DRC: FARDC na M23 biregwa gukoresha ibisasu bidatoranya mu banyagihugu

Ahavuye isanamu, Reuters
Itangazo ry'ishirahamwe riharanira agateka ka zina-muntu Amnesty International, rimenyesha ko ibirwanisho biturika, birasa ikivunga, kandi bigera kure, vyakoreshejwe mu turere tubamwo abantu benshi, incuro zirenga 150 mu kiringo kitarenga amezi indwi, bigahitana abarenga 100.
Ivyo bitero, Amnesty International ivuga ko bigize ivyaha vyo guhutaza ubuzima bwa kiremwa-muntu ku rwego mpuzamakungu, kandi bishobora kuba ari ivyaha vyo mu ntambara.
Iryo shirahamwe rivuga ko ryabajije abantu bagera ku 60, rishika no mu bibanza vyinshi vyabayemwo ibitero, ryitegereza n'amafoto, ama videos, hamwe n'ubutumwa bw'amatangazo yasuzumwe ashobora kuba yaturutse ku mpande zirwana.
Umunyamabanga mukuru wa Amnesty International Agnes Callamard yavuze ko iryo koreshwa ry'ibirwanisho vya rutura ari ikintu gishasha mu ntambara isanzwe imaze imyaka 30 ihungabanya uburenganzira bwa kiremwa-muntu.
Amnesty International, imenyesha ko muri ukwo kwiyongera kw'intambara, impande zirwana zitegerezwa gusigaho gutera mu banyagihugu, kandi zigahagarika gukoresha Ibirwanisho vya muzinga n'ibindi biturika bishika kure, mu bibanza bibamwo abantu benshi.
Umunyamabanga mukuru w'iryo shirahamwe avuga ko iyo imigwano yakomeye muri iyo ntambara, imforo y'umugwi M23 n'igisirikare ca Leta ya Congo bahanganye, ari guca baja kwikora ku birwanisho bikomakomeye, na vya muzinga birasa kure kandi birasa mu kivunga.
Impande zirwana ngo zisabwa gufata ingingo zituma bagabanya ingaruka ku banyagihugu mu buryo bwose bushoboka, mu gihe c'ibitero.
Impande zompi ziraregwa
Amnesty International ivuga ko ibitero bikomakomeye vyakozwe mu kwezi kwa mbere umwaka uheze na M23 ku gisirikare ca Congo mu ntara ya Kivu ya ruguru, ishigikiwe n'ingabo z'Urwanda, nk'uko biri mu vyegeranyo vy'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kandi ku mpande nyinshi.
Uko urugamba rwakomera niko izo mpande zompi zagwiza ibitero bikoreshwamwo ibigwanisho biturika, ata kuraba ahari abanyagihugu basanzwe.
Amnesty iravuga ko inyuma y'agahengwe gato katamaze igihe mu kwezi kw'indwi izo ntambara zongeye gukomera cane kuva mu kwezi kw'icumi, aho mu kwezi guheze, hakozwe ibitero vyinshi vyagiyemwo n'ibirwanisho biturika mu bice birimwo abanyagihugu.
Amnnesty imenyesha ko mu bitero bitatu gusa vyonyene, haguyemwo abanyagihugu barenga 50, n'ukuvuga ibice birenga 50% vy'abahasize ubuzima bose.

Kimwe muri ben'ivyo bitero Amnesty International ivuga, ni ico igisasu co kuwa 25 Nzero mu 2024, bikekwa ko coba caturutse ku ruhande rw'ingabo za leta ya Congo FARDC, kigasambura inzu yo mu kigwati ca Bukama, mu gisagara ca Mweso, nko ku km 100 mu buraruko bushira uburengero bwa Goma, umurwa mukuru w'intara ya Kivu ya ruguru.
Ico gitero cahitanye abantu batari munsi ya 19, gikomeretsa 25, barimwo abana 15 nk'uko amakuru yaturutse mu bavuzi yavyemeje.
Kandi Amnesty iremeza ko ahatumbereye ico gitero ata kintu na kimwe kigaragaza ko hari hatumberewe abasirikare, haba muri ico kibanza caguyemwo canke mu micungararo yaho.
Bamwe mu bo Amnesty yavugishije baremeje ko babonye abasirikare barasa igisasu ca rocket kiri ku modokari yo mu bwoko bwa pick-up berekeza Mweso, kuri uwo wa 25 Nzero nyene.
Naho kuwa 4 Ntwarante mu 2024, hari igisasu caguye ku murongo w'abanyagihugu bariko barahunga ibitero vya M23 n'amaguru bava mu muji wa Nyanzale.
Ico cahitanye abantu 17, abandi barenga 10 barakomereka, Amnesty ikavuga ko vyemezwa n'ababibonye hamwe n'abakozi bo kwa muganga.
Abapfuye bose Amnesty ivuga ko bari abanyagihugu basa, barimwo n'abana kandi muri bo hari abari basanzwe barahungiye Nyanzale bavuye mu bindi bice birimwo intambara.
Abantu 3 babajijwe, hamwe n'umugenzuzi w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bose bemeje ko ivyatewe vyaturutse mu misozi ya Kihondo, mu burengero bwa Nyanzale, agace muri ico gihe kagenzurwa na M23.
Ivyo vyakurikiwe n'ikindi gitero ca rocket co muri Rusama caguye hafi ya Goma, cari kije cishura ku kindi c'igisirikare ca Congo cari cashinze ikirindiro iruhande y'ikambi y'abateshejwe izabo hafi y'uwo muji.
Kimwe muri ivyo bisasu caguye ku ikambi yitwa CEPAC y'umunani, gihitana abantu 18 barimwo abana 15, naho mu banyagihugu 30 bakomeretse, 28 bari abagore n'abana nk'uko biri mu cegeranyo ca Amnesty International.
Hejuru y'abantu babajijwe barimwo abakomerekejwe n'ivyo bitero, Amnesty yasuzumye amasanamu y'amafoto na videwo yafashwe ibitero bikiba.
Yarabajije kandi impande zompi zirwana ico zivuga ku cegeranyo c'imfatakibanza Amnesty yari imaze gushira hamwe mu kwezi guheze kwa Kigarama, ariko nta nyishu yaronse haba ku ruhande rwa leta canke urwa M23.
Abanyagihugu baribaza ico bazira
Abanyagihugu bahuye n'ivyo bitero, baba abakomeretse canke ababiburiyemwo ababo 'baribaza ico bacumuye kugirango babone ayo mahano.'
Umwe mu bavyeyi yaburiye rimwe abana 4 mu gitero kimwe, yerekana udukanzu bakunda, yadondaguye amazina yabo avuga ukuntu ivyo bisasu vyasize imibiri ya Gisele, 15, Furaha, 12, Lumo 10 na Ndoole w'imyaka 6 ari ubunywenywe. Bose yababuriye rimwe mu masegonda make.
Abanyagihugu babwiye Amnesty ko batumva ico bakosheje ngo bashikirwe n'amahano nk'ayo.
Bavuga ko bavuye mu mihana yabo bahunga, aho bahungiye M23 yahabasanga ikabica, ingabo za leta nazo zikabica, abana babo bakicwa, bakibaza bati "n'iki twakoze kugira ivyago nk'ivyo bitugweko?".
Bamwe mu bakomeretse ariko bakagira amahirwe yo kudahitanwa n'ivyo bitero basigaranye ibikomere vy'umubiri n'ihahamuka.
Muri abo harimwo umwana w'imyaka 12 yakomerekejwe n'igisasu, avuga ko atinya kuva iruhande ya nyina ngo aje gukina n'abandi kuko 'atinya ko hohava haza ikindi gisasu kikamuhitana'.
Barashaka ubutungane
Amnesty International iravuga kandi ko sentare mpanavyaha mpuzamakungu ikwiye gukora amatohoza kuri ivyo bitero, nk'ivyaha vyo mu ntambara.
Abanyagihugu barokotse ivyo bitero babajijwe na Amnesty bavuga ko bifuza ko intambara yohagarara vuba kandi mu buryo burama, bagataha mu mihana yabo kandi bakabaho ataco bikanga.
Barashaka kandi n'ubutungane.
Ibiro vy'umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu vyongeye kuvyura amatohoza ku ntambara yo mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Congo, bimaze kwiturwa n'ubutegetsi bwa Kinshasa, Amnesty ivuga ko bikwiye kugira amatohoza no ku bitero vyakozwe mu bibanza bibamwo abanyagihugu basanzwe, hakoreshejwe ibirwanisho biturika kandi birasa ikivunga, na burya ubutegetsi bwa Congo vyagaragaye ko ata bushobozi canke ubushake bufise bwo gushakira abantu ubutungane.
Nayo M23 na FARDC, hamwe n'impande zibashigikiye nk'inteko z'ishirahamwe ryo guteza imbere ibihugu vya Afrika y'ubumanuko, SADC, ingabo z'Urwanda RDF n'indiri y'imigwi yitwaje ibirwanisho ishigikiye ingabo za leta ya Congo, Amnesty ivuga ko bakwiye gusigaho gukoresha ibibanza bibamwo abantu benshi nk'ibirindiro canke urubuga rw'intambara, cane cane amakambi y'abateshejwe izabo.
Amnesty ivuga kandi ko Leta ya Congo ikwiye kwitaho kuraba ko abakomerekejwe bariko baravurwa, ivyasambutse bigasanurwa.
Nayo ku ruhara rw'amakungu, Amnesty International, isaba cane cane Angola, umuhuza hagati ya RD Congo n'Urwanda ikaba ifise n'abarorerezi ba gisirikare muri Congo, ishirahamwe rya Afrika y'ubuseruko, Ubumwe bwa Afrika, ishirahamwe mpuzamakungu ONU n'Ubumwe bwa Bulaya, ndetse na Leta Zunze Ubumwe za Amerika kwiyamiriza ku mugaragaro iryo koreshwa ry'ibirwanisho biturika kandi birasa kure mu kivunga, mu bibanza bibamwo abantu benshi.
Amakungu ngo akwiye gusaba insiguro impande zirwana no kuzibuza gutera mu banyagihugu basanzwe.
Nayo abafitanye na Congo hamwe n'Urwanda imigenderanire ya gisirikare, cane cane Ubumwe bwa Bulaya, Ububirigi, SADC na ONU, ngo bakwiye kurushaho kugira ico bakoze mu kumenya neza ko intererano zabo za gisirikare zitaja mu bikorwa vyo guhutaza ubuzima bwa kiremwa-muntu.
Ngo bakwiye kandi gushigikira amatohoza yo kumenya abakoze ayo mabi.
Ico cegeranyo ca Amnesty kirangiza gisubiramwo amajambo y'umunyamabanga mukuru wayo, Agnes Callamard, avuga ati: "nk'uko kahise k'igihe kirekire c'intambara yo mu buseruko bwa Congo kavyerekanye, kuba ivyaha bihungabanya ubuzima bwa kiremwa-muntu bidahanwa, bituma ivyo vyaha bibandanya. M23 n'igisirikare ca Congo bibwirizwa guhagarika bidatevye kumijagira ibisasu mu banyagihugu."













