Umwami wa Yorodaniya yanse umugambi wa Trump wo kuvana Abanyapalestina muri Gaza

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yabonanye n'umwami wa Yorodaniya Abdullah mu biro vya Maison Blanche i Washington. Uwo mwami ariko aramwenyura kandi haraboneka amabendera ya Amerika na Yorodaniya

Ahavuye isanamu, Reuters

    • Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr & Tom Bateman muri Maison Blanche
    • Igikorwa, BBC News
    • Umwanditsi, Rachel Hagan
    • Yakoze inkuru ari, London

Umwami Abdullah wa Yorodaniya yiyamirije umugambi wa Donald Trump wo kwimurira Abanyapalestina mu gihugu ciwe.

Inyuma y'inama na Trump ku wa kabiri muri Maison Blanche, Abdullah yanditse kuri X ko Yorodaniya iguma ihagaze hahandi ko idashigikiye namba ''ukwimura Abanya-Palestina muri Gaza na Cisjordaniya. Aho niho ibihugu vyose vy'Abarabu bihagaze''.

Niyo yari inama ya mbere hagati y'abo bakuru babiri kuva Trump atangaje uwo mugambi wo gufata Gaza no kwimura Abanyapalestina bakajanwa mu bindi bihugu vy'akarere, harimwo na Yorodaniya.

Muri iyi ndwi, Trump yavuze ko ashobora guhagarika imfashanyo ihabwa Yorodaniya na Misiri kiretse bemeye kwakira abo banyapalestina bo muri Gaza.

Yorodaniya, kimwe mu bihugu bicudite na Amerika mu burasizuba bwo hagati, isanzwe ihaye indaro miriyoni z'Abanyapalestina.

Mu gihe Umwami yemeye ko yokwakira gushika ku 2.000 vy'abana b'Abanyapalestina bo muri Gaza bakeneye kuvurwa, yashimitse ko gusubira kwubaka Gaza ari vyo bikwiye kuza imbere y'ukurondera kubimura.

Yamara, yishura ku bibazo vy'abamenyeshamakuru ari mu biro vyiwe, Umwami Abdullah yicaye i buryo bwiwe, Trump yerekanye ko atarota ava ku mugambi wiwe watewe ivyatsi n'amakungu igihe yawutangaza ku ndwi iheze.

''Tuzoyigarurira. Tuzoyigumya. Tuzoyifata neza,'' avuga Gaza.

Trump yavuze ko ''ubuzi bwinshi'' bwoboneka muri ako karere hamwe Amerika yokwifatira iyo ntara yashegeshwe n'intambara.

''Nibaza ko ishobora kuba diyama,'' niko yavuze, yongerako ko yibaza ko ubu Amerika ''yarenze'' aho gukangisha ibindi bihugu kugira uruhara.

Umwami yaricaye atekanye iruhande ya Trump mu gihe yariko arasubiramwo uwo mugambi woba uje kurangiza imyaka myinshi ya politike yari ihasanzwe muri Amerika kandi ushobora guhonyanga amategeko mpuzamakungu, ibuza ko abantu bimurirwa ahandi ku nguvu.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

ONU yaragabishije ko kwimura abantu ku nguvu bavanwa ahantu higaruriwe bibujijwe n'amategeko mpuzamakungu kandi ko bishobora kuba ''icaha co gufuta ubwoko.''

Trump yarirengagije ikibazo c'iryo gabishwa rya ONU. ''Tuzobimurira ahantu heza cane aho bazoronka amazu, aho bazobaho ata nkomanzi, aho bazoronka abaganga bakavurwa n'ibindi nk'ivyo,'' niko yavuze.

Yorodaniya isanzwe ihaye indaro miriyoni z'abantu bamuka ku mpunzi z'Abanyapalestina bakuwe ku ngu ku butaka bwabo bwaciye buba Israel mu 1948, hamwe n'abandi bafise amamuko hakurya y'uruzi rwa Yorodani.

''Nibaza ko tuzoronka ikibanza muri Yorodaniya. Nibaza ko tuzoronka ikibanza mu Misiri,'' niko Trump yavuze. ''Dushobora kuronka n'ahandi, ariko nibaza ko tumaze kurangiza ibiganiro vyacu, tuzoronka ikibanza bazobamwo banezerewe cane kandi ata nkomanzi na ntoya.''

Umwami Abdullah yavuze muri iyo nama na Trump ko ikibazo kizokwigwa kandi ko impande zompi ''zorindira gushika Misiri'' nayo yerekanye ivyiyumviro vyayo.

Umwumvikano na Misiri vyibazwa ko ari uwo gutunganya intwaro ya Gaza, ushigikiwe n'ibindi bihugu vy'Abarabu nk'inzira yo kuzizibira umugambi wa Trump.

Mu gihe uwo mugambi wa Misiri ukiriko urategurwa, vyibazwa ko uzoba werekeye ko hoba intwaro irimwo abahinga bavuye mu banyapalestina bo muri Gaza, batagira aho begamiye mu migwi harimwo na Hamas.

Kuva ashize ahabona uwo mugambi wa Amerika mu ndwi iheze mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ari kumwe n'umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu, Trump aguma abandanya gusubiramwo ko ashimitse kuri uwo mugambi wiwe wa Gaza, avuga ko ''afise ishaka ryo kuyigura akayigira rwiwe''.

Mu kiganirio na Fox News muri iyi ndwi, Trump yavuze ko abanya-Gaza miriyoni zibiri batazogarukanwa gusubira kuhaba kandi ata burenganzira bazoba bafise bwo kugaruka.

''Ntibazogaruka. Kuko bazoba bafise aho baba heza gusumba,'' niko yavuze. ''Mvuga ko tugiye kubaronderera ikibanza ntabanduka co kubamwo.''