Iran: Abagore babiri batari bitwikiriye batewe amata baca barahagarikwa

Insiguro ya video, Irani: Raba ingene uyu mugabo yateye ikopo y'amata abagore batari bitwikiriye mw'iduka
    • Umwanditsi, Alys Davies
    • Igikorwa, BBC News

Abagore babiri bahagaritswe inyuma y’aho umugabo abateye amata yo mw’ikopo (yoghurt/yaourt), kubera bagaragaye batitwikiriye.

Muri videwo yazungurutse cane, uyu mugabo aboneka yegera aba bagore babiri bari binjiye mw’iduka gusuma, atangura kuvugana nabo.

Mu nyuma yafashe ikiboneka nk’ikopo y’amata n’ishavu ryinshi ayabatera ku mitwe.

Igisata c’ubutungane ca Irani kivuga ko abo bagore babiri baciye bahagarikwa kubera berekanye imishatsi yabo, iki kikaba ari icaha gihanwa n’amategeko muri Irani.

Kivuga kandi ko uyu mugabo na we nyene yaciye ahagarikwa kubera guteza uruhagarara.

Ihagarikwa ry’aba bagore ribaye inyuma y’amezi yaranzwe n’imigumuko mu gihugu, aho abari muri yo basaba ko itegeko ritegeko abagore kwitwikira ryovanwaho.

Iyi videwo yerekana aba bagore bari mw’iduka, barindiriye ko umukozi waryo abakira. Niho umugabo aboneka ko yariko ararengana yabegera hanyuma atangura kubashwanira.

Ahejeje kubavugisha, yafashe ako gakopo k’amata akabasuka ku mitwe. Uwujejwe umutekano muri iyo duka yaciye amusohora.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Haciye hasohorwa imitahe hanyuma abo batatu bose baca barahagarikwa, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru ajanye n’ubutungane, Mizan.

Ryongerako y’uko nyen’iduyka yaciye arungikirwa “ubutumwa nkenerwa” bumubwiriza gukurikiza amategeko.

Ku bagore, kutambara umwitwikiro mu bantu, umwitwikiro uzwi muri Islam nka hijab, birahanwa n’amategeko muri Irani, ariko mu bisagara bikuru bikuru benshi barigira batayambaye n’aho hari ayo mategeko abibabuza.

Iri tegeko rirateje umujinya n’uburakari muri Irani.

Mu kw’icenda haradutse imyiyerekano mu gihugu cose inyuma y’urupfu rwa Mahsa Amini, umugore w’imyaka 22 yari mu minwe y’igipolisi kijejwe imico ku mugwa mukuru Tehran, yagirizwa ko yari yambaye “nabi” hijab yiwe.

Iyi myiyerekano yaragutse, ariko yagumye ishingiye ku kibazo ca hijab.

Ibihumbi n’ibihumbi barahagaritswe, nayo bane mu bari muri yo bakaba bamaze kunyongwa kuva muri Kigarama (12). Ariko abategetsi ntiberekana ikimenyetso na kimwe co kurekura.

Umushingamateka umwe agendera ku vyiyumviro bikaze, Hossein Ali Haji Deligani, yagabishije ubutungane ko butegerezwa gusohora ingingo zo guhagarika ihonyangwa ry’aya mategeko mu masaha 48 ari imbere.

Nayo ejo ku wa gatandatu, umukuru w’igihugu ca Irani Ebrahim Raisi yarashimangiye ko abagore b’abanya-Irani bategerezwa kwambara hijab “nk’uko idini ribibategeka”.

Asubirwamwo n’itororokanirizo ry’amakuru AFP avuga ati: "Hijab ni itegeko rero ni ngombwa kuryubahiriza”.