Umusirikare wa RD Congo “yishwe yajabutse kurasa mu Rwanda” – RDF

Ibirangantego vy'ibisirikare vya RD Congo n'Urwanda

Igisirikare c’Urwanda, RDF, cemeje ko hari umusirikare wa Congo yarashwe arapfa inyuma yo kwinjira akarasa kandi agakomeretsa abantu muri Rubavu ku mupaka ivyo bihugu bihana.

Itangazo rya RDF rivuga ko uwo musirikare wa Congo atamenyekanye umwidondoro yari afise inkoho yo mu bwoko bwa AK47 [Kalashinikov].

Rivuga ko “Muri iki gitondo hafi y’isaha 08:45 [isaha zibiri n’iminota 45 zo mu gitondo], umusirikare w’umunye-Congo atamenyekanye yari yitwaje inkoho yo mu bwoko bwa AK47 yajabutse “Petite Barriere” ku rubibe rwa Rubavu atangura kurasa abajejwe umutekano b’Urwanda n’abanyagihugu basanzwe bariko barajabuka”.

Rivuga ko yakomerekeje abapolisi babiri b’Urwanda imbere y’uko mugenzi wabo nawe amurasa akamwica.

Itangazo rivuga ko uwo musirikare wa Congo yiciwe ku metero 25 imbere ku butaka bw’Urwanda.

Umugwi w’abahinga ba gisirikare bo mu karere basanzwe bagenzura bakanatohoza ibibazo vy’umutekano bariko baragendera akarere ka Petite Barriere.

Icuka cifashe nabi hagati y’Urwanda na Congo yagiriza ico gihugu gufasha umugwi witwaje ibigwanisho wa M23 mu ntambara urimwo n’ingabo za Congo mu ntara ya Nord Kivu.

Ku ruhande rwa Congo rw’umupaka ihana n’Urwanda hakurya y’aho uwo umusirikare yiciwe, muri iyi ndwi habaye imyiyerekano y’abanye-Congo yo kwiyama Urwanda.

Urwanda rurahakana ivyo ruregwa na Congo.

Abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza Urwanda i Goma

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku rubibe ku ruhande rwa Kongo kuwa gatatu habereye imyiyerekano yo kwiyamiriza Urwanda

Ku wa gatatu urwego rukuru rujejwe umutekano muri Congo rwasavye reta y’ico gihugu guhagarika amasezerano yose rufitaniye n’Urwanda kubera "igitero rwagavye" kuri Congo.

Itangazo ry’inama yarwo idasanzwe yari irongowe n’umukuru w’igihugu Felix Tshisekedi, yasavye reta arongoye “gutegeka Urwanda gukura ako kanya ingabo zarwo zinyegeza inyuma y’umutwe w’iterabwoba wa M23 ku butaka bwa Congo".

Icegera c’umuvugizi wa reta y’Urwanda, Alain Mukuralinda, yavuze ati "reka dutegereze turebe" niba icyemezo cy'iyo nama reta izacemeza.