Ubudagi bushobora gukoresha inyubakwa z'Ubwongereza ku mugambi wo mu Rwanda -umutegetsi

I Kigali harimo kubakwa inzu zo guturamo (inzu ibamo umuryango umwe) zirenga 500 zubatse mu buryo bwa flats/etages - iyi foto yafashwe mu kwezi kwa 7
Insiguro y'isanamu, I Kigali harimo kubakwa inzu zo guturamo (inzu ibamo umuryango umwe) zirenga 500 zubatse mu buryo bwa flats/etages - iyi foto yafashwe mu kwezi kwa 7
    • Umwanditsi, Becky Morton
    • Igikorwa, Amakuru ya poritike

Ubudagi bushobora gukoresha amazu yubakishijwe n'Ubwongereza mu kwakira mu Rwanda abimukira ama dosiye yabo azoba akiriko arigwa, nk'uko vyavuzwe n'umukuru w'igisata c'amasezerano y'ukwimukira muri ico gihugu.

Joachim Stamp, wo mu mugambwe Free Democratic Alliance, FDP, umwe mu migambwe mitoya iri mu yigize urunani rugize reta, yavuze ko amazu yari agenewe kwakira abimukira birukanywe mu Bwongereza ashobora gukoreshwa n'Ubudagi.

Ariko Chancelier [umushikiranganji wa mbere] w'Ubudagi Olaf Scholz asanzwe muri kahise yarashikirije amakenga ku kwigira mu kindi gihugu amadosiye y'abasaba ubuhungiro ku buryo ico ciyumviro gishobora kutagira intambwe gitera.

Reta nshasha y'Ubwongereza yarafuse umugambi wo kurungika mu Rwanda abarondera ubuhungiro, umugambi wari wazanywe na reta yahahora y'aba Conservative wari gutuma bamwe barungikwa muri ico gihugu.

Wari ugamije guca intege abantu bafata ubwato buto buto kugira bajabuke mu Bwongereza baciye mu kiyaga ca Manche (English Channel).

Uwuhagarariye Ubudagi mu Bwongereza Miguel Berger yerekanye ubudasa buri hagati y'uwo mugambi w'Ubwongereza wahebwe n'ibiriko biravugwa mu Budagi.

''Tubivuge neza. Nta mugambi uhari wa reta y'Ubudagi wo kwirukana abasaba ubuhungiro ngo barungikwe mu Rwanda,'' niko yavuze.

''Ikiriko kiravugwa n'ukwigira mu kindi gihugu amadosiye y'abasaba ubuhungiro hisunzwe amategeko mpuzamakungu kandi bishigikiwe n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.''

Ku mugambi w'Ubwongereza, abasaba ubuhungiro barungitswe mu Rwanda ntawari kwemererwa gusubira mu Bwongereza.

Dosiye yabo yemewe mu Rwanda bari gushobora guca bemererwa kuba mu Rwanda nyene, itemewe naho bagasaba kuba muri ico gihugu ku zindi mvo canke bakarondera ikindi gihugu cokwemera kubakira.

Uwari umushikiranganji w'intwaro yo hagati Suella Braverman ariko aragendera ahariko harubakwa amazu hanze y'igisagara ca Kigali mu rugendo yagize mu Rwanda muri Ntwarante mu 2023

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu mwaka uheze, uwari umushikiranganji w'intwaro yo hagati Suella Braverman yaragendeye ahariko harubakwa amazu yari kwakira abimukira i Kigali
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Co kimwe n'Ubwongereza, reta y'Ubudagi iri ku gitutu co guhangana n'ikibazo c'abarondera ubuhungiro muri ico gihugu bidaciye mu mategeko na cane cane muri iki gihe umugambwe uteye kubiri n'ukwimukira, Alternative for Deutschland (AfD) uherutse kuronka amajwi menshi mu matora yo mu ntara.

Mu kiganiro ku wa kane, Stamp yashikirije iciyumviro ko hashobora kuba umugambi werekeye abantu binjira bazananye ku mbibe z'ubuseruko z'ishirahamwe rya Buraya, uwo mugambi ugakurikiranwa n'ishami rya ONU riraba impunzi, HCR.

Yabandanije ati: ''Gushika ubu nta kindi gihugu kiravyemera, kiretse Urwanda.''

Mu kwezi kwa Munyonoyo (11), Scholz yaremeye kwihweza ko amadosiye y'abarondera ubuhungiro ashobora kwigirwa mu bindi bihugu.

Ariko umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi yaragabishije ko hari ibibazo vy'amategeko vy'ingene uwo mugambi wokora.

Abajijwe ico avuga ku majambo ya Stamp, umuvugizi mu biryo vy'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza (Downing Street) yavuze ko ataco bavuga ku biriko birigwa n'ibindi bihugu.

''Poritike z'ibindi bihugu ziraba ivyo bihugu nyene ubwavyo. Aho duhagaze ku vyerekeye Urwanda harazwi neza,'' nk'uko yongeyeko.

Labour yavuyze ko uwo mugambi wo mu Rwanda cari ikintu kizimvye, aho utsindiye amatora ica irawufuta.

Uwukurikiranira hafi ibikorwa vy'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu mugambwe w'aba Conservative James Cleverly yavuze ati: ''Igikorwa ca mbere ca reta ya Labour kwabaye ugufuta umugambi wo mu Rwanda.

''None ubu Ubudagi bushaka gukoreshga ivyo twubatse.

''Abantu bonyene bariko barungukira muri politike ataco zinezwe za Labour n'abajabutsa abantu mu kinyegero hamwe n'ishirahamwe rya Buraya.''

Uwo mugambi wagiye urabangamirwa n'abawurwanya bishimikije amategeko gushika aho ata mwimukira n'umwe yigeze arungikwa mu Rwanda.

Ariko amazu yo kwakira abimukira, yubakishijwe ku buryo bw'Ubwongereza, yari yamaze kwubakwa ku murwa mukuru, Kigali, aho umwe mu bajejwe gutunganya imwe muri ayo mazu, yabwiye BBC mu kwezi kwa Ndamukiza (4), ko yari ikwije ibikenewe kugira itangure kwakira abantu.

Reta y'Ubwongereza ubwa mbere yari yavuze ko iriko iriga ko yogaruza amwe mu miriyoni 220 z'ama pound [Amafaranga y'Abongereza] -hafi miriyardi 390 mu mafaranga y'Urwanda- yahawe reta y'Urwanda muri uwo mugambi.

Ariko Urwanda rwavuze ko rudategerezwa gusubiza ayo mafaranga.