Ni izihe ngaruka zo guteka ibiraya vyameze? Birakwiye ko wobifungura?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Nazanin Motamedi
- Igikorwa, BBC Persian
Wihinze aho ubika kuraba ico uteka ngo ufungure, usanze ibiraya vyawe bimaze kuzako imimeramezwa, uraheza ukabirya canke urabita?
Ibi hari benshi bakunze kuvyibazako ariko si bose bashobora guhuriza ku kintu kimwe iyo bibaza igikwiye gukorwa. Iyo ari ibiterwa nk'ibiraya, ibitunguru, n'ibindi nk'ivyo bimaze kuzana imimeramezwa, nta nyishu imwe ihurizwako na bose y'ico vyokozwa.
Iyo ibiraya vyazanye imimeramezwa bigenda gute?
Kuzana imimeramezwa ni ikintu gisanzwe cerekana ko ikiraya cawe kiriko gishaka kuvamwo ikindi giterwa gishasha.
Muri ico gihe, umumeramezwa utangura kuzana urugero runini rw'ubumara bwitwa glycoalkaloids – bufasha igiterwa kwirinda ingwara z'ifira hamwe no kuribwa n'udukoko.
Igice kimwe c'ubwo bumara citwa solanine, ni ubumara bushobora kuboneka mu biterwa vyinshi birimwo ibiraya, itomati, imyungu n'ibindi nka ben'ivyo.
Kwimbura no kubika ibifungurwa, bivanye n'uko vyakozwe, bishobora gutuma ubwo bumara bwongerekana mu biterwa, ivyo bikabangamira kiremwa muntu ndetse n'ibikoko bivyihereza.
Ushobora kurya ibiterwa vyamereranye?
Dr Chris Bishop, umuhinga yanditse igitabo 'Potatoes Posthaverst', akaba n'umwigisha muri kaminuza ya Lincoln mu Bwongereza avuga ati: "Ingorane nyamukuru ni uko nko ku biraya, glycoalkaloids, ituma binatakaza uburyohe ahubwo bikarura, kenshi ubwo bumara bugatuma uwuvyihereje adahwa, ariko ntihagire izindi ngaruka zirenze aho."
Avuga ko ubwo bumara buca bwibonekeza kubera ikiraya gihindura ibara kigasa n'urwatsi rubisi. Ari nayo mpamvu ata wari akwiye kurya ivyo biraya.
Agira ati: "Ibiraya bisa n'urwatsi rubisi nivyo birimwo urugero runini rw'ubumara, bitegerezwa rero gukurwamwo. Hamwe woba ufise amakenga, wokeba igice c'ico kiraya cahinduye ibara akaba arico ukurako, canke aho hamaze kuza umumeramezwa. Igice gisigaye kirashobora kuribwa."

Ahavuye isanamu, Shutter Stock
N'ikigo kijejwe kuraba ubuziranenge bw'ibifungurwa mu Bwongereza, Food Standards Agency (FSA), kiremeza ko ibiraya vyamereranye bishobora kuribwa ata kibazo iyo biteguwe mu buryo bwiza.
"Inyuma yo gukata umumeramezwa, ikiraya ubona kikimeze neza, ata bimenyetso ko coba kiriko kirabora, kirashobora kuribwa", niko FSA ivuga.
"Ariko rero, iyo ikiraya cazanye iryo bara cari gikwiye guca gitabwa, kubera iryo bara ryerekana ko harimwo ubumara."
"Ibiraya vyazanye imimeramezwa bishobora kuribwa mu gihe honyene iyo ubikozeko udasanga vyoroshe. Biba bitaranyankabirana, kandi n'iyo mimeramezwa ikaba ikiri mitoya", niko ico kigo kivuga.

Ahavuye isanamu, Shutter Stock
Ubumara bwa Solanine
Hari abahinga bagabisha abantu kwitonda kuruta.
Porofeseri Cathie Martin wo muri kaminuza ya East Anglia mu Bwongereza, agira ati: "Vy'ukuri ntukwiye gufungura ibiraya vyamaze kuzana imimeramezwa."
"Kubera kubishira ku zuba, ari navyo bituma ibiraya bizana iyo mimeramezwa, bituma hazamwo ubumara bwa solanine, bukomotse muri steroidal glycoalkaloid, solanine nayo bikaba bizwi ko ari uburozi ku bantu no ku bikoko, cane cane utuyabu n'imbwa."
Ibiraya bitagira ibara ry'urwatsi rubisi, biba bifise urugero ruto rw'ubumara bwa solanine, ariko birabujijwe kurya ibiraya bibisi kubera bishobora kugutera ibibazo biturutse ku bumara bwa solanine burimwo", niko porofeseri Martin avuga.
N'ubwo hari abantu bake bahuye n'ibibazo vy'ubumara bwa solanine – kimwe mu bintu bizwi nk'ingaruka cane cabaye mu myaka ya 1970, aho abana b'abanyeshure 78 bagiye mu bitaro bazira kurya ibiraya birimwo ubwo bumara butuma bisa n'urwatsi rubisi.
Birashoboka kutumva ikibazo na kimwe iyo urugero rw'ubwo bumara wariye ari ruto cane.
Ibimenyetso vya solanine nkeya bigaragazwa no gucibwamwo, kudahwa, no kubabara mu nda.
Akenshi iyo abantu bahenzwe n'ubumara bwa solanine, usanga bagira ibizunguzungu, gucika intege, kutitaho ikintu na kimwe, canke kutabona neza, ivyo bigakurikirwa no guta ubwenge, rimwe na rimwe mbere ugasanga hari n'abapfa.
Ibimenyetso bishobora gutangura kuboneka iminota mikeya inyuma yo gufungura ivyo birimwo ubumara, gushika ku minsi ibiri inyuma yaho.

Ico wokora kuri ico kibazo c'ubumara mu biraya
- Iyo imimeramezwa ikiri mito cane, yicacure imbere yo guhwata ikiraya no kugiteka
- Bihebe ivyo biraya mu gihe usanze imimeramezwa ari mire mire.
- Wame wibuka gukurako kiriya gice gisa n'urwatsi rubisi kuko ari ikimenyetso ko ikiraya kirimwo ubumara.
- Nimba naho ubona ibimenyetso vyo kubora ku kiraya canke kiriko ifira, vyiza ni guca ugita cose ubwo nyene.
- Nimba uriko uratera ibiraya vyamaze kuzana imimeramezwa, bifate neza ntuyice, kuko aho iyo mimeramezwa ivuye hashobora kuba urwinjiriro rw'izindi ngwara nka kurya kw'umuntu yakomeretse ku mubiri.
Mu gihe naho woba ufise amagara make, wibungenze canke ubudahangarwa bwawe butifashe neza, canke ugaburira abana bakiri bato, iciza ni uko wokwitonda.
Vangura ibiraya n'ibitunguru ntubigumize hamwe kuko vyompi birekura imyuka n'umuhisha bituma kuzana imimeramezwa binyaruka.

Ahavuye isanamu, Shutter Stock
Wobika neza gute ibiraya wimbuye?
Mu kugabanya ibitakara kandi ibiraya vyawe bikaguma bisa neza ntibikabe:
- Bishire mu kibanza gikanye (hagati ya 3 na 10°C), humutse, kandi hatari umuco mwinshi, nko mu kabati
- Nturonge ibiraya imbere yo kubibika, iyo bigiyeko amazi abitera kubora
- Sobanura ugumize kubiri ibiraya n'ibitunguru, vyompi bisohora umwuka ushobora gutuma binyaruka kuzana imishibuka.
Ibitunguru vyo iyo vyameze bigenda gute?
Ibitunguru hamwe na tungurusumu bimerereje, biratandukanye n'ibiraya.
Porofeseri Martin agira ati: "Bitandukanye n'ibirayi, ibitunguru bijeko imimeramezwa, ntaco biba bitwaye kubifungura mu bisanzwe, kuko bitaba bifise ubumara nk'uburi mu biraya vyameze".
"Imimeramezwa yavyo ikura iturutse mu ngaburo ibitse mw'iteke ry'igitunguru (bulb). Ariko bishobora kugira umururazi kandi bikoroha kurusha uko vyari bisanzwe".
Abahinga bavuga ko gushira ibitunguru na tungurusumu mu kibanza gifutse (hadashushe), hatari umuco mwinshi kandi hadatose. Wirinde kubibika mu mifuko ya plastic yugaye ukoreshe imifuko ireka hakinjiramwo akayaga.
Nayo nk'uko biri ku biraya, wame wigizayo igitunguru cose ubonye gifise ifira, igihobahoba canke ico wumva kimota nabi.













