Umunsi w'isabukuru ngarukamwaka y'umuco nyarwanda mu Bwongereza ku ncuro ya gatatu vyabereye mu gisagara ca Nottingham mu ntara ya East Midlands y'ico gihugu.
Ibirori vyari vyateguwe n'ishirahamwe ry'abanyarwanda baba muri ico gihugu NARC.
Umunsi wa Rwandan Cultural Day uhuriranye n'uko hahimbajwe kw'itariki 21 z'ukwezi kwa kabiri umunsi mpuzamahanga wahariwe ururimi kavukire washinzwe na UNESCO haraheze imyaka 25.
Icivugo c'uyu mwaka ni kwibutsa ko bikenewe kurinda no guhimbaza ubudasa bw'indimi kavukire.
Insiguro y'isanamu, Lionel Sentore, umuririmvyi w'indirimbo z'umudiho kavukire yari yahishikiye avuye mu Bubiligi aho asanzwe aba, aje guteramisha abandi.
Insiguro y'isanamu, Ibirori vyaritabiriwe n'abanyarwanda n'incuti z'Urwanda, harimwo abava mu karere k'ibiyaga binini, abava mu yindi mihingo y'Afrika, i Buraya na Amerika.
Insiguro y'isanamu, Akamwemwe kari kose
Insiguro y'isanamu, Abakuru n'abato bari bitavye ibirori
Insiguro y'isanamu, Abari bavyitabiriye barerekanye ukuntu bari bakumbuye akaranga k'iwabo. Benshi muribo baje bambaye impuzu zerekana umuco (Imvutano). Babona ko ari ko agaciro kanini guhura nk'abanyarwanda baba mu mahanga, bakaramukanya, bakunga ubumwe, bagasangira imfungurwa z'iwabo.
Insiguro y'isanamu, Fidel Twagira (i buryo), arongoye ishirahamwe ry'abanyarwanda baba Nottingham, arahimbawe no kuba abana b'abanyarwanda bavukiye mu mahanga bitabira kumenya ururimi n'umuco vy'igihugu c'amamuko yabo. Ngo yasanze bibarinda kwandura ingeso mbi, bikabigisha indero nziza no kwifata runtu.
Insiguro y'isanamu, Jabo Butera (i bubamfu) arongoye NARC avuga ko uyu munsi wo kwigina umuco nyarwanda washinzwe mu ntumbero yo kuwigisha abana bavukira mu mahanga, kuwubakundisha no guhura n'abandi.Butera ashimangira ko kuvuga indimi z'abanyamahanga bidakuraho agaciro k'ururimi rw'amamuko yawe.
Insiguro