Gumiza igitutu kuri Russia, Zelensky abwira G7

Ahavuye isanamu, PA Media
Prezida wa Ukraine Volodimyr Zelensky yasavye abategetsi b’ibihugu indwi vya mbere bikize kw’isi bihurikiye mu mugwu G7 “kutagabanya kwotsa igitutu Uburusiya no kubandanya barunda ingingo z’ibihano “ziremereye” ku Burusiya, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP.
Zelensky yabivugiye mw’ijambo yashikirije ku buryo bwa video-link, ku munsi ugira kabiri w’inama y’iminsi itatu y’abakuru ba G7.
Yongeye gusaba ko Ukraine ihabwa ibindi bigwanisho biremereye hamwe n’ivyo kwikingira ibitero vy’indege kugira Ukraine yihagarareko mu gihe Uburusiya bukomeje kuyigabako ibitero vya misire.
Umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi Olaf Scholz avuga ko G7 “izobandanya kwongereza igitutu kuri Putin”.
Zelensky yifuza ko intanbara irangira imbere y’uko uyu mwaka uhera. Umukuru wa Ukraine yabwiye abategetsi ba G7 ko ashaka ko intambara yo muri Ukraine irangira imbere y’uko igihe c’imbeho (winter/hiver) gitangura, ku bwa Reuters.
Zelensky yavuze ko ingene hazoboba hameze ku rugamba bitazokworohera ingabo ziwe kwivuna, aca asaba abategetsi ba G7 gukora ibishoboka vyose kugira intambra irangire imbere y’uko umwaka uhera, nk’uko AFP ibivuga ikurikije isoko ryayo.
Muri iyo nama ya G7 iriko irabera Elmau Castle muri Kruen mu Budagi, Zelensky yasavye kandi imfashanyo yo gusubira kwubaka igihugu, ibigwanishjo vyo kwirinda ibitero vy’indege, ubufasha bw’ingene Ukraine yoshora intete zayo hamwe n’uburyo bwo kuyizera umutekano.
End of Izindi nkuru mushobora gusoma
Ni ibihe bihano bishasha bishobora gufatirwa Uburusiya?
Abategetsi ba G7 bariko barihweza ibihano bishasha bofatira Uburusiya kugirango bakongataze inguvu za Putin mu ntambara.
Intumbero n'ukugira bereke Putin ko ibihugu vy’uburengerazuba bitariko birahesha , nk’uko bivugwa n’umunyamakuru akurkirana ivy'imigenderanire (diplomacie) James Landale.
Inzahabu
Ku wa mungu, Ubwongereza, Amerika, Canada n'Ubuyapani vyavuze ko bigiye kubuza kugura inzahabu z'Uburusiya kugira babuze Moscou kuronka uburyo bwo gushira mu ntambara muri Ukraine.
Umukuru wa Amerika Joe Biden yavuze ko ibindi bihugu vya G7 - Ubudagi, Ubufaransa n'Ubutaliyano - navyo bizohagarika kugura izo nzahabu.
Gushora inzahabu vyinjirije Uburusiya miriyaridi 15.4 z'ama dorari mu 2021, Ubwongereza bukavuga ko ubu inzahabu zarushirije kugira ikibanza gikomeye kuko ba ruhebwa mu gutunga bihutira kugura inzahabu kugira birinde ibihano.
Ibitoro
Ibihugu vya G7 biriko biraraba kandi ingene vyoshinga igiciro ntarengwa ku bitoro vy'Uburusiya, nk'uko bivugwa ko vyashikirijwe n'umutegetsi wo muri Amerika.
Uwo mutegetsi asubirwamwo na AFP ko yavuze ati: "Turacariko turaheraheza ibiganiro n'abandi bo muri G7 kugira duheraheze iyo nteguro, ariko turi hafi yo gushika aho abategetsi ba G7 bafata ingingo yo gutegeka abashikiranganji babijejwe gushiraho indinganizo yo gushinga igiciro ntarengwa c'ibitoro vy'Uburusiya".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kwivuna abansi
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatangaje kandi ibihano bishasha ku gisata co kivuna c'Uburusiya, nk'uko bivugwa na AFP.
Ibiro vy'umukuru w'igihugu White House vyavuze ko " abategetsi ba G7 bazoja ku murongo umwe hanyuma bongereze ibihano bizorushirizaho kubuza Uburusiya kuronka ubuhinga bw'ibihugu vyo mu burengerazuba bushobora gushigikira inganda z'ibigwanisho z'Uburusiya.
Amerika izorushirizaho kandi kugabanya ubushobozi bw'Uburusiya bwo gusubiriza ibikoresho vya gisirikare bumaze gutakaza mu ntambara.
Amakori
Abategetsi ba G7 bivugwa kandi ko bumvikanye ko amafaranga ava ku makori yongerejwe ku bicuruzwa vy'Uburusiya yohabwa Ukraine, ku bwa AFP isubiramwo ivyavuzwe n'ibiro vy'umukuru wa Amerika.
Umutegetsi w'umunyamerika yavuze ko abategetsi ba G7 bazorondera ububasha bwo gukoresha amafaranga yose yongerejwe ku bicuruzwa vy'Uburusiya mu mfashanyo zihabwa Ukraine kugira Uburusiya abe aribwo buriha intambwara bwateje bwo nyene.










