Ukraine: Uburusiya bushaka iki mu matora mu turere bwiraruriye?

Ahavuye isanamu, EPA-EFE/REX
Intara zine za Ukraine zigaruriwe n'Uburusiya ziri mu matora ya kamarampaka ajanye no kwemeza canke guhakana kwegukira Uburusiya.
Aya matora yiyamirijwe na Ukraine hamwe n’Uburengero, azomara imisi itanu mu gize zose – zibiri mu buseruko na zibiri mu bumanuko – zikiri mu ntambara.
Mu gihe zokwemeza ko zegukiye Uburusiya, bishobora gutuma buvuga ko ubutaka bwabwo buriko buraterwa na Ukraine ikoresheje ibirwanisho ihabwa n’uburengero.
Ibi bishobora gutuma intambara yunyuka.
Ni ibiki biriko biraba, kubera iki?
Inyuma y’amezi indwi aheze kuva igitero c’Uburusiya gitanguye, Vladimir Putin ntahagaze neza.
Igitero ca Ukraine co kwivuna catumye yisubiza uturere tumwe tumwe twari twigaruriwe n’Uburusiya kuva intambara itangura ku wa 24 Ruhuhuma (2).
Amatora yo kwemeza canke guhakana ko begukira Uburusiya ni imwe mu ntambwe zitatu zafashwe na Kremlin mu kugerageza gutunganya gushasha intambara.
Mu kwigarurira ibindi bice 15% vya Ukraine, Uburusiya buzoshobora kuvuga ko bwatewe n’ibirwanisho bitangwa na OTAN n’ibindi bihugu vy’Uburengero kuri Ukraine.
Mu gutumako izindi ngabo zishika 300.000, bushobora gukingira urubuga rw’intambara rufise uburebure bwa 1.000km.
Kremlin kandi yarafashe icemezo ko gutoroka, kwishikana canke gusiba ku bikorwa udafise akaruhuko muri kino gihe co kwegeranya abarwanyi, ari ivyaha bihanwa n’amategeko.
Ni ibintu bisa n’bimenyerewe kubona uyu mukuru w’igihugu yigarurira ubutaka. Igihe ategeka ingabo kwigarurira Crimea mu 2014, yaciye akurikiza amatora yiyamirijwe ko ari amanyanga adahobora kwemerwa n’amakungu.
N’aya nyene ariyamirizwa, ibihugu bitari bike vy’Uburengero bikavuga ko atemewe n’amategeko.
Azomara imisi itanu muri zino ntara zitwarwa n’abategetsi bashigikiwe n’Uburusiya, muri Luhansk na Donetsk mu buseruko, hamwe no mu turere twigaruriwe n’ingabo z’Uburusiya mu ntara za Kherson na Zaporizhzhia mu bumanuko.
Kubera iki aya matora afatwa nk’amanyanga?
Twarabonye ingene Crimea yigaruriwe n’Uburusiya mu 2014. Mu gihe Kremlin yavuze ko 96.7% bashigikiye ko yegukira Uburusiya, icegeranyo cacoroste Umurwi w’Uburusiya ujejwe agateka ka zina muntu wavuze ko hafi 30% bonyene ari bo bagiye muri ayo matora, kandi ko ari bake bashigikiye ko yegukira Uburusiya.
Nta rusoro na rumwe rwarashwe muri Crimea, ariko muri kino gihe, aya matora ariko araba mu gihe c’intambara.
Izi ntara zine ziriko ziberamwo ano matora zimwe zarafashwe igice, mu gihe izindi zafashwe rwose.
Mu bumanuko, igisagara ca Kherson ntigitekanye muri kino gihe, ingabo z’Uburusiya zikaba zitorohewe mu guhagarika igitero gikomeye ca Ukraine co kwivuna. Inyubakwa nkuru y’ubutegetsi yaratewe ibisasu vya misire bitari bike mu ndwi iheze.
Nta matora atekanye ashoboka, ariko abategetsi bavuga ko abantu 750.000 biyandikishije ngo batore, bakaba bategura no kwinjiza uturere tugenzurwa n’ingabo z’Uburusiya mu yindi ntara ya Ukraine, Mykolayiv, mu karere bigaruriye.
