Amazina n'amafoto: Muvuduka, Niyongabo, Niyonsaba, Nkazamyampi... Ba rurangiranwa mu kwinonora imitsi mu Burundi n'ivyo bashitseko

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu gihe twari tumaze imisi tubashikiriza ibiganiro vy'imvo n'imvano ku banonotsi babiciye biracika mu Rwanda no mu Burundi mu myaka ya 80 na 90 mu kwinonora imitsi, dushimye kugaruka ku mafoto amwe amwe ya barurangiranwa mu Burundi n'ico bamaze.
Francine Niyonsaba
Umurundikazi Francine Niyonsaba n'umwe mu banonotsi ba vuba cane babiciye biracika baronka n'ubushimwe bwinshi harimwo umudari wa olempike ugira kabiri, inyuma y'aho Venuste Niyongabo azaniye umudari wa mbere mu 1996.
Mu Burundi, afise imihigo ikurikira:
- Afise umuhigo mu kwiruka imetero 400 mu masegunda 53, i Eugene itariki 4.05.2018
- Afise umuhigo mu kwiruka imetero 800 ku kibuga mu munota 1'55''47, i Monaco, itariki 21.07.2017
- Afise umuhigo wo kwiruka imetero 8000 mu nzu [salle] mu munota 1'58''31, i Birmingham, itariki 4.03.2018
- Afise umuhigo wo kwiruka imetero 3000 mu minota 8'19''08 , i Paris, itariki 28.08.2021
- Afise umuhigo wo kwiruka imetero 5000 mu minota 14'25''34, i Bruxelles, itariki3.09.2021
- Afise umuhigo wo kwiruka imetero 10.000 mu minota 30' 41''93, i Tokyo 7.08.2021
Kw'isi:
- Afise umuhigo wo kwiruka imetero imetero 2000 mu minota 5'21''56, i Zagreb, itariki 14.09.2021
Kubera ubwira n'umwete yerekanye mu kwinonora imitsi, Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye yamuteye iteka ryo kwitwa Ambassadeur.
Muri kino gihe Francine Niyonsaba ntariko arahiganwa kubera kwagirizwa kugira imisemburo iruta iyo abandi bagore.
'Muvuduka'

Ahavuye isanamu, DIEUDONNE KWIZERA
Dieudonne Kwizera batazira Muvuduka ni we ubu arongoye ishirahamwe ryo kwinonora imitsi mu Burundi [Federation d'athletisme du Burundi].
Yarafashije cane abanonotsi batari bake kumenyekana hirya no hino kw'isi.
Venuste Niyongabo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Venutse Niyongabo yatanguye gutsindira umudari wa mbere mu nkino mpuzamakungu [World Junior Championships] z'abakiri bato mu 1992, aho yatwaye umudari w'ifeza [Argent] ku metero 1500.
Mu 1995, mu nkino z'isi z'abakuze, yaratsindiye umudari w'umujumpu [Bronze] ku metero 1500 nyene, mw'ihiganwa ryabereye i Gothenburg mu gihugu ca Swede.
Mu mwaka ukurikira, mu 1996, ni ho yatwara umudari w'inzahabu mu nkino za olempike zabereye i Atlanta muri Reta zunze Ubumwe za Amerika, ku metero 5000.
Arthemon Hatungimana
![Arthemon Hatungimana afise umudari w'ifeza [ Argent] wo mw'ihiganwa ry'isi ku metero 800 n'uwo inzahabu mu nkino za Afrika yose akaba yayironse mu 1995.](https://ichef.bbci.co.uk/ace/ws/640/cpsprodpb/486b/live/23808000-e5fb-11ee-8bf3-195418ba9285.jpg.webp)
Ahavuye isanamu, Getty Images
Arthemon Hatungimana yatanguye kwitaba ihiganwa mpuzamakungu mu 1992 muri Korea aho yabaye uwo icenda mu metero 400.
Umudari wa mbere yawuronse mu mwaka ukurikira. Yaronse umudari w'umujumpu ku rwego rwa Afrika ku metero 800.
Mu 1995, mu nkino z'isi yaronse umudari w'ifeza i Gothenburg ku metero 800, uwo mwaka nyene aca aronka uwo inzahabu mu nkino za Afrika i Harare, muri izo metero nyene.
Antoine Gakeme

