ADHD: iyi ngwara igaragara itevye ku bakobwa ugereranije n'abahungu ni ingwara ki?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Merve Kara Kaska na Anya Dorodeyko
- Igikorwa, BBC World Service
"Nari nzi ubwenge mw'ishure, ariko nama niyumva nk'umuntu atameze nka bagenzanje bandi. Vyarangora gukwirikira mw'ishure, kandi vyari bigoye kuri jewe gutahura ibibazo"- uko niko Ayse, umunyeshure w'imyaka 38 w'umunya Turukiya avuga, inyuma yo gusanga afise ikibazo ca ADHD (attention deficit hyperactivity disorder).
Ayse ni umwe mu gitigiri c'abagore bakomeza kuboneka hirya no hino kw'isi, bamaze gusuzumwa iyi ngwara nk'abantu bakuze.
Ayse avuga ko yariko yigira impamyabushobozi yo ku rwego rwa PhD muri 'Geographie Urbaine' mu Bwongereza, aho ivyigwa yakora ataruhuka, vyatumye yumva "vyamumaze intege, adashabora gutekana ngo ashire hamwe ivyiyumviro, ndetse afise n'uburuhe mu marangamutima yiwe".
"Narakunda gucererwa, ngasanga amasango nayasivye, iminsi nkayitiranya canke ngashira ibintu aho ntategerezwa, nko kwitiranya aho mbika impfunguruzo n'aho nshira ingodomoni (wallet).
Ico kibazo ciwe cahavuye gituma abura uburenganzira ku gafashanyo kiwe ko kwiga gatangwa na leta y'Ubwongereza (grant), bituma asubira muri Turukiya afise ideni rinini cane.
Ariko gusuzumwa ADHD vyabaye 'nk'umuco umwakiye mu mwiza yarimwo'.
"Ubwa mbere mu buzima bwanje, nahavuye niyumva nk'umuntu akuze afise ububasha ku vyiyumviro vyiwe n'amarangamutima yiwe; ni ko Ayse avuga 'iyo asubije amaso inyuma.'
None ADHD ni iki?
Attention deficit hyperactivity disorder, canke ADHD mu mpfunyapfunyo, ni ikibazo gifatiye ku kuntu ubwonko buba bwarakuze.
Ibimenyetso nyamukuru birimwo gukubagana (hyperactivity), gusunikwa gukora ibintu ku buryo bigoye kwihangana, hamwe rero no kunanirwa gushira ubwenge hamwe umuntu agatekana.
Ikindi kimenyetso ca ADHD ni ugushinga ijisho cane ahantu hamwe ukamenga umuntu ariko ariyumvira gose (Hyperfocus canke deep fixation).
Abantu baharugwa mu miriyoni bivugwa ko babana n'ico kibazo ca ADHD, akenshi batanabizi.
Iki kibazo ni kimwe mu bibazo bikunda gushikira abana bakiri bato kw'isi, kandi bikunze kuvugwa ko kiri ku bahungu bakubagana, ariko urugero isuzumwako kwa muganga ruriko ruriyongera ku bantu bo ku ngero z'imyaka n'ibitsina bitandukanye.
Abahinga bavuga ko abakuze na bo nyene basanga bafise iki kibazo, ahanini abagore, nka Ayse, batarungitswe ku baganga bakiri bato.
Dr Ulrich Muller-Sedgwick, kizigenza mu baganga bo kuri Royal College bafasha abafise ibibazo vyo mu mutwe, avuga ko abantu basuzumwe neza bishobora kubahindurira ubuzima.
Agira ati: "Narabonye abavyeyi b'abagore baja muri za sentare, bari ku manga yo kwakwa n'abana babo bakaja kurerwa n'abandi, kubera ata mutekano baba bagifise. Igihe abantu baba bamaze gusuzumwa bakavurwa iyo ngwara ya ADHD, ntibaba bakibatse abana babo".
Ibimenyetso vya ADHD ku bakuze ni ibihe?
Ibimenyetso vya ADHD ku bakuze bishobora kuba bitandukanye ugereranije n'ibiboneka ku bana. Nk'uko bivugwa n'igisata ca leta zunze Ubumwe za Amerika kijejwe amagara yo mu mutwe, ibimenyetso bikunda kuboneka ku bakuze usanga ari:
- Gusamara kenshi
- Kudatunganya ibintu ku murongo no kunebwa
- Kutubahiriza umwanya
- Gutakaza ibintu, kwibagira ibikorwa vya minsi yose
- Kwononera abandi, kuganira cane
- Kugira ibibazo vyo kugumiza ivyiyumviro hamwe ku gikorwa kanaka ukakirangiza
- Gushaka kwama ufise ikintu uriko urakora umwanya wose, canke ikiguhimiriza
- Guhitamwo ibigushimisha muri ako kanya nyene aho guhitamwo inyungu za kazoza
Ku bantu bakuze bafise ADHD izi nyifato zoba ziboneka cane, kandi zigaruka kenshi, kandi zikabangamira umuntu mu buzima bwiwe bwa minsi yose.
