DRC ntizitabira ibiganiro vy'amahoro biyobowe na Thabo Mbeki muri Afrika y'Epfo

Ahavuye isanamu, Patrick Muyaya/X
Leta ya Repubulika ya demokarasi ya Kongo (RDC) ivuga ko itazokwitaba ibiganiro vy'amahoro bizobera muri Afrika y'Epfo mu kwezi kw'icenda.
Iyo nama iriko irategurwa n'ishirahamwe ry'uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo Thabo Mbeki, ryatumiyemwo indongozi z'impande zose ziri mu ntambara yo muri Kongo, harimwo n'umurwi w'abarwanyi wa M23 ushigikiwe n'u Rwanda.
Patrick Muyaya, umuvugizi wa Leta ya Kongo avuga ko iyo ngingo y'ishirahamwe rya Mbeki itaziye igihe ko rero atayo bifuza.
Muyaya avuga ati: "Turamaze gufata inzira zitatu zo gushikana Kongo ku mahoro," mu gihe avuga ko amajambo amwe amwe yavuzwe mbere na Thabo Mbeki yerekanye ukutamenya ingorane z'umutekano ziriho ubu mu buseruko bwa Kongo.
Yavuze ko Kongo yibanda cane ku bijanye n'ibiganiro vy'amahoro vy'i Washington na Doha hamwe n'utwigoro duhuriyemwo n'amashengero menshi yo muri Kongo.
Abagize Leta n'abakozi bo mu biro vya Perezida Félix Tshisekedi baratumiwe muri ivyo biganiro muri Afrika y'Epfo.
Ntibiramenyekana nimba M23 izitaba iyo nama, ariko uwurongoye umuhari AFC/ M23, Corneille Nangaa yaratumiwe.
Iryo shirahamwe ryatumiye kandi uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Kongo, Joseph Kabila n'abandi banyapolitike n'abagwizatunga harimwo Moïse Katumbi, Vital Kamerhe, Delly Sesanga, Martin Fayulu, Claudel Lubaya, Seth Kikuni na Jean-Jacques Lumumba.
Ivyo biganiro bitegekanijwe kuzoba hagati y'itariki ya 3 n'iya 6 mu kwezi kw'icenda
Intumbero yavyo ni ugutanga umwanya ku barongozi ba politike, abagwizatunga, abashakashatsi n'abafatanyabikorwa bo muri Afrika kugira ngo baganire ku ngorane z'amahoro n'umutekano ziriho ubu, zihanze uyu mugabane, gusangira ivyiyumviro vyubaka, no kurondera umuti urama.