Ahavuye isanamu, Getty Images
Antoine Gakeme azwi mu kwiruka imetero 800, akaba yaraserukiye Uburundi mw'ihiganwa ry'isi yose mu 2013 no mw'ihiganwa rya Afrika mu 2014.
Gekeme afise umudari w'ifeza mu kwiruka imetero 800 mu nzu, yaronkeye i Portland muri Reta zunze Ubumwe za Amerika mu 2016.
Charles Nkazampampi

Umunonotsi Charles Nkazamyampi yari akomeye cane mu myaka ya 90, ariko kubera ibihe igihugu caciyemwo ntiyageze kure.
Mu 1988, yaronse umudari w'umujumpu mukwiruka bahanahana udukoni mu nkino za Afrika.
Mu 1992 yatwaye umudari w'inzahabu mw'ihiganwa rya Afrika aho yirutse imetero 8000 mu 1'46''95.
Kubera ko Uburundi butari bwinjire mw'ishirahamwe mpuzamakungu ryo kwinonora imitsi [Comité international olympique], Charles Nkazamyampi yarankiwe guhiganwa mu nkino za olempike zabereye i Barcelone muri Espagne mu 1992.
Ariko mu mwaka ukurikira mu 1993, mw'ihiganwa mpuzamakungu ribera mu nzu (salle), Charles Nkazamyampi yaratahukanye umudari w'ifeza i Toronto muri Canada, aho yagize umwanya wiwe wa mbere mwiza 1'47''62.
Ico gihe yirutse yaraye amenye ko abavyeyi biwe baraye bishwe, ariko akavuga ko yinanase n'aho yari afise umutima mubi aratahukana ico kibanza ca kabiri.
Françoise Bucumi

Bucumi Françoise n'umwe mu banonotsi bahevye kwiruka hakiri kare kubera intambara yo mu 1993.
Gushika ubu, mu Burundi aracafise umuhigo mu kwiruka imetero 200 mu masegunda 25.64 yaronkeye i Cairo mu Misri mu 1991.
Cassien Ntahimpera

Imihigo yose ko ari itatu (yo mu Burundi), imetero 100, 200, na 4x100, Ntahimpera yiyiciye mu 1988. Amaze imyaka 36 ari we afise iyo mihigo.
Yaritavye amahiganwa menshi mpuzamakungu atandukanye harimwo aya Afrika na mpuzamakungu.
Aloys Nizigama

Aloys Nizigama afise umuhigo mu Burundi wo kwiruka imetero 10.000 yaciriye i Londres mu 1995, aho yagize 27'20''38.
Mw'ihiganwa rya olempike i Atlanta zabereye muri Reta zunze Ubumwe za Amerika mu 1996, Nizigama yararonse ikibanza ca 4.
Mw'ihiganwa ry'isi ryo mu 1993, ryabereye i Stuttgart mu Budagi yaronse ikibanza ca gatanu mu metero 10.000.
Rubambaziroha

Christophe Ntirandekura benshi bazi kw'izina rya Rubambaziroha yaramenyekanye cane mu myaka ya 90 aco yaca imihigo ibiri mu Burundi, n'ubu ata n'umwe aramurengana.
Mu gusimba amakike (uburebure), ni we wenyene amaze kugira imetero 7,14 co kimwe no mu gusimba 'triple saut' yagize imetero 15,70.
Ivyo yabikoze mw'ihiganwa rya Rubambaziroha ryahuza ibihugu vy'akarere rikabera i Bujumbura.
Uwuronse amanota menshi ni we yaca aba Rubambaziroha w'uwo mwaka.
Christophe Ntirandekura rero yabaye Rubambaziroha wo mu 1991.
Iryo higanwa ryaba buri myaka ibiri, ryabaye kabiri gusa, mu 1989 no mu 1991.
Kubera amagume, mu 1993 ntiryabaye,