Ubudasa hagati y'ibitsina bwifashe gute?
Bivugwa ko kuri buri bahungu bane, haba hari umukobwa umwe atorwa ikibazo ca ADHD, mu gihe ku bakuze ico kimanga c'ubudasa kiriko kiragabanuka, aho kigeze kuri 2:1 ( n'ukuvuga ko kuri buri bagabo 2, hari umugore umwe mu batorwa iyo ngwara).
Umugwi w'abahinga ku ngwara zo mu bwonko, userukira ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe amagara y'abantu OMS/ WHO, bavuga ko hari ibimenyetso bivuga ko urugero rw'abatorwa iyo ngwara, usanga rufatiye ku kugene ibimenyetso biboneka canke bigaragara ku bakobwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abahinga benshi bavuga ko ibimenyetso vya ADHD bitaboneka cane ku bakobwa, iyo abavyeyi n'abigisha babitegereza, ugereranije n'abahungu.
"Umukobwa afise ikibazo ca ADHD, afatwa nk'umukobwa yifitiye ivyiyumviro vyo kurota gusa, atagorana mw'ishure, ariko kenshi ntibayitora. Ariko ku bahungu bafise ADHD, baguma birukanga irya n' ino, bagakubagana, bagatera ingorane, ugasanga bibonetse hakiri kare kw'ishure bakabarungika kwa muganga", ni ko Dr Muller- Sedgwick avuga.
Agira ati: "Twibaza y'uko abakobwa n'abagore bazi neza uko babigenza mu guhisha uko bitwara (ingeso), bigatuma basa n'aho ata kibazo bafise."
Umuganga wo muri OMS/ WHO, Chiara Servili, avuga ko inyifato yo mu kibano, hamwe n'ivyo abantu baba bitezweko, bifise uruhara rukomeye mu gutuma ico kibazo ca ADHD kitaboneka ku bakobwa,
Yongerako ko hakwiye gukorwa ubundi bushashatsi ku bijanye na kamere zihanahanwa mu muryango ziturutse ku bavyeyi, canke imisemburo, canke amahinduka mu mubiri w'abana bageze mu myaka y'ubuyabaga, bishobora kuba bitera ubwo budasa mu bimenyetso bigaragaza ico kibazo ca ADHD (hagati y'abahungu n'abakobwa).
Kuki ku bagore ADHD iboneka bamaze gukura ?
Ivyigwa vyakozwe kenshi vyerekana ko mu bakuze, ubudasa hagati y'abantu b'abagabo n'abagore basuzumwa ico kibazo ca ADHD bugenda bugabanuka.
Dr Ali Kandeger, umuganga avura ingwara zo mu mutwe muri Turukiya, igihugu kirangwamwo abantu benshi babana n'ikibazo ca ADHD, avuga ko 'impamvu nyamukuru ari uko abagore bakunda kuja kwa muganga kurusha abantu b'abagabo, kubera ibibazo vy'amagara yo mu mutwe'.
Dr Didem Suculluoglu Dikici, nawe nyene wo muri Turkiya, avura ingwara zo mu mutwe, avuga ko amaze gusuzuma abagore benshi muri iyi myaka ishize.
Avuga ko abarwayi baza gusaba ubufasha baba baragize uburuhe n'akabonge (depression) akenshi ugasanga batanazi ko bafise ADHD.
Agira ati: "Muri abo harimwo abagore baba barashitse kure mu buzima bw'akazi, bakora neza cane kandi bakunda kwamana ubushobozi ku vyo barangura".
Mugabo rero ngo kugira ngo umuntu ashobore gushika kure, ategerezwa gukoresha inguvu nyinshi cane mu guhangana n'ubwo buruhe (aterwa n' ico kibazo ca ADHD)
Dr Muller-Sedgwick avuga kandi ko yasuzumye abagore benshi baje gusaba gufashwa bamaze gushika ku rugero "ruzwi nka ADHD burnout".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Arashimangira ko mu barwayi yakira kwa muganga harimwo abagore barengeje imyaka 40, baba bafise ibimenyetso biza mu gihe kibanziriza ico guca imvyaro (perimenopause).
Asobanura ko "Ibimenyetso (vya perimanopause) atari bimwe vyo kubira ivyuya gusa, harimwo n'ibifatira mu vyiyumviro, kandi bishobora gutuma umuntu yari asanganywe ibimenyetso vyo kugira ivyiyumviro bitari ku murongo (attention deficit) aca amererwa nabi gusumba.
