Gucira imbeya n'utundi tugenegene muri amwe mu mafoto yaranze iyi ndwi muri Afrika

Ng'aya amafoto twabahitiyemwo muri iyi ndwi, ava ku mugabane wa Afrika:

Umuntu ahumeka imbeya ariko avyerekana mu birori vy'i Oworonshoki muri Lagos, Nigeria, kuwa 24 /09/2024

Ahavuye isanamu, Emmanuel Adegboye / EPA

Insiguro y'isanamu, Uyu mugabo acira umuriro yatangaje abantu mw'isabukuru ry'utugenegene ku munsi wa mbere mu karere ka Oworonshoki, ko mu muji wa Lagos muri Nigeria.
Inkumi n'umusore b'aba Amazigh barindiriye kwandikwa ko barushinze kuwa 21/09/2024.

Ahavuye isanamu, Jalal Morchidi / EPA

Insiguro y'isanamu, Umugeni n'umusore bagiye kwubakana bambariye ubukwe mu misozi ya High Atlas muri Maroc, aho abo mu muryango w'aba Amazigh babutaha kuwa gatandatu.
Umwe mu bari mu myiyerekano w'umugore adugije ukuboko yipfunze igitambara mu maso, mu gihe abandi bazungagiza ibendera ry'igihugu ca Tuniziya, mu myiyerekano yo kuwa 22/09/2024.

Ahavuye isanamu, Ben Ibrahim / Getty

Insiguro y'isanamu, Abanya Tuniziya baje ari benshi mu mugwa mukuru, Tunis, kuw'Imana biyamiriza guhindura itegeko rigenga amatora, rifise intumbero yo kwambura sentare ijejwe gutatura amatati, ububasha bwo gufata ingingo ku matati yerekeye amatora.
Abari mu myiyerekano bari batanguye ikiringo c'iminsi itatu co kwiyamiriza icukura ry'amabuye y'agaciro ritemewe n'amategeko, n'ivyo abayitunganije bita 'intwaro itabereye' muri Accra, Ghana kuwa 21/09/2024

Ahavuye isanamu, Francis Kokoroko / Reuters

Insiguro y'isanamu, Imbere y'aho kuwa 21/09/2024, mu mugwa mukuru wa Ghana, Accra, abari mu myiyerekano berekanye agashavu ku kibazo co gucukura amabuye y'agaciro mu buryo butemewe n'amategeko.
Abantu bariko barorera umupira w'amaguru hagati y'imigwi yo mu karere ka Toubab Dialaw, mu micungararo ya Dakar, umugwa mukuru wa Senegal, kuwa 25/09/2024

Ahavuye isanamu, Zohra Bensemra / Reuters

Insiguro y'isanamu, Abantu bakoresha ikibanza ico arico cose bashoboye kubona cobaha amahirwe yo kurorera neza urukino rukaze rwo kuri uyu wa gatatu hagati y'imigwi yo muri Toubab Dialaw i Dakar ku mugwa mukuru wa Senegal.
Abanyeshure bariko bariga ku munsi wa mbere w'umwaka kw'ishure rya Orman School, i Cairo mu Misiri, kuwa 22/09/2024

Ahavuye isanamu, Mohamed Abd El Ghany / Reuters

Insiguro y'isanamu, Amaso yose ari ku rupapuro ku munsi wa mbere w'umwaka w'ishure mu Misiri, aha hari kw'ishure rya Orman mu mugwa mukuru Cairo...
Umuntu atwenza (clown) akoresha ibimenyetso ariko aratwenza abana mw'ishure muri Algeria kuwa 22/09/2024

Ahavuye isanamu, Billel Bensalem / AFP

Insiguro y'isanamu, ...uwo munsi nyene, amashure yuguruye muri Algeria, aho umuntu akora utugenegene two gutwenza (clown) ariko agerageza uko ashoboye kugusha neza abana mw'ishure mu mugwa mukuru Algiers.
Umugwi Isicathamiya uriko uriririmba wongera utamba mu njana ya kera mu nyubakwa ikinirwamwo ivyese (theatre ) muri Durban, kuwa 21/09/2024.

Ahavuye isanamu, Rajesh Jantilal / AFP

Insiguro y'isanamu, Umugwi Isicathamiya, uririmba mu njana y'aba kera y'iki Zulu, hakoreshwa amajwi ata bicurarangisho, uriko uririmba mw'isabukuru y'umuziki muri Afrika y'epfo mu muji wa Durban.
Umuntu ariko aravuza ingoma mu misa yo hanze kw'ibarabara muri Kamituga, muri Kivu y'epfo muri RD Congo kuwa 20/09/2024

Ahavuye isanamu, Glody Murhabazi / AFP

Insiguro y'isanamu, Umuntu avuza ingoma ariko aravuza mu misa yakorewe hanze ku mabarabara ya Kamituga, mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Congo ku wa gatanu.
Abanya Kenya bariko begeranya ibishingwe mw'isekeza ry'isuku kuwa 20/09/2024.

Ahavuye isanamu, Gerald Anderson / Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku munsi wa gatanu, bamwe bagiye mu gikorwa co gusukura ku munsi wahariwe isuku kw'isi, harimwo abo muri Kenya, mu muji wa Nakuru, aho abakorerabushake bariko bafasha gusukura amabarabara.
Abasirikare bari muri defire ku munsi mukuru w'ingabo, i Maputo kuwa 25/09/2024.

Ahavuye isanamu, Alfredo Zuniga / AFP

Insiguro y'isanamu, Umurongozi w'umugwi w'abanyamuziki b'abasirikare ahagaze hagati mu basoda bari mu mwambaro wo kwiyoberanya, igihe Mozambique yahimbaza umunsi mukuru w'ingabo ku munsi wa gatatu.
Ishirahamwe Croix Rouge muri Kenya ryatondetse amasandugu imbere y'abari mu misa yo gusezera abanyeshure bahitanywe n'umuriro kuwa 26/09/2024

Ahavuye isanamu, Monicah Mwangi / Reuters

Insiguro y'isanamu, Abavyeyi, n'incuti b'abanyeshure bahitanywe n'umuriro wadutse mw'ishure ryo mu gihugu hagati muri Kenya mu ntango z'uku kwezi, bari mu misa yo kubasezera kuri uyu wa kane.
Ifoto yerekana akarundo ka neige kubatse bwa muntu (snowman) muri Warden, mu ntara ya Free State muri Afrika y'epfo kuwa 21/09/2024.

Ahavuye isanamu, Wikus de Wet / AFP

Insiguro y'isanamu, N'igihe c'imbeho muri Afrika y'epfo aho neige/snow yaguye ari nyinshi muri leta ya Free State, iteza akajagari ku munsi wa gatandatu, ariko itera n'akanyamuneza kuri bamwe baboneyeho kwiyubakira uturundo duteye bwa muntu (snowman).
Ifoto y'igituro ca bisi ca Obalende mu muji wa Lagos kuwa 24/09/2024.

Ahavuye isanamu, Olympia de Maismont / AFP

Insiguro y'isanamu, Ifoto yafashwe na drone hejuru y'igituro ca Obalende co mu muji wa Lagos, yerekana imodokari zirindiriye abinjira ku munsi wa kabiri.