Igeregeza ribangabanganisha imiti igabanya ubuvyibuhe bukabije

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, James Gallagher
- Igikorwa, Health and science correspondent
Igerageza ribangabanganisha imiti ibiri yo kugabanya ubuvyibuhe ikoreshwa na benshi ryerekanye ko uwuzwi nka Mounjaro ukora neza gusumba uwundi bishaka gukora kimwe witwa Wegovy.
Iyo miti yompi irafasha abashaka kugabanya ibiro bimwe biboneka, Mounjaro ufasha kugabanuka gushika kuri 20% iyo ukoreshejwe mu kiringo c'amayinga 72, mu gihe Wegovy utarenza 14 % nk'uko abakoze iri geregeza babisanze.
Abayoboye ubu bushakashatsi bavuga ko buri muti muri iyi ibiri ufise uruhara wiharije, ariko Mounjaro ushobora gufasha abafise ibiro vyinshi kubigabanya cane.
Iyo miti yompi ikorera mu bwonko, biciye mu kwumvisha ubwenge bw'umuntu ko ahaze, kugirango ntiyiteho gufungura vyinshi, ahubwo agakoresha inguvu aba asanganywe mu mubiri, ariko bagasobanura ubutandukane bwayo bafatiye ku buryo ikorana n'ubwo bwonko.
Wegovy, usanzwe uzwi kandi nka semaglutide, wigana imisemburo isanzwe ituruka mu mubiri iyo umuntu ahaze, ikazibira inzira imwe y'imisemburo ituma ubwonko busubira kwiyumvira inzara. Nayo Mounjaro, canke tirzepatide, ikazibira inzira zibiri.
Iri gerageza, ryashizwemwo uburyo n'ikigo Eli Lilly, ari naco gikora umuti Mounjaro, ryakozwe ku bantu 750 bafise ubuvyibuhe bw'umurengera, bafise ibiro ngereranyo 113.
Basabwe kunywa umuti bahisemwo muri iyi ibiri, ku rugero rwo hejuru hashoboka bashobora kwihanganira.
Ivyavuye muri iryo gerageza, vyashikirijwe imbere y'umugwi w'inama ya Bulaya ushinzwe ikibazo c'ubuvyibuhe burenze urugero (European Congress on Obesity), mu nama yabereye Malaga, bigashirwa mu kinyamakuru the New England Journal of Medicine, vyagaragaje ko:
32% mu bantu bagiye muri iryo gerageza, barataye ibiro gushika kuri santimetero 18 (18cm) z'ubwaguke mu rukenyerero (mu nda) kubera gufata umuti wa Mounjaro, ugereranije na 16% mu bantu bari ku muti wa Wegovy.
Abari kuri Mounjaro batakaje 18cm z'ubwaguke mu nda, nayo abari kuri Wegovy batakaza 13cm mu nda nyene.
Abari ku muti wa Mounjaro, amaraso yabo yatembera neza, kandi urugero rw'isukari mu mubiri ndetse na Cholesterol bikaba bimeze neza.
Iyo mirwi yompi yagize ingaruka zo gufata iyo miti nka zimwe.
Abagore vyagaragaye ko ari bo batakaza ibiro vyinshi gusumba iyo bari kuri iyi miti.
Dr Louis Aronne, yatunganije ico cigwa, ku kigo kijejwe gukurikirana ibibazo vy'ubuvyibuhe burenze urugero (Comprehensive Weight Control Center) ca Weill Cornell Medicine muri New York, yagize ati: "Abenshi mu bantu bafise ibiro birenze urugero (obesity) usanga ataco bibatwaye iyo bari ku muti wa semaglutide (Wegovy), ariko abafise ubuvyibuhe burenze urugero (overweight) bamererwa neza gusumba iyo bakoresheje umuti wa tirzepatide (Mounjaro)."
Mu bigo vyigenga, tirzepatide irakoreshwa cane gusumba semaglutide'.
Abagura 'tirzepatide' ku giti cabo bararuta kure abagura 'semaglutide'
Mu Bwongereza iyo miti yompi irashobora kuboneka ku bigo vy'abahinga bafasha abantu bafise umugambi wo kwicungera ku biro bafise, ariko kandi iyo miti ishobora no kugurwa n'abantu ku giti cabo.
Porofeseri Naveed Sattar, wo muri kaminuza ya Glasgow, avuga ko iyo miti ari yo mahitamwo meza ku barwayi, ariko naho benshi usanga bashimishwa no gutakaza ibiro gushika kuri 15%, abenshi baba bifuza gutakaza gusumba ibiro vyinshi bishoboka.
Porofeseri Naveed agira ati: "Mu Bwongereza, tirzepartide iriko iragurwa kurusha semaglutide – ivyo ni ko biri- kandi kuba ivyavuye muri iri gerageza bitangajwe, nibaza ko bishobora gutuma abantu bayigura bazoca biyongera."
Ariko rero, Wegovy ni n'umuti wemewe kwifashishwa mu bindi bibazo bitandukanye n' ubuvyibuhe, nko kwirinda guhagarara giturumbuka kw'umutima (heart attacks) mu gihe igerageza nka ben'iryo ku muti wa Mounjaro ritararangira neza.
Ubushakashatsi bwinshi bukorwa ku kibazo c'imiti yo kugabanya ubuvyibuhe buracabandanya.
Ingero nini z'igipimo c'iyi miti nazo ziracageragezwa, co kimwe n'uburyo bushasha bwo kuyifata nko kuyitanga ari ibinini, kandi hari n'iyindi miti mishasha ifise ico ikora ku mubiri mu nzira zitandukanye, iriko irageragezwa.
Ibi bisobanura ko umuti ushobora kuzokundwa kurusha iyindi muri iyi yo kugabanya ubuvyibuhe utaramenyekana neza kugeza ubu.
Porofeseri Sattar avuga ko urugero rw'ubushakashatsi buriko burakorwa rwerekana ko dushobora kuba turiko dushikira mu minsi ya vuba aho "bishoboka kuzitira tutaronerwa n'ico kibazo c'ubuvyibuhe bukabije," ariko ko "vyari kuba vyiza gusumba, iyo aba vyashoboka gutunganya ibintu neza ku buryo dushobora gutangiriza ko abantu bagira ikibazo c'umuvyibuho ukabije batera baba benshi mu kibano (société).