ADHD yoba iriko iragwira?
Ibiharuro vy'abasuzumwa bagatorwa ADHD biraboneka ko biriko biragwirirana mu bihugu vyinshi muri ino myaka.
Nk'urugero, mu Bwongereza, igitigiri c'abarwayi bandikirwa imiti yo kuvurwa ADHD cikuvye gatatu mu myaka 10 ishize.
Muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, ibiharuro vyerekana ko mu 2022 hari abana bagera ku muriyoni bari hagati y'imyaka 3 na17 biyongeye ku bamaze gusuzumwa ico kibazo ca ADHD mu buzima bwabo, ugereranije n'igitigiri bari bamaze gushikako mu 2016.
Icigwa cakozwe mu 2023 cerekana ko ibiharuro vyagabanutse cane bica birongera biraduga kandi mu buryo bwihuse mu gihe c'ikiza ca Covid-19.
Hari isano ryoba riri hagati ya ADHD n'igihe tumara ku bikoresho vy'ubuhinga bwa none?
Mu gihe hari impungenge ko umwanya abantu bamara ku bikoresho vy'ubuhinga bwa none (digital) baba abana canke abakuze, hari abibaza nimba hari isano ryoba riri hagati y'igihe umuntu amara ku rumuri rw'ivyo bikoresho (screen/ ecran) na ADHD.
Dr Muller-Sedgwick agira ati: "Hari ubushakashatsi ku bijanye n'umwanya abana bafise ikibazo ca ADHD bamara ku rumuri (rwa terefone), kandi vyagaragaye ko abafise ikibazo ca ADHD bamara umwanya munini gusumba. Ariko ni nka kurya kw'inkoko n'irigi (biragoye kumenya ikibazo cateye ikindi).

Ahavuye isanamu, Getty Images
Asobanura ko imbuga hwaniro n'izindi nkino (video games) zikorerwa kuri telefone bitanga ubushake [butewe n'imisemburo ya dopamine ituma umuntu agira irari, imeze bwa rumogi)] bukabije cane cane ku bantu bafise ikibazo ca ADHD, kuko dopamine ituma ubwonko bw'umuntu bugira umwete n'ishaka vyo kubandanya ico ariko arakora.
Ivyigwa vyakozwe vyerekana ko kumara umwanya munini ku bikoresho vy'ubuhinga bwa none nka terefone ngendanwa, bituma ibimenyetso vya ADHD mu bana vyibonekeza kuruta, ariko kumenya nimba kumara umwanya munini kuri ivyo bikoresho vyoba bitera ADHD, Dr Muller -Sedgwick avuga ko bigoye kumenya no gusuzuma.
ADHD ivurwa gute?
Gusuzumwa ADHD, inyifato y'umurwayi mu buzima bwiwe bwa minsi yose itegerezwa kubanza kwihwezwa, kandi abaganga barasuzuma uko aba yarigenjeje kuva mu bwana bwiwe.
Nk'akarorero, mu Bwongereza abaganga babanza gusaba ko uwushaka ubufasha, "agira ivyo ahinduriwe, harimwo no guhindura ikibanza" imbere yo kwandikirwa imiti.
Imiti bahabwa mu bisanzwe iri mu bwoko bwa amphetamines canke methylphenidates, igabanya ibimenyetso vya ADHD mu kuduza urugero rw'ibiri mu mubiri vy'ivyunyunyu (chemicals) bikorana n'ubwonko. Iyo miti yompi irashobora gutuma uwuyifata aguma agira irari ryayo mu gihe atayikoresheje neza.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abafise umubiri utihanganira imiti, abaganga babahitishamwo ubundi buryo bwo gufashwa buzwi nka cognitive behavioural therapy (CBT), bushingiye ku gutahura mu buryo bwimbitse ibimenyetso vy'iyi ngwara, hanyuma bakagerageza kwirwanako mu kubigabanya igihe bavyibonyeko.
Ikindi Dr Kandeger ababwira ni ugukora imyimenyerezo ngororamubiri n'ubundi buryo bwo gutekana no kurinda ivyiyumviro vyabo kuyerera (mindfulness).
Agira ati: "Akarorero, nk'iyo turiko turafungura, twari dukwiye kwirinda kugira ikindi kintu turaba muri uwo mwanya.
Canke hari ico turiko turaraba, ntitugerageza kucigiza imbere (akarorero nko gusimba ibice muri filime).
Avuga ko hakwiye kuba n'ibihe vyo kugendagenda ata na kimwe kindi kitujanye, canke tukicara ata kindi turiko turakora, tugaha akanya ubwonko bugatembera ata kintu kinaka turiko turiyumvira.













