Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uku niko ubuzima bwifashe uburabiye mw'ijisho ry'ibikoko vya polar bear
Mu gihe urubura rupfukiriye ibiyaga rugenda rurashonga, ibikoko vya polar bear bitegerezwa kumara umwanya munini ku butaka.
Abahinga mu bumenyi mu kigo US Geological Survery na Washington State University bashize utwuma (camera) dufata amasanamu ku mazosi y’ivyo bikoko mu buraruko bwa Canada, mu ntumbero yo kwiga inyifato yavyo mu gihe c’ici kugira barabe ingene birondera ivyo kurya bitifashishije urubura rwo mu kiyaga mu guhiga ibindi bikoko vyitwa seals.
Ivyo babonye vyabateye ubwoba kuri kazoza k’ibi bikoko mu gihe ubushuhe bwo mu masonga y’isi (arctic) bugenda buriyongera kubera ihindagurika ry’ibihe.