Miliyoni z'abana barageramiwe mu gihe gucandaga bitagitera intambwe

Umwana ateruwe mu burengeti bw'ubururu ariko arahabwa urucanco muri Senegal mu 2024

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abenshi mu bana batakironka incanco nk'uko bikwiye bari munsi y'ubugaragwa bwa Sahara n'ubumanuko bwa Aziya
    • Umwanditsi, Dominic Hughes
    • Igikorwa, Global health correspondent

Igikorwa co gucandaga abana ingwara zirimwo izishobora guhitana ubuzima bwabo ntikigitera imbere muri iyi myaka 20 ishize, ndetse mu bihugu bimwe bimwe caranasubiye inyuma - nk'uko bigaragazwa n'icigwa giherutse gukorwa.

Ibintu vyagiye kwunyurwa n'ikiza ca Covid-19 aho casize abagera muri za miliyoni badakingiwe agasama (iseru), igituntu n'ubukangwe (imbasa).

Abashakashatsi bahamagarira amakungu kugira akigoro kugira ngo urucanco rushikire benshi.

Abahinga mu magara y'abana bagabisha ko kugabanya imfashanyo ibihugu vyahora bihabwa n'amakungu, ikoreshwa mu migambi yo gucandaga, bigahurirana no kwanka incanco, vyataye ikimeze 'nk'igihuhusi'.

Gutanga incaco ku bana muri rusangi kw'isi vyari vyateye imbere cane.

Kuva mu 1974, abana barenga miriyaridi zine baracandazwe, impfu ziharugwa mu miliyoni 150 zirakumirwa kw'isi yose.

Gushika mu 2023, hafi ica kabiri c'ikinjana cari gishize, abashakashatsi bavuga ko incanco zatangwa zari zikuvye kabiri.

Ariko kuva mu 2010, ivyo biharuro ntivyongeye gutera imbere, ku buryo muri kino gihe usanga urugero rwo gutanga incanco rugenda rutandukana cane hirya no hino kw'isi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu cigwa casohotse mu kinyamakuru The Lancet, cerekana ko incanco zikingira agasama zagabanutse cane gutangwa mu bihugu bigera kw'ijana kw'isi.

Ikiza ca Covid-19 catumye ibintu noneho biyangara, kubera ingingo zo gukumira ico kiza zatumye indinganizo z'ibikorwa vyo gutanga incanco nazo zihagarara.

Kugera mu 2023, hari hamaze kuboneka hafi miliyoni 16 z'abana bataronse incanco zibakingira kuva bakivuka - abenshi muri bo bakaba ari abo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara no mu bumanuko bwa Aziya.

Umwe mu bakoze ico cigwa, Dr Jonathan Mosser, wo mu kigo 'Institute for Health Metrics and Evaluation co muri kaminuza ya Washington muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, avuga ko igitigiri kinini c'abana bataronse incanco zose, abandi batacandazwe namba.

Umugambi wo gucandaga abana kuva bakivuka ni kimwe mu ngingo zikomeye kandi zitwara uburyo buke zifasha kubungabunga amagara y'abanyagihugu, ariko ubudasa bukomeza kugaragara hagati y'ibihugu, ingorane zaturutse kuri Covid-19 hamwe rero no kwiyongera kw'ingendo yo kwinuba incanco biturutse ku makuru n'inyigisho ziyovya, vyose vyaragize uruhara muri ukwo kugabanuka kw' ibitigiri vy'abashikirwa n'incanco, nk'uko Dr Mosser avuga.

Dr Mosser yavuze ko muri kino gihe hari impungenge z'uko ibiza vy'ingwara zahora zikumigwa n'incanco nk'agasama, ubukangwe n'ibigoga (diphtheria).

Abana bose bakwiye kuronka incanco zibakingira ubuzima.

Haracari ubudasa bukomeye hagati y'ibihugu bitunze n'ibihugu bikenye mu bijanye no gutanga incanco.

Ariko abanditse ico cegeranyo baragabisha ko ingero z'incanco zagabanutse mu bihugu vya Bulaya, Amerika no mu bindi bihugu bitunze.

Porofesri Sir Andrew Pollard, umuyobozi w'umugwi wa Oxford ujejwe incanco, avuga ko ivyabonetse muri ico cigwa biteye impungenge.

Abandi bana benshi bazogwara baje mu bitaro, abandi amagara yabo asinzikare canke bapfe kubera ingwara zari gushobora gukumigwa burundu hakoreshejwe incanco, hamwe hatogira igihinduka.

Porifeseri Pollard agira ati: "Ariko rero, kugabanuka kw'uburyo bw'amafaranga y'imfashanyo akoreshwa mu migambi y'amagara y'abantu kw'isi, gusobanura ko ahubwo ibintu bizogenda vyanka gusumba."

Dr David Elliman, wo muri kaminuza ya University College London, avuga ko ivyatumye ibintu bigera aho bigeze ubu, ari vyinshi.

Agira ati: "Hirya no hino kw'isi, urugero rukomeza kwiyongera kw'ibihugu vyasinzikajwe n'intambara, bigahurirana no kugabanuka kw'imfashanyo ziva mu mahanga zahora zitangwa n'ibihugu bitunze muri ivyo bihugu, nka Leta zunze Ubumwe za Amerika n'Ubwongereza, bituma bigorana gusumba gushikana incanco ku banyagihugu bazikeneye."

Dr Elliman yongerako ko bigaragara nk'aho ingingo zifatwa hisunzwe ivyiyumviro bishingiye ku makuru atari yo, aho kuba bishingiye ku bumenyi n'ubuhinga, ibi bigatuma akari inyuma gahinda.

Abashakashatsi bavuga ko igikwiye ari uko ibihugu vyose vyogerageza gutsimbataza imigambi yo kubungabunga amagara y'abantu no kurwanya amakuru y'ibinyoma kugira ngo barwanye ko abavyeyi babuzwa gucandagisha abana babo.

Bahamagarira kandi gukoranya inguvu mu nzira yo kuzana uburinganire ku ncanco mw'isi.