Ibinyamakuru vy’Uburusiya bivuga ko abahagarariye amatora bazoca ku nzu ku nzu bafise udusandugu tw’amatora kuva kuni uno wa gatanu gushika ku wa mbere.
Ibibanza vy’itora bizokwugururwa gusa ku musi ugira gatanu, aha hazoba ari ku wa 27 z’uku kwezi, abategetsi bakavuga ko ari kubera ibibazo vy’umutekano.

Ibibanza vy’itora biharurwa mu majana bitegekanywa kwugururwa uwo musi, aho abantu bazoshobora gutorera hanze y’intara zabo – mbere n’impunzi zibifitiye uburenganzira zikazoshobora gutorera mu turere tw’Uburusiya bwo nyene.
Hariho kandi n’umugwa mukuru wa Zaporizhzhia, ukiri neza neza mu minwe y’ingabo za Ukraine, bigasigura ko kamarampaka yo kwigarurira iyi ntara ikaba ataco isigura.
Donetsk mu buseruko yigaruriwe n’Uburusiya ku bice 60% gusa kandi iracaberamwo intambara zikomeye.
Uburusiya bugenzura Luhansk hafi yose mu buraruko bushira ubuseruko, n’aho bwatanguye gutakaza urubuga.
Ibinyamakuru vy’Uburusiya vyerekana utubendera turiko turatangwa twanditseko ngo “Uburusiya ni bwo kazoza”.
Abanyagihugu benshi b’imbere y’intambara barahunze. Umukuru w’ubutegetsi bushigikiwe n’Uburusiya muri Donetsk, Denis Pushilin, yarategetse abanyagihugu guhunga imbere y’uko intambara itangura.
Abategetsi bashigikiwe n’Uburusiya baripfuje gukora aya matora kuva amezi atari make, ariko ingingo yagiye gufatwa hasigaye imisi itatu ngo abe.
Nta barorerezi bigenga bazohaba. Abenshi mu bazotora bazobikorera ku mbuga ngurukanabumenyi, n’aho abategetsi bemereye abanyagihugu ko umutekano uzokwongerezwa ku bibanza vy’amatora.
Ni ibiki bizohinduka?
Umuhanuzi wo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi wa Ukraine Yuriy Sak yabwiye BBC ko aya matora ari impfagusa.
Ati: "Turiko turabona abanyagihugu bose bashaka kwisubirira muri Ukraine, ni co gituma hari imirwi y’abirwanira muri utwo turere”.
Kyiv ivuga ko ata kintu na kimwe kizohinduka kandi ko ingabo zayo zizobandanya urugamba rwo guhabuza utwo turere.
Umuhinga w’Umurusiya Alexander Baunov avuga ko kuvuga gusa ko uturere twigaruriwe n’Uburusiya tubwegukira ata mahirwe bifise yo guhagarika igisirikare ca Ukraine, ariko ko ari ubutumwa ku migambi bafitiye abantu bayoboye.
Hanyuma kandi Kremlin yizeye ko Uburengero buzosubiza umugongo inyuma kugira ibirwanisho vyabwo ntibizohave birasa ku butaka Moscou izoba yamaze gutangaza ko bwegukira Uburusiya.
Perezida Putin yatangaje ko azokoresha uburyo bwose afise “mu gukingira Uburusiya”. Ku bari bafise amakenga, icegera c’umukuru w’umurwi ujejwe umutekano w’Uburusiya, Dmitry Medvedev, yaratomoye neza ko ibirwanisho vy’ubumara navyo nyene bishobora gukoreshwa mu gukingira uturere Uburusiya bwigaruriye.
Umushikiranganji w’imigenderanire wa Amerika Antony Blinken avuga ko ibi ari “ibintu biteye ubwoba”, akaba yasubiye kwemeza aho Washington ihagaze, ko ata kintu na kimwe Uburusiya buvuga ku butaka bwa Ukraine kizotuma Ukraine itakaza uburenganzira bwayo bwo kwivuna.
Eka na Turukiya yariko ikora nk’umuhuza, iriyamiriza aya matora ikavuga ko atemewe.










