Imbwa zatoye toni 6 za cocaine mu bitoke muri Equateur

Ahavuye isanamu, Ibiro vy'ubushikirizamanza muri Equateur
- Umwanditsi, Vanessa Buschschlüter
- Igikorwa, Umunyamakuru
- Yakoze inkuru ari, Amerika y'epfo
Igipolisi kimenyesha ko imbwa za karuhariwe mu guhembera -sniffer dogs, zatoye toni 6.23 z’ikiyayuramutwe co mu bwoko bwa cocaine zahishijwe mu mitekero y’ibitoke bishowe hanze.
Imbwa zamenyesheje ababishinzwe, baca bafata udutu 5,630 twuzuyemwo ibintu vyera, bamaze kubipima mu nyuma basanze ari cocaine.
Abategetsi bavuga ko ivyari vyiswe ibitoke vyari birungitswe mu Budagi, kandi vyari bifise agaciro ka miliyoni 224 z’ama ‘dollars’, iyo bishika aho vyari bigenewe kuja.
Abantu batanu baciye batabwa muri yompi inyuma y’aho ivyo bintu bifatiwe, nk’uko bitangazwa n’ibiro vy’umushikirizamanza mukuru.
Igipolisi kimenyesha ko catoye ivyo biyayuramutwe mu gihe cariko kirasuzuma imizigo iri mu ma konteneri yabitswe ku kivuko ca Posorja, kiri mu bumanuko bushira uburengero bw’umuji wa Guayaquil, wa mbere munini muri Equateur.
Udusandugu twa cocaine twari twateretswe imbere mu bisandugu vy’ibitoke bigenewe kujabuka hanze.
Umwe mu bafashwe bakekwa ko icaha yari uwuhagarariye ikigo kijejwe kurungika ibicuruzwa mu mahanga, yari ku kivuko igihe iyo mizigo yagenzurwa, akaba yaciye aha igipolisi amazina y’abandi bantu bane bakekwa.
Muri bo harimwo n'abayobozi b'imirima y’ibitoke aho bikekwa ko cocaine yatekerewe yongerwa mu mizigo y’ibitoke, ndetse n’umushoferi yajanye konteneri ku cambu.
Equateur yagizwe nk’inzira nini icishwamwo cocaine ikorerwa mu bihugu bibanyi vya Peru na Colombia, n’ikirimbiro ry’imigwi y’abagizi ba nabi, ikoresha ivyambu vya Equateur mu kurungika ibiyayuramutwe mu bihugu vya Bulaya na Amerika.
Mu mwaka ushize, abashinzwe umutekano muri Equateur bafashe toni zirenga 200 z'ibiyayuramutwe, ivyinshi muri vyo bikaba ari cocaine.
Amerika na Colombia vyafashe ibiyayuramutwe vyinshi gusumba ivyo mu 2023.
Imigwi y’abagizi ba nabi yateje umudurumbanyo igakora ivyaha muri Equateur, bituma perezida Daniel Noboa ashiraho amategeko yo mu bihe bidasanzwe, kandi arungika abapolisi n’abasirikare bagera ku bihumbi mirongo kurwanya iyo migwi.
Izi nzego z'umutekano zahagaritse cocaine nyinshi yarungikwa mu bihugu vya Bulaya.
Mu kwezi kwa mbere, abapolisi batoye ubwihisho bunini butari bwigere bufatwa muri Equateur, - toni 22 za cocaine – yashizwe mu kibanza cororerwamwo ingurube.
Ariko, kwambura abantu, kunyuruza abantu canke kubica, bikomeje kuba vyinshi mu muri ico gihugu gihanamiwe n’imisozi ya Andes.













