Ikigo ndangakaranga co muri Australia kigiye gusubiza Cambodia ibishusho ndangakaranga yibwe

Abategetsi ba Australia basubiza ibishusho vyibwe muri Cambodia
Insiguro y'isanamu, Ibishusho ndangakaranga vyasubijwe mu birori vyabaye ku wa gatanu

Ikigo ndangakaranga c'igihugu ca Australia kizosubiza Cambodia ibishusho ndangakaranga bitatu vy'ibibumbano bikozwe mu butare bwa bronze vyo mu kinjana c'icenda n'ica cumi inyuma y'aho bimenyekaniye ko vyibwe.

Ibi bije inyuma y'amatohoza yakozwe n'ivyo bihugu bibiri mu myaka icumi iheze kugira hamenyekane amamuko y'ivyo bishusho.

Leta ya Cambodia yashimye ico gikorwa gikomeye ''nk'intambwe ikomeye mu gukosora akarenganyo kabaye muri kahise''.

Ibi bije mu gihe kw'isi yose hariko haraba ibikorwa vyo gusubiza ku bwinshi ibintu ndangakaranga vyibwe.

Ibi bishusho bibatu vyaje biva ubwa mbere mu bwami bwa Champa mu gace katabamwo abantu ko muri Vietnam n'utundi duce twa Cambodia.

Ikigo ndangakaranga c'igihugu ca Australia (The National Gallery of Australia = NGA) kivuga ko caguze ivyo bishusho vy'ibibumbano mu 2011 amadolar y'amanya Australia angana na miliyoni 2.3 (£1.18; $1.5) ku mucuruzi wa magendu w'umwongereza Douglas Latchford - yitavye Imana mu 2020.

Nk'uko bivugwa na NGA, bwana Latchford, kuva mu 2016, yaragize uruhara mu rucuruzwa rudaciye mu mategeko rw'ibishusho ndangakaranga vya kera, bituma mu 2019 yagirizwa gukora urudandazwa rw'ibintu ndangakaranga vyibwe n'ivyasahuwe vyo muri Cambodia.

Nk'uko bibandanya bivugwa n'igitangazamakuru ABC, ivyo bishusho bitatu vyatowe mu 1994 mu murima wimbwe i Tboung Khmum mu buseruko bwa Cambodia imbere y'uko binyuruzwa n'abacuruzi b'ibintu ndangakaranga b'abanyamahanga baca ku mupaka wa Thailand bikaza gushika mu bubiko bwa bwana Latchford.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umukobwa wa Latchford, Nawapan Kriangsak, yakoranye n'abashakashatsi ba NGA n'ubushikiranganji bw'imico kama n'utugenegene bwo muri Cambodia mu gufasha gusubiza ivyo bintu ndangakaranga.

Ivyo bishusho bizobandanya vyerekanwa na NGA i Canberra mu kiringo c'imyaka itatu mu gihe Cambodia ikiriko irategura inzu bizoshikiramwo i Phnom Penh.

Ku wa gatanu, mu birori vyo gusubiza ivyibwe, Susan Templeman, intumwa idasanzwe ya Australia mu bijanye n'utugenegene yavuze ati: "Ni akaryo ko gukosora ikosa ryabaye muri kahise kandi bikanakomeza imigenderanire dufitanye no gutahurana vyimbitse''.

Cambodia yabandanyije gusaba amakungu gusubiza ibihumbi vy'utugenegene ivuga ko vyibwe mu nsengero zayo za kera ivuga ko twinshi tubitswe mu bigo ndangakaranga vya Victoria, Albert no mu nyubakwa ndangakahise y'Uwongereza.

Iyi ni incuro ya kabiri NGA ikura utugenegene twibwe mu bubiko bwaco kuva muri iyi myaka ya vuba.

Mu 2021, iki kigo casubije Ubuhinde utugenegene twinshi - twakozwe mu kinjana ca 11 - twari dufitanye isano n'uwukekwako kwinjiza kuri magendu ibintu ndangakaranga, Subhash Kapoor, n'umuhisi William Wolff wo muri New York yadandaza ibintu ndangakaranga.

Muri rusangi, utwigoro turabandanya mu gutahukana ibintu ndangakaranga kuri ba nyene vyo.

Mu kwa gatatu, haratangajwe ko amacumu ane y'abasangwabutaka yari yaratwawe n'umwongereza Captain James Cook yahonyoje ikirenge ubwambere muri Australia n'abo bari kumwe igihe bashikayo ubwa mbere mu 1770 ashobora gusubizwa kwa beneyo ba mbere.

Ayo macumu abitswe muri kaminuza ya Cambridge, gusubizwa kwayo ni inyishu y'ubuvugizi bwabaye mu myaka 20 iheze bukozwe n'abanyamuryango b'ababaye ubwa mbere ku butaka bwa muri Australia (First Nations communities).