Uburakari inyuma y'urupfu rw'uruhinja ruturutse kw'ikebwa muri Gambia

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
- Umwanditsi, Thomas Naadi
- Igikorwa, BBC News
Urupfu rw'uruhinja rw'umukobwa w'ukwezi kumwe azize ikebwa, ikizwi nka 'mutilation génitale féminine/female genital mutilation' (FGM mu mpfunyapfunyo) muri Gambia rwateje uburakari mu gihugu cose.
Uno mwana yapfuye ashikanywe ku bitaro ku mugwa mukuru, Banjul, inyuma y'uko avuye amaraso menshi, nk'uko igipolisi kibitangaza.
Nubwo ibipimo vyo kwa muganga bikibandanya kugira ngo bamenye neza na neza icishe uru ruhinja, benshi babona ko ata kindi azize atari FGM, canke ikebwa rikorerwa abigeme, umugenzo usanzwe waraciwe muri ico gihugu co muri Afrika y'uburengero.
Mw'itangazo, ishirahamwe ry'abagore ridaharanira ivyicaro vya poritike, Women In Leadership and Liberation (WILL, twogereranya na Abagore mu Burongozi no Kwibohora), rigira riti: "Umugenzo si icitwazo, ntihagire abinyegeza inyuma y'akaranga, iri ni ihohotera, nta kindi".
Igipolisi kivuga ko abagore babiri bamaze guhagarikwa ku ruhara bagirizwa mu rupfu rw'uru ruhinja.
Umushingamateka wo mu karere ka Kombo ya Ruguru kari mu buraruko bw'igihugu aho iri sanganya ryabereye ashimangira ko ari ngombwa ko abana bakingirwa iyi migirwa iteza akaga ku magara yabo, ikabatesha iteka, kandi igahitana n'ubuzima bwabo.
Abdoulie Ceesay agira ati: "Urupfu rw'uno mwana w'inzirakarengane ntirushobora kwibagirwa. Ni rube intango y'impinduka zikomeye, n'igihe co gufata icemezo co gukingira uburenganzira bw'ubuzima, iteka n'itekane vya buri mwana mu gihugu cacu".
FGM ni ugukata n'ibigirankana ibice vy'inyuma vy'igihimba c'irondoka c'umwigeme.
Imvo nyamukuru z'uno mugirwa zishingiye ku migenzo isanzwe yemewe mu kibano, ukwemera mu vy'idini, ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye n'isuku, uburyo bwo kuzigama ubusugi bw'umukobwa canke bw'umugore kugira ngo azoshobore "kurongorwa", hamwe no kwongerereza uburyohe umugabo.
Gambia iri mu bihugu cumi vya mbere bikora umugirwa wo gukeba abigeme, aho 73% vy'abagore n'abakobwa kuva ku myaka 15 gushika kuri 49 bawukorewe, benshi bataranashitsa n'imyaka itandatu.
Uwatanguje ishirahamwe WILL, Fatou Baldeh, yabwiye BBC ko ibitigiri vy'inzoya zikebwa muri Gambia biriko vyiyongera.
Ati: "Abavyeyi biyumvira ko mu gukeba abakobwa babo bakiri impinja bituma bakira ningoga, ariko kandi, kubera itegeko, biyumvira ko babakevye kuri iyo myaka, vyoroshe kubinyegeza kugira ngo abantu ntibabimenye".
Kuva mu 2015, ikebwa rirabujijwe muri Gambia, aho abarikora bashobora gucibwa amande n'umunyororo wo gushika ku myaka itatu, hamwe n'umunyororo w'ubuzima bwose bishitse umwana agapfa.
Hagati aho, mu 2023 abantu babiri bonyene ni bo bashengejwe, umwe wenyene akaba ari we yakubiswe intahe mu gahanga.
Havutse ishirahamwe rikomeye rirondera ko ikebwa ry'abakobwa ridakurikiranwa n'amategeko mpanavyaha, ariko igihe yakorana mu mwaka uheze, inama nshingamateka yaranse kwemeza integuro yarondera gukuraho itegeko ribuza uno mugenzo.
Ikebwa ryaraciwe mu bihugu birenga 70 kw'isi yose ariko ribandanya rikorwa cane cane mu bihugu vya Afrika vyiganjemwo idini rya Isilamu, nka Gambia.










