Umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa Sébastien Lecornu yatanze imihoho atamaze n'ukwezi

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Laura Gozzi
- Umwanditsi, Hugh Schofield
- Igikorwa, i Paris
Umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa Sébastien Lecornu yatanze imihoho (yeguye), ata n'umunsi uheze atangaje abagize reta yiwe.
''Ibikenewe ntivyari bikwiwe kugira mbandanye gukora nk'umushikiranganji wa mbere,'' niko Lecornu yavuze ku wa mbere mu gitondo, aca anegura ukudashaka kw'imigambwe ya poritike gushika ku mwumvikano.
Ibiro vy'umukuru w'igihugu, Champs-Elysée, vyamenyesheje iyo nkuru inyuma y'aho Lecornu abonaniye na perezida Emmanuel Macron bamaranye isaha ku wa mbere mu gitondo.
Iyo ngingo ayifashe haciye iminsi itarenga 26 Lecornu agenywe kuba umushikiranganji wa mbere inyuma y'isenyuka rya reta yari ihari ya François Bayrou.
Imigambwe y'inpande zose mu nama nshingamateka yari yaneguye vyeruye uko Lecornu yari yatoye abaja muri reta yiwe, ata kinini cari cahindutse ugereranije n'iyahahora ya Bayrou, ica ikangisha ko itazoyiha icizere.
Imigambwe myinshi isaba ko haba amatora y'imbere y'igihe kandi hari bamwe basaba Macron gutanga imihoho - n'ubwo yagumye avuga ko atazotanga imihoho imbere y'uko ikriingo ciwe gihera mu 2027.
''Ikintu conyene c'ubwitonzi co gukora ubu n'ukugirisha amatora,'' vyavuzwe na Marine Le Pen wo muri Rassemblement National.
''Gutebura bimaze umwanya muremure. Abafaransa barambiwe. Macron yashize igihugu ahantu hagoye cane,'' niko yongeyeko.
Ingingo y'ingene ibintu bigiye kugenda ubu ihagaze kuri Macron, ategerezwa kuba ubu ariko aribaza gushika ryari ibintu bishobora kubandanya gutyo.
Afise inzira zitatu zo guhitamwo. Ashobora kugena uwundi mushikiranganji wa mbere. Ashobora gusubira gusesa inama nshingamateka. Canke ashobora gutanga imihohoho wenyene.
Iyo ya nyuma isa n'iyifise amahiwe make, mu gihe iya mbere nayo isa n'uko ariyo ku bisanzwe yofata.
Ariko, ni nde ashobora kugena ngo ashinge reta? Lecornu - umuyoboke pfampfe wa Macron - yari yabonywe nk'uwanyuma wo kwikorako, none nawe ubu vyamunaniye.
Ashobota kugena umu socialiste, ashingiye ko ab'i bubamfu nabo bakwiye guhabwa amahirwe yo kurongora reta - ariko reta y'aba socialiste nayo ubwayo ntiyoteba gutembagara.
Uko bimeze rero ni ugufata inzira ya kabiri: kugirisha amatora mashasha y'abashingamateka.
Ivyovamwo bishobora kuba ugitsindwa kweruye ku bashigikiye Macron, n'intsinzi ikomeye ya Marine Le Pen wo muri extreme droite. Ariko mu gihe izindi nzira zose zananiwe, iminyuro isigaye ni mike.
Lecornu, yahoze ari umushijkiranganji wo kwivuna abansi yari umushikiranganji wa mbere agira gatanu mu myaka idashika ibiri.
Mw'ijambo rigufi yashikirije imbere ya Hôtel de Matignon, ikirimba c'umushikiranganji wa mbere, yabayemwo igihe kidashika n'ukwezi, Lecornu yaneguye cane ''amero'' y'ubudumbidumbi bwa poritike, avuga ko bwigenza nk'aho bwoba bufise ubwiganze bwuzuye''.
''Nari niteguriye ko twumvikana, umwe wese akagira ico ahevye, ariko imigambwe yose yashaka ko uwundi mugambwe wemera imigambi yayo uko yakabaye,'' niko yavuze.
''Yavuze ko bidasaba vyinshi kugira ivyo bsihoboke,'' niko yongeyeko, avuga, ariko, ko imigambwe ikwiye kwicisha bugufi no ''gushira ku ruhande agatima ko kwikwegerako''.
Poritike yo mu Bufaransa ntigira amaragamo kuva muri Mukakaro 2024, igihe Macron yahamagaza amatora y'abashingamateka ashaka kurondera ubwiganze inyuma yo gutsindwa nabi mu matora y'abashingamateka ba Buraya.
Ahubwo ayo matora yavuyemwo inama nshingamateka y'ibiharwe igabuye mu tudumbidumbi tudahuza na gato kandi tudashaka gukorana.
Ibi vyatumye ata mushikiranganji wa mbere n'umwe aronka abamushigikiye bakwiye kugira atoze itegeko na rimwe.
Michel Barnier yari yagenywe kuba umushikiranganji wa mbere muri Nyakanga (9) ariko aca atembagazwa inyuma y'amezi atatu.
Reta y'uwamusubiriye François Bayrou nayo yaterewe icizere inyuma y'amezi icenda inyuma y'aho inama nshingamateka yankiye gushigikira integuro yiwe y'amafaranga reta ikoresha, integuro yo gutubika umukanda mu kugabanya miriyaridi $51 ku mafaranga reta ikoresha.
Igihengeri mu mafaranga Ubufaransa bukoresha carashitse ku 5,8% c'umwimbu wose w'igihugu naryo ideni ry'imbere mu gihugu rishika 114% ry'umwimbu wose. Iryo ni ryo deni rya gatatu mu bunini mu karere k'ibihugu bikoresha ifaranga rya euro inyuma y'Ubugiriki n'Ubutariyano, ayo akaba angana hafi ibihumbi 50 vy'ama euro ( €50.000) kuri buri Mufaransa.
Agaciro k'imitahe kakorotse cane kw'isoko rya Paris inyuma y'inkuru ko Lecornu yatanze imihoho.










