Kylian Mbappe imbere ya Messi na Ronaldo mu bakinyi batunze cane ku rutonde rwa Forbes uyu mwaka

Kylian Mbappe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mbappe amaze gutsinda ibitego 182 mu nkino 228 za PSG

Kylian Mbappe aza mu kibanza ca mbere ku rutonde rwa Forbes rw'abakinyi bafise amahera menshi - ubwa mbere umuntu atari Lionel Messi canke Cristiano Ronaldo abaye uwa mbere kuri urwo rutonde mu myaka icenda iheze.

Forbes igereranya ko uwo mukinyi w'imbere wa Paris St-Germain Mbappe w'imyaka 23, azoronka imiliyoni 128 z'amadolari muri uyu mwaka.

Uwo bakinana na Mbappe muri PSG Messi ni uwa kabiri na miliyoni 120 z'amadolari hanyuma umukinyi w'imbere wa Manchester United Ronaldo akaza mu kibanza ca gatatu n'imiliyoni 100 z'amadolari.

Neymar na Mohammed Salah ni bo bakwiza igitigiri c'abakinyi batanu ba mbere.

Umukinyi w'imbere wa PSG na Brezil Neymar azoronka amahera ashobora gushika imiliyoni 87 z'amadolari mu mwaka wa 2022-2023 hanyuma umukinyi w'imbere wa Liverpool Salah ayangana na miliyoni 53 z'amadolari.

Uwundi mukinyi yigeze kuza ubwa mbere kuri urwo rutonde atari Messi na Ronaldo ni kizigenza w'umugwi w'Ubwongereza David Beckham mu mwaka wa 2013.

Mbappe yashize umukono ku masezerano arimwo uturusho twinshi y'imyaka itatu na PSG mu kwezi kwa gatanu, biza kurangiza ibihuha vyamurungika mu mugwi wa Real Madrid mu ci.

Uwo mufaransa yatwaye igikombe c'isi, amaze gutwara ibikombe 11 muri uwo mugwi, harimwo bine vy'ihiganwa ryo mu Bufaransa, kuva agiye muri uwo mugwi umutijwe na Monaco mu 2017.

Erling Haaland, amaze gutsinda ibitego 19 mu nkino 12 mu mugwi wa Manchester City kuva ashitse muri uwo mugwi avuye muri Borussia Dortmund, ari muri 10 ba mbere, ku nimero zitandatu.

Uwo mukinyi w'imbere wa Norvege, n'umwe mu bakinyi bane bo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza bari muri cumi ba mbere kuri urwo rutonde iruhande ya Ronaldo, Salah na mugenzi we bakinana muri Manchester City, Kevin de Bruyne.

Abakinyi b'umupira w'amaguru ba mbere binjiza amahera menshi