Imvura y'umwaka wose mu masaha 8 gusa yishe benshi muri Espagne

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, George Wright na Gabriela Pomeroy
- Igikorwa, BBC News
Abantu batari munsi ya 95 nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye bahitanywe n'imvura y'isegenya yateye imivo n'imyuzure ikomeye mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Espagne.
Mu gisagara ca Chiva hafi ya Valence mu masaha arenga umunani gusa haguye imvura ingana n'iyahora igwa umwaka wose, abategetsi bakaba bavuga ko bigoye kuvuga igitigiri ntabanduka c'abapfuye.
Amafoto yashizwe ku mbuga hwaniro yerekana imivo ikomeye iriko iratera akajagari muri iyo ntara, isenyura ibiraro itembagaza amamodoka mu mabarabara. Ayandi ma video yerekana abantu bariko barurira ibiti kugira ntibatwarwe.
Henshi mu gihugu haguye imvura y'isegenya n'igihuhusi c'urubura, bituma haba imyuzure mu bice bitari bike.
Abasoda barenga 1.000 bagomowe ngo baje gufasha gutabara, mu gihe abantu benshi gushika ubu atawuramenya irengero ry'abo, nabo abashoferi amajana bakaba baheze mu mabarabara muri iyo ntara.
Umwami wa Espagne, Felipe VI yahojeje imiryango y'abahuye n'ivyago, mu butumwa kuri X.
Amaradiyo n'imboneshakure bivuga ko vyaronse amajana n'amajana y'ubutumwa bw'abantu basaba gufashwa aho bagotewe n'imyuzure canke barondeza ababo, mu gihe inzego zo gutabara zita ku rutare ngo zishike mu turere tumwe tumwe.
Igisagara ca Chiva cabaye aha mbere hatewe n'iyo myuzure iturutse ku mivo. Ibinyamakuru vy'aho bivuga ko isaha 12 z'umugoroba ku wa kabiri amabarabara yari yamaze guhinduka inzuzi , amatara n'intebere vyo kw'ibarabara biratwarwa.
Igisata co gukingira abanyagihugu nta mburi cari cahaye ababa mu ntara ya Valence, cabikoze haheze amasaha abiri imvura yatanguye kugwa.
Abantu benshi ubu baridogera iyo mburi, bavuga ko yaje itevye abantu batagishobora kuva mu mabarabara canke ngo barondere iyo bahungira mu bice bikirurutse vy'ingo zabo.
Umushikiranganji wa Espage ajejwe kwivuna abansi Margarita Robles yabwiye abamenyeshamakuru ko imyuzure muri iyo ntara cabaye ''ikintu kitari bwigere kiba''.
Yongeyeko ati: ''Ejo, mw'ijoro, inzego zo gutabara vyihuta zari muri ako karere, ariko umuhindimuko w'amazi wari urengeje.''

''Amabarabara makuru makuru hafi yose yacitse co kimwe na mato mato,'' nk'uko bivugwa n'uwuserukira iyo ntara muri reta, Pilar Bernabe.
''Kutaja hanze si impanuro gusa, ni ngombwa ku mutekano w'abantu no ku baja mu bikorwa vyo gutabara abandi.''
''Niba inzego zo gutabara zitarashika si ukubera kubura uburyo, ni ingorane zo kuronka inzira zo gushikayo,'' vyavuzwe n'umukuru w'intara ya Valence, Carlos Mazon mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yongerako ko gushika mu bice bimwe bimwe ''bidashoboka na mba''.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Urwego rushinzwe gukurikirana ibihe muri Espagne, ARMET rwavuze ko muri Chiva, mu ntara ya Velencia, haguye 491mm (milimetero) z'imvura mu masaha 8 ku wa kabiri - ingana n'iyigwa umwaka wose.
Inyuzure yatumye ivyo gutwara abantu n'ibintu bihungabana aho indege nyinshi zari gushika muri Valence zimuriwe mu bindi bisagara izindi nazo zigafutwa. Itereni (gariyamoshi) zose zahagaritswe mu ntara ya Valence, nk'uko urwego rubijejwe ADIF rwavuze.
Igisagara ca Valence cavuze ko amashure n'inkino vyose vyahagaritswe ku wa gatatu, n'ibibanza vyo gusamiramwo akayaga vyugawe.
Hari ibintuma vyinshi bitera imyuzure, ariko ukwiyongera kw'ubushuhe bw'ikirere buva kw'ihindagurika ry'ibihe butuma ivyago vy'uko hagwa imvura y'umurengera vyongerekana.
Ubushuhe kw'isi bumaze kwongerako 1,1C kuva hatanguye igihe c'amahinguriro kandi ubushushe buzobandanya kwiyongera kiretse ibihugu kw'isi bifashe ingingo zikomeye zo kugabanya ivyuka vyisuka mu kirere.










