Ibizwi ku nyama y’inkoko yororerwa kubagwa

Aborozi benshi bashima kworora izi nkoko zo kubaga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Aborozi benshi bashima kworora izi nkoko zo kubaga

Muri Afrika, abenshi barijukiye kworora inkoko zo kubaga. Inkoko zo kubaga, ari zo bita inkoko z’inyama, mu Burundi naho bakaba bakunze kuzita inkoko za Mutoyi ni inkoko, zororwa kubera inyama zazo kandi kubera zikura ningoga.

Umurwizatunga Eugène Menou wo muri Togo, akaba afise iyororero ry’inkoko mu ntara yitwa Vo, avuga ati : "Mu mararo hafi yose harimwo izi nkoko zo kubaga zizanira amahera aborozi. Ziratandukanye n’inkoko zisanzwe, zozo zifata igihe kirekire kugira zikure. Uko vyogenda kwose, ni vyiza kurya ivyo witeguriye wewe nyene gusumba ibivuye hanze vyakonjeshejwe".

Ku bwiwe, buri muntu yategerezwa kuba afise igituru c’inkoko, umuryango ukorora izi nkoko kugira ngo zibazanire akunguko n’ibindi vyiza abatari bake biyobagiza.

Muri Afrika, abafungura inkoko, cane cane abafise amikoro abayabaye, bakunze kwihereza inyama z’izi nkoko zo kubaga kuko zo zizimbutse ugereranije n’izi zisanzwe.

Eugène ati : "Iki ni co nyene gituma abantu bijukira izi nyama zo kubaga. Kubera iyo ushoye izi nkoko zisanzwe, abantu babona ko zizimvye cane kandi ari zo zitateza ibibazo kandi zifise n'ivya ngombwa umubiri ukeneye".

Muri rusangi, abajejwe ivyo gufungura bahanura gufungura inyama zera ku mvo z’ivyiza vyazo. Izi nyama z’inkoko ziri muri izi nyama. Inyama z’inkoko zisanzwe canke kama, ari na zo zironderwa cane, zigenda zigabanuka bitewe n’uko aborozi bakunze guhitamwo izi nkoko zo kubaga kubera zibazanira akarusho.

Ati : "Zigwira ningoga kandi ni zo zitanga akarusho gusumba izi kama zisaba igihe kirekire n’uburyo bwinshi".

Yongerako kandi ko bisaba imisi 21 kugira ngo igi ry’inkoko rivemwo umuswi uzoba ugeze gufungura mu mezi atatu yonyene.

Hagati aho, umuhinga mu bijanye n’imfunguro ibereye, Dr Matthieu Tobossi ahanura gufungura inyama z’izi nkoko zo kubaga, bamwe bita za Mutoyi, ku rugero rugereranye kubera ziri mu mfungurwa zihinduriwe imero, ikizwi nka OGM (organisme génétiquement modifié).

Kugaburira igihugu

Izi nkoko zitege zitegerezwa kurwirwa kugira ngo abazikeneye bazironkekubera zironderwa cane

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Izi nkoko zitegerezwa kurwirwa kugira ngo abazikeneye bazironke kubera zironderwa cane

Ni yo mvo nyamukuru yo kworora izi nkoko zo kubaga kw’isi muri kino gihe. Izi nkoko zitegerezwa kugwira ningoga kandi ku bwinshi kugira ngo inyama zishobore kuboneka ku bwinshi ku bazirondera bagenda biyongera.

"Amazu adandaza imfungurwa hamwe n’amahoteri ni yo azirondera cane. Rero ni ngombwa ko ziboneka ku bwinshi. Ntitworindira izi nkoko kama turavye ingene abakeneye inkoko ari benshi. Ico dukora ni ukugerageza kugabanya urugero rw’ibintu vy’ubumara biri muri izi nkoko", niko Koffi G., uwundi, mworozi wo muri Togo.

Abahinga mu bijanye n’imfungurwa bavuga ko izi nkoko zororwa kubera inyama zazo ari ngirakamaro ku mfungurwa nkenerwa. Ni isoko rikomeye ry’imfungurwa ku banyagihugu benshi.

Imfungurwa ikwije vya ngombwa vy’imfungurwa nziza

Wirengagije ibivugwa n’abahinga mu vy’imfungurwa mu kugabisha ku bijanye no gufungura inyama y’iyi nkoko, aba nyene ni bo bavuga ko mu bisanzwe inyama y’inkoko, harimwo n’izi zo kubaga, irimwo amavitamine menshi n’ibindi vyunyunyu ngirakamaro mu mubiri w’umuntu.

Uretse ibi bintu biterwa izi nkoko zo kubaga mu ntumbero yo kuzituma zishobora gukura ningoga kugira ziribwe usanga birimwo ubumara, zifise ivyunyunyu ngirakamaro nk’izindi nkoko.

Inkoko z’inyama akenshi zigaburirwa ingano, ibigori ariko kandi n’indemamubiri, amavitamine hamwe n’ivyunyunyu, ibintu nkenerwa mu mubiri mu bijanye n’imfungurwa. Ibi vyose bituma inyama y’iyi nkoko iba kirumara ku mubiri wa kiremwamuntu, nk’uko bivugwa na Dr Tobossi.

Aha ushobora gutahura ko iyi nkoko ari imfungurwa ikwije ivya ngombwa co kimwe n’izindi nyama zera.

Inkoko yo kubaga, nk’imfunguwa, ifise amavitamine menshi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Inkoko yo kubaga, nk’imfunguwa, ifise amavitamine menshi
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Nk’ibintu nyamukuru mu bigize umubiri, indemamubiri ni kirumara kugira ngo umubiri ushobore kubandanya ukora. Inkoko z’inyama zifise izi ndemamubiri zifise uruhara rukomeye mu kwubaka umubiri. Rero gufungura inyama y’inkoko ni nkenerwa mu kwubaka imitsi, amagufa, inkabuzo/imisemburo, nk’uko abahinga mu bijanye n‘imfungurwa babivuga.

Aba bahinga bavuga ko inyama y’inkoko ifise ivyunyunyu umubiri udashobora guhingura. Rero umubiri nta yindi nzira yo gushobora kuronka ibi vyunyunyu atari mu nzira y’imfungurwa, cane cane inyama y’inkoko.

Inkoko yo kubaga, nk’imfunguwa, ifise amavitamine menshi. Inyama yayo irimwo vitamine B3 izwi nka niacine. Iyi ni vitamine ifasha mu kugira umubiri mwiza. Ifise kandi vitamine B6 igira uruhara mu kwubaka no mu kugenzura umugwi w'uturemangingo dukora igikorwa kimwe (tissus) tuva mu ndemamubiri.

Inyama y’inkoko irimwo kandi vitamine B5 izwi nka acide pantothénique, ngirakamaro mu kunagura urukoba n’umushatsi. Irafasha kandi umubiri kurwanya ingwara.

Abahinga mu vyo gufungura bahanura kwihereza inyama y’inkoko gusumba urushato rwayo. 100g y’inyama y’inkoko irimwo 50% y’ivyo umubiri ukeneye mu mfungurwa ya buri musi, harimwo amavitamine n’ivyunyunyu nkenerwa mu mubiri. Inkoko ikunze kwitwa imfungurwa ndemamubiri, nk’uko Dr Tobossi abivuga.

Ashimangira ati : "Ni imfungurwa nkenerwa ku bana, ku bakuze, ku bagore bibungenze, ku banonotsi, ku barwaye, no ku bandi".

Ariko witondere izi nkoko zororerwa kubagwa

Aborozi benshi bakoresha imiti irimwo ubumara hamwe n’inkaburamubiri zo kuyituma ikura ningoga kugira ngo baronke inkoko zikwiye mu gihe gito. Rero kuzifungura cane bishobora gutera ibibazo vy’amagara, nk’uko bivugwa n’abahinga mu bijanye no gufungura, aho bavuga ko iyi miti ziterwa kugira ngo zikure ku muvuduko ishobora gutera ingwara.

Dr Tobossi avuga ati : "Twasanze aborozi bamwe bamwe bakoresha ku rugero rurenze rw’imiti ya antibiotiques batera muri izi nkoko. Ibi bishobora gutuma udukoko dutera ingwara zo mu nsogi n’utundi tw’ubundi bwoko twiyongera". Avuga kandi ko iyi miti ari intandaro y’ibibazo vy’indwara z’umutima no kugabanuka kw’inguvu z’umubiri ziwutuma ushobora kurwanya ingwara.

Ashimangira ati : "Nico gituma twama duhanura gufungura inyama z’izi nkoko zo kubaga ku rugro rugereranye, iyo wabuze izi nkoko zisanzwe".

Iyi nyama irimwo ibisigarira vy’ino miti n’ubundi bumara bushobora guteza akaga cane cane ku mutima. Vyongeye, izi nkoko zo kubaga zororerwa ahantu zitisanzura, ibi navyo bikagira ingaruka ku bwiza bw’inyama.

Ni co gituma kubera ibiri muri yo, bishobora gutera ingwara zimwe zimwe, abantu basabwa guteka neza inyama imbere yo kuzifungura, nk’uko uno muhinga mu vyo gufungura abivuga.

Hanyuma umurwizatunga Eugène Menou na we akongerako ati : "Hariho abantu mw’ishirahamwe ryacu ubwo nyene babonye inkoko irwaye baca bihutira kuyibaga. Ata n’uko babanje gutahura igitumye irwara, baca bayibaga bakayirungika kw’isoko. Ni ingendo turiko turagerageza kubuza".

Ku muhinga mu vyo gufungura, inkoko nk’izi ziba zirwaye zikwiye guca ziturirwa kugira ngo ntihagire ingwara zitera abanyagihugu.

Abandanya avuga ko n’ubwo abantu bazivugako vyinshi, inyama y’inkoko ari imfungurwa nziza yinjiza ibintu vyinshi mu mubiri. Ariko ni ukwitondera ugufungura inyama y’inkoko yo kubaga itegerezwa gufungurwa ku rugero rugereranye kubera uku kuntu bayorora, nubwo ifise ibintu ngirakamaro.