Umuhari wa M23 wigaruriye igisagara ca Masisi

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
- Igikorwa, BBC Gahuza
- Igihe co gusoma: iminota 2
Umuhari M23 bivugwa ko ufashwe mu mugongo n'Urwanda uvuga ko kuri uyu wa gatandatu wafashe igisagara ca Masisi inyuma y'imisi ine intambara ibica bigacika mu micungararo yaco.
Igisagara ca Masisi kiri ku birometero 80 mu burengero bwa Goma.
Ico gisagara gifashwe inyuma y'ica Katale.
"Abagwanyi ba M23 binjiye mu gisagara ca Masisi ku wa gatandatu isaha umunani, kandi nta ntambara yabaye mu gisagara hagati," nk'uko bivugwa na Olivier Kanyejomba arongoye ishirahamwe 'Société Civile Congolaise' rifise icicaro mu gisagara ca Masisi.
Olivier abandanya avuga ko intambara zikaze zabereye i Gasheberi mu micungararo y'igisagara ca Masisi.
BBC Gahuzamiryango yabajije umuvugizi wa M23, Willy Ngoma, nimba koko ari bo bagenzura ico gisagara yishura "Yego."
Mu nyuma yongeyeko " turi indani kandi abaturage baratekanye."
Ku murongo wa terefone twabajije muvugizi w'igisirikare ca RD Congo muri ako karere, Col Guillaume Njike Kaiko ivyerekeye ifatwa ry'igisagara ca Masisi, ntiyavyemeza canke ngo abihakane.
Bivugwa ko abasivire bamwe bahungiye ahitwa Nyavyondo, ariko ko hari n'abandi bagumye mu mihana yabo.
Muri Video, Willy Ngoma yahaye BBC Gahuza, amasanamu yerekana umugwanyi wa M23 ariko arashikiriza ijambo abanyagihugu, bahejeje gufata igisagara ca Masisi.
Agira ati:"Mwarakoze kwihangana. Ntivyari vyoroshe kwihanganira abazalendo na FARDC, babiba ariko ntimukakaze. Mwarihanganye bikwiye.
"Umwanya n'uyu urashitse kugira tubatabare. Kubera bagenzi banyu b'i Lubero twarabatabaye, abo i Rutshuru, abo i Rubaya n'ahandi."
BBC Gahuza ntirashobora guhinyuza ko izo video ari izafatiwe mu gisagara ca Masisi.
Muri iyo ntambara, Urwanda rwagirizwa gufata mu mugongo umuhari M23 ariko rukabihakana; mu gihe Congo na yo yagirizwa gufasha umuhari FDLR ugwanya reta y'Urwanda ukoresheje ibigwanisho, na yo nyene ikaba ivyamirira kure.
Bivugwa ko ifatwa ry'ico gisagara ari akaryo keza ku muhari M23 ko gushobora kwigarurira ikindi gisagara gikomeye ca Walikare.
Abanyagihugu bavuga ko intambara zikaze cane ziriko zirabera i Rwangara, hari ibirombwe vy'amabuye y'agaciro.
M23 igenda yigarurira ibice binini birimwo amabuye y'agaciro.
Ivyo bishobora gutuma ironka uburyo bwinshi buvuye mu makori y'amakompanyi yimba ubwo butare.
Mu mwaka uheze, vyasa n'uko Angola yateye intambwe mu ntumbero yo guhuza prezida Felix Tshisekedi wa Congo na Paul Kagame w'Urwanda mu biganiro vy'amahoro.
Ariko ivyo biganiro ntivyabaye bikiba mu kwezi guheze, bituma intambara zisubira gusutama, abasivire na bo barayanyaga barokora ubuzima bwabo.









