Bariko bahagarikwa mu kivunga mu ruhigi rw'abimukira muri Amerika.

Insiguro ya video, Raba ingene imihana y'i Chicago n'inzu y'ubutambiro i Colorado yatewe mu gikorwa co guhiga abimukira

Kuva ashikiriye ubutegetsi ku wa 20 Nzero (1), Perezida Donald Trump yateye igikumu ku mategeko bwirizwa atari make yerekeye abimukira, amategeko inzira y'uruhigi ku bimukira mu gihugu cose bagirizwa ko badafise impapuro zibemerera kuba muri Amerika.

Ku wa Mungu honyene, uruhigi rwabaye ku bimukira mu gihugu cose rwatumye abantu 956 bahagarikwa, igitigiri ca mbere kinini kuva Trump agarutse ku butegetsi, nk'uko bivugwa n'igisata ca Amerika kijejwe abimukira, kizwi nka Immigration and Customs Enforcement (ICE mu mpunyapfunyo).

Muri uru ruhigi, inzego zitari nke z'igihugu ziherutse kwongererezwa ububasha bwo guhagarika abantu zagize uruhara mu bitero vyo guhagarika abantu mu bisagara bitari bike, harimwo Chicago, Newark mu ntara ya New Jersey, hamwe na Miami mu ntara ya Florida.

Mu gihe c'imyiyamamazo, Trump yemereye abanywanyi biwe ko, amaze gushika ku butegetsi, azokwirukana mu kivunga abimukira batagira ivya ngombwa.

Uwo yasubiriye, Perezida Joe Biden, yǐrukana abantu 311 ku musi, nk'uko bivugwa na ICE, benshi muri bo bakaba ari abantu baba bakoze ivyaha.

Kuva ashitse ku butegetsi, Trump yateye igikumu ku mategeko 21 yo gutunganya gushasha igisata ca Amerika kijejwe abimukira, harimwo ingene ibibazo vy'abimukira vyigwako n'ingene birukanwa muri Amerika.

Tom Homan, umu-tsar [umwami] w'imipaka yagenywe na Trump, yari yishikiye ubwiwe muri Chicago guhagarikira iki gikorwa co gutuza abimukira, igikorwa kitanezereje abategetsi b'abademokarate muri iyo ntara.

Umukuru w'igisagara ca Chicago Brandon Johnson aremeza iki gikorwa c'iki gisata kijejwe abimukira, ariko akavuga ko igipolisi ca Chicago cashizwe ku ruhande kandi akibutsa abahaba ko bategerezwa kumenya uburenganzira bwabo.

Kuri uwo wa Mungu nyene i Miami, inzego z'igihugu zijejwe umutekano zarakoze ibikorwa bitari bike vyo guhagarika abimukira, nk'uko bivugwa ku mbuga hwaniro n'igisata Homeland Security Investigation (HIS) kijejwe gutohoza, gutuza no gusambura imirwi njabukabihugu y'iterabwoba n'iy'ubundi bukozi bw'ikibi yobangamira canke ikarondera gukoresha nabi amategeko agenga uruja n'uruza n'abimukira muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Muri ibi bikorwa harimwo ibiro vya ICE i Miami vyafashe abimukira batagira ivya ngombwa ku vyaha bitandukanye.

Umugabo atavuzwe izina yabwiye ikimenyeshamakuru CBS News gikorana na BBC muri Amerika, ko ICE yafashe umugore wiwe mu bitero vyo mu mpera y'indwi iheze i Miami.

Yabwiye CBS ati: "Ibintu bariko barakora ubu birateye isoni. Ni ibintu bibabaje cane".

Avuga ko igihe umugore wiwe yafatwa na ICE yari mu nzira yo kuronka ubwenegihugu: "Barashitse ubwo nyene baca baramucakira".

Mu ndwi iheze, umukuru w'igisagara ca Newark, Ras Baraka, yavuze ko abahaba be n'abenegihugu batari bafise ivyangombwa - harimwo n'umukukuruke umwe mu gisirikare – bahagaritswe ata mpapuro zo kubafata zerekanywe igihe batera kw'iduka ryaho.

Baraka agira ati: "Newark ntizorera amaboko mu gihe abantu bazoba bariko baratuntuzwa mu buryo buteye kubiri n'amategeko".

Abaharanira uburenganzira bw'abimukira bagabisha ko mu bitero vya ICE abandi bantu, harimwo n'abenegihugu, boshobora kwisanga baguye mu mporero.

Hagati aho, Homan abandanya avuga ko abantu bose bazoba bafatiwe muri uru ruhigi rw'inkozi z'ikibi bazoba badafise ivya ngombwa, na bo nyene bazokwirukanwa.

Ku wa Mungu, mu kiganiro na ABC News, Homan yavuze ko yiteze ko ibitigiri vy'abafatwa n'ababirukanwa mu gihugu "bizobandanya vyiyongera". Yavuze kandi ko ikintu nyamukuru ubu ari ugutuza ibintu "vyohungabanya umutekano w'abanyagihugu, umutekano w'igihugu".

Aba bantu 956 bavugwa ko bahagaritswe ku wa Mungu biyongereye ku 286 bari bahagaritswe ku wa gatandatu, 593 bahagaritswe ku wa gatanu, hamwe n'abandi 538 bahagaritswe ku wa kane.

Nubwo Trump yiyemeje "kwirukana mu kivunga" no guhagarika abimukira, ntibiramenyekana neza urugero umugambi wiwe ugezeko mw'ishirwa mu ngiro ryawo ryamaze gutangura.

Mu mpera z'indwi iheze, indege zari zitwaye abimukira muri uno mugambi wa Trump zarateje amahane mu vy'imigenderanire inyuma y'aho reta ya Colombia yankiye indege zibiri za gisirikare zari zifise abimukira ba Colombia birukanywe muri Amerika kugwa.

Umukuru w'iki gihugu, Gustavo Petro, avuga ko Amerika idashobora "gufata abimukira ba Colombia nk'inkozi z'ikibi" kandi ko ari ngombwa ko "bahabwa iteka".

Hagati aho, reta yiwe isa n'iyemeye kuzokwakira izi ndege inyuma y'aho Trump agabishirije ko ashobora gufatira ibihano Colombia.

Iruhande y'iyi ngingo yo kwirukana ababa muri Amerika badafise ivya ngombwa, ubutegetsi bwa Trump bumaze gufata n'izindi ngingo ruhasha zo kuzibira abarondera kwinjira muri Amerika, harimwo nko gucungera bikomeye urubibe Amerika ihana na Mexique mu bumanuko bw'igihugu, urubibe ruzwi ko rwinjirirako abimukira benshi batagira ivya ngombwa.

Iyindi ngingo ikomeye yafashwe na Trump ni uguhagarika kwakira abimukira bose batagira ivya ngombwa, abajejwe gucungera imbibe bakaba bahawe itegeko ryo gusubiza inyuma abantu bose batabemereye ubuhungiro.

Imbere y'uko iri tegeko risohoka, amategeko yaha abimukira baba bashoboye gushika ku mupaka wa Amerika uburenganzira bwo gusaba ubuhungiro.

Trump kandi yarahagaritse vy'agateganyo umugambi wa Amerika wo guha ubuhungiro impunzi. Ku ntwaro ya Perezida Biden mu 2024, Amerika yari yakiriye impunzi zirenga 100.000, igitigiri ca mbere kinini kuva mu 1995.