SA: Umurwi wahagaritswe gusubira gukina inyuma yo kwitsinda ibitsindo 41

Net

Inyuma y’aho imirwi ine ihagarikiwe burundu gukina mu cicaro ca kane mu mupira w’amaguru muri Afrika y’Epfo kubera ubusuma bw’inkino bakoze mu ntumbero yo gutsindira ihiganwa, abategetsi bateguye inyigisho zo guha abamenyereza, abarongoye imirwi n’abahagarikizi b’inkino.

Mu gihe imirwi Matiyasi FC na Shivulani Dangerous Tigers yari kw’isonga yariko irwanira ikibanza ca mbere mu kwezi guheze, niho hibonekeje ibintu bidasanzwe mu gutsindana.

Aba Tigers batsinze Kotoko Happy Boys ibitsindo 33 kuri kimwe (33-1) mu mpera z’ukwa gatanu, maze Matiyasi ica irabikorerako mu gutsinda Nsami Mighty Birds iri mu kibanza ca gatatu ibitsindo bitangaje 59-1.

Abarongoye iyi mirwi bahagaritswe mu kiringo c’imyaka iri hagati y’itanu n’umunani kubera uruhara bagize mu busuma bufatiye ku kugena ibiva mu rukino (game/match fixing) ku wa 22 Rusama (5), mu gihe abahagarikiye izi nkino zompi bahawe igihano co kudasubira guhagarikira urukino urwo ari rwo rwose mu kiringo c’imyaka cumi.

Vincent Ramphago, umukuru w’akarere ka Mopani, yabwiye BBC Sport Africa ati: “Aba bantu ntibasonera umupira w’amaguru, kandi ntidushobora kwemera ko ibintu nk’ibi bisubira.

“Ikibabaje ni uko n’abakinyi bakiri bato babirimwo kuko amategeko y’ihiganwa avuga ko ari ngombwa y’uko buri murwi ukinisha n’imiburiburi batanu bari musi y’imyaka 21.

“Intumbero yacu mu gutegura amahiganwa ni ukugira ngo dushobore gutegura abakinyi bakiri bato kugira ngo bazoshobore gukinira [umurwi nserukiragihugu] Bafana Bafana”.

Ariko n’aho iyi mirwi yakoze ivyo, ivyo bitsindo vyose nta kintu kinini vyayimariye kuko umurwi Gawula Classic wari wahejeje uri mu kibanza ca kane muri iryo higanwa watangajwe ko ari wo watahukanye ihiganwa ryo mu ntara ya Mopani.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibi vyabaye inyuma y’aho imirwi itatu iri hejuru yawo iherewe ibihano, mu gihe Shivulani yayisumvya amanota atatu, tutavuze ko yayirusha n’ibitsindo 16 vyose imbere y’uko inkino zo kuri uwo musi wa nyuma zitangura.

Ramphago ati: “Amatohoza yacu yasanze imirwi Matiyasi na Nsami yashaka kuzibira Shivulani ngo ntihave itwara ikibanza ca mbere baca bemeranya ibitsindo batsindana kugira ngo ibi bishoboke”.

“Bamaze kwumva ko Matiyasi bari bamaze gutsinda 22-0 mu gice ca mbere c’urukino, Shivulani yaciye yumvikana na Kotoko Happy Boys kugira ngo isohore abakinyi. Abakinyi bavuye mu kibuga bavuze ko bari barushe, bituma umurwi wabo usigarana abakinyi indwi gusa mu kibuga.

“Ni mu gihe mu rukino rwa Matiyasi, umuhagarikizi yahaye abakinyi ba Nsami amakarata atukura kugira ngo uyu murwi usigarane abakinyi indwi gusa”.

Igihe iyo mirwi ihura imbere y’aha mu kwa gatatu, batsindanye ibisanzwe, aho Matiyasi yatsinze Nsami Mighty Birds 2-1, Shivulani Dangerous Tigers nayo inganya na Kotoko Happy Boy 2-2.

Komite ijejwe indero yaramaze kuronka ivyemezo vy’imyumvikano hagati y’iyi mirwi, maze abahagarikizi nabo baca bakora amanyanga.

Abakinyi b’iyi mirwi ine bo mu ntara Limpopo iri mu buraruko bwa Afrika y’Epfo bazomenya amaherezo yabo mu misi mike iri imbere.

Ibihano bikomeye biritezwe inyuma y’aho abakinyi ba Kotoko Happy Boys baviriye mu kibuga batsinzwe 33-1, hanyuma bikamenyekana ko Nsami Mighty Birds yitsinze ibitsindo 41 muri urwo rukino batsindiwemwo 59-1 – inyuma yo guheza urukino basigaye ari indwi bonyene bari mu kibuga.

Ramphago ati: “Tumaze gukora amatohoza twasanze mbere bimwe mu bitsindo vya Matiyasi bitanditswe neza kubera umuhagarikizi yananiwe no gusigura ibiri mu cegeranyo ciwe”.

Ramphago, asanzwe arongoye komite y’amahiganwa muri iyo ntara, yongerako ati: “Twasanze umuhagarikizi yiyandikira ngo umukinyi nomero 2 yinjije ibitsindo 10, umukinyi nomero 5 yinjiza 20, n‘ibindi n’ibindi – ariko hari 41 bitsinze, none ibi babiharura gute”?

Aba Birds bari bashavuye

Umumenyereza wa Nsami Mighty Birds, Neil Thwala, yabwiye iradiyo y’igihugu ko abakinyi biwe bagiye mu kibuga bashavuye igihe baja gukina na Matiyasi.

Umumenyereza Nsami avuga ati: “Mu rukino ruheruka, twabwiwe ko umuhagarikizi ari umwe mu bagize Shivulane Dangerous Tigers”.

“Twinjije ibitsindo bine ariko vyose vyarafuswe n’umuhagarikizi, hanyuma mu nyuma nabo batera umupira inyuma y’igori ariko umuhagarikizi yemeza ko ati igitsino. Tumaze kwitwara mw’sihirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika y’Epfo, SAFA, twabwiwe ko ingingo y’umuhagarikizi ari ntabanduka.

Imitwe y’abakinyi ntiyari mu rukino kuko n’aho bari gutsinda, bari bazi ko ataco vyari kubafasha. Jewe nk’umumenyereza naragerageje kubasubiza mu kibuga ariko vyari bigoye – ntaco nari gukora”.

Ugutsindana nk’uko si ikintu gishasha mu mupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika, aho imirwi ibiri yo muri Nigeria yahawe ibihano vyo kudasubira gukina mu kiringo c’imyaka 10 mu 2013 inyuma yo gutsinda 79-0 na 67-0.

Ariko rero agahebuza ni muri Madagascar habaye intsinzi y’ibitsindo 149–0 y’umurwi AS Adema inyuma y’aho umurwi bari bahanganye wa SO l'Emyrne witsinze wikurikiranya inyuma y’ukutumvikana kwadutse hagati y’umumenyereza wabo n’umuhagarikizi w’urukino.