Ingene umwaka mushasha wa 2025 wakiriwe kw'isi - Putin ati: 'Vyose bizogenda neza'

Ahavuye isanamu, EPA
Mw'ijambo ryiwe ry'umwaka mushasha, kabaye akaryo kuri Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya ko guhumuriza igihugu ciwe, ati: "Turizeye ko vyose bizogenda neza" mu 2025.
Muri iri jambo yashikirije isaha zitandatu z'ijoro, inyuma y'imyaka 25 umusi ku musi kuva ashikirije igihugu ijambo ryiwe rya mbere nk'umukuru w'igihugu c'Uburusiya, yagize ati: "Mu gihe ubu dutanguye umwaka mushasha, turiko turiyumvira kuri kazoza.
"Turizigiye ko vyose bizogenda neza, nta kindi kuri twebwe atari gutera intambwe. Turazi neza ko, muri kahise, ubu no muri kazoza, agaciro kacu kamye ari kazoza k'Uburusiya,imibereho myiza y'abanyagihugu babwo".
Yashimiye kandi n'ingabo ziwe ziri ku rugamba muri Ukraine ariko nta kintu cihariye yavuze ku ntambara canke ku butunzi.
Ibiciro vyaraduze gushika kuri 9,5% mu Burusiya mu mwaka waraye urangiye, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, inyuma y'aho ibanki nkuru ifatiye ingingo yo kugumiza inyungu yayo ku bice 21%.
Hagati aho, nta gahengwe yahaye Ukraine mu ntambara yiwe n'iki gihugu yatanguje muri Ruhuhuma (2) 2022.
Haciye akanya gato gusa umwaka mushasha utanguye, Uburusiya bwarekuye za ndege z'ubwiyahuzi zitarimwo abadereva (kamikaze drones), nk'uko bitangazwa n'igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere, mu bitero vyabwo mu ntara za Kharkiv, Poltava, Cherkasy na Chernihiv.
Ku ruhande rwiwe, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yahimbaje umwaka mushasha mu gukeza abariko barwanira ubwigenge bw'igihugu.
Mw'ijambo ryiwe yagize ati: "Ukraine ihagaze neza, nticika intege, iraba imbere kandi irizigiye kazoza kayo n'intsinzi yayo.
"Ndabashimiye ku mwaka wa 2024. Abanyagihugu bacu bahanganye n'ingorane z'ubwoko bwose mu cubahiro, abanyagihugu bishimira ko kuba umwenegihugu wa Ukraine ari isoko ry'agateka kabo."
Muri iri jambo ryiwe ry'umwaka mushasha yashikirije abanyagihugu, yavuze ko yizeye ko Donald Trump aherutse gutorwa nk'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika "ashaka kandi yipfuza" kugarukana amahoro muri Ukraine.
Ati: "Nta nkeka ko umukuru w'igihugu mushasha wa Amerika ashaka kandi azoshobora kuzana amahoro no guhagarika agahahazo ka Putin. Aratahura ko ica mbere kidashoboka ata ca kabiri.
"Iki ni igitero ceruye c'igihugu gisara ku gihugu ciyubaha. Ndizeye ko turi kumwe na Amerika dufise ubwo bubasha. Guhatira Uburusiya gushika ku mahoro abereye."

Ahavuye isanamu, PA Media
Mu gihe muri Ukraine bahimbaza umwaka mushasha wa 2025 mu ntambara yayo n'Uburusiya, ubu ikaba igiye kumara imyaka itatu, mu yindi mihingo y'isi hoho vyari ibirori vyaranzwe n'ibimuri vy'umunezero mu kirere.
Raba amwe mu mashusho mu bihugu bitandukanye:
Eka no mu karere k'ibiyaga binini ntibatanzwe guhimbaza umwaka mushasha. Raba amasanamu yerekana ingene ibintu vyari bimeze i Kigali igihe bakira umwaka mushasha.

Ahavuye isanamu, City of Kigali @CityofKigali

Ahavuye isanamu, City of Kigali @CityofKigali
















