Abahinga kuri jenoside bumvirijwe mu rubanza rwa Sosthène Munyemana rubera i Paris

Ibubanfu, Munyemana aboneka yambaye amarori, ishati yera ipfunguye mw'izosi n'igisikafu munsi y'ikoti y'imbeho yirabura, iruhande yiwe haboneka umugore mu mwambaro w'abashingwamanza; bompi bakeye mu maso.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ifoto ya Sosthène Munyemana ageze muri sentare n'uwumwunganira mu kwa 11 2023
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Atara amakuru
    • Yakoze inkuru ari, ari i Paris

Mu rubanza rwo kuri uyu wa kane, Sosthène Munyemana, umuganga w'umunyarwanda amaze gukatirwa umunyororo w'imyaka 24 ku vyaha vya jenoside, yitavye sentare aboshe amapingu, nk'uko vyari vyagenze ku munsi wa gatatu. Kuri uyu wa kane hari hitezwe abatangabuhamya, benshi muri bo baturutse i Kigali baje gusura Munyemana. Urubanza rwo kuri uyu wa kane rwatanguye ruteba, kubera imyiyerekano y'abakozi biyamiriza ingorane zijanye n'ubuzima buzimvye mu Bufaransa.

Sentare, ku busabe bwa Parike, yaciye ishima gutangura kwumviriza abahinga ku Rwanda, barimwo abigeze gukora amatohoza muri Sentare mpanavyaha mpuzamakungu yari yashiriweho u Rwanda (TPIR) yahoze ikorera Arusha muri Tanzania.

Uwabaye uwa mbere kwumvirizwa ni Damien Vandermeersch, umwe mu bagize amatohoza ya mbere kuri jenoside yabaye mu 1994 mu Rwanda. Sentare yipfuza kumenya nimba haba hari igitutu canke amabwirizwa yigeze ava i Kigali canke mu mashirahamwe y'abacitse kw'icumu kugira boshe abariko bakora amatohoza, babereka kuyatumbereza ku nzira imwe

Ariko ku ruhande rwiwe, Bwana Vandermeersch yarabivuguruje yivuye inyuma, avuga ko abacamanza n'abahinga bakoze ayo matohoza bigenga kandi ata gitutu namba bigeze baterwa mu buryo bw'ivyagiriji. Yashimangiye ati: "Nta numwe yigeze adutegeka canke ngo aduhekereze ivyaha twagiriza abantu."

Yarongeye ashimangira ko yakoze amadosiye menshi y'abagirizwa jenoside, kandi ko abahinga bava mu bihugu bitandukanye bagira amatohoza bafashwa na sentare mpuzamakungu yashiriweho u Rwanda (TPIR). Yasiguye ko ayo matohoza yakozwe mu bwigenge busesuye, kandi ko igihe ata vyemezo bikomeye vyaboneka, abaregwa bashirwa mu cegeranyo nk'abafise uburenganzira bwo kurekurwa. Yavuze kandi ko hari n'abaregwa bamwe bahavuye bejejwe n'izo sentare.

Bamwe mu bashinjura Munyemana bavuga ko yari umuntu w'intore

Nyuma ya Vandermeersch, hakurikiye Charles Karemano, umwanditsi w'Umunyarwanda afise imyaka irenga 70, aba mu buhungiro mu Bubirigi. Yaje nk'uwushinjura Munyemana, avuga ko amuzi kuva igihe ca jenoside, ico gihe yigisha muri kaminuza y'ahahoze hitwa i Butare.

Karemano yavuze ko yamubona nk'intore kuko ata muntu n'umwe yigeze amuvuga nabi. Yavuze kandi ko bigoye kwemera ko Munyemana yakoze jenoside, kuko hari abantu benshi babesherwa n'inzankano, abandi bakagirwa ibikoresho hanyuma bakagaruka gusaba ikigongwe.

Uwo mwanditsi asanzwe azwi cane kubera igitabo ciwe "Rwanda, l'histoire truquée" n'ibindi vyinshi bikunze guteza impari, aho akomakoma ubutegetsi bwa Kigali mu kuntu bwandika n'ukuntu busigura amateka ya jenoside. Karemano yavuze ko, ku bwiwe, Munyemana ari mu bagirizwa jenoside ariko ataco bakoze.

Urukiko rurindiriye ko n'abandi batangabuhamya bazobandanya kwumvirizwa. Muri iyi ndwi nyene, hitezwe kwumvirizwa ivyabona 30. Bitegekanijwe ko urubanza ruzomara indwi zitandatu rukazorangira mu kwezi kuza kwa cumi.