarundi baba mu Bubiligi ritavuga rumwe n'irirongowe na Samuel Ndayiragije.

Uwundi turi kumwe ni Enock Niyonsenga, Umurundi aba mu gihugu ca Reta zunze Ubumwe za Amerika.

Twari twatumiye n'abaserukira ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo Abarundi baba mu mahanga, ariko ntibitavye iki kiganiro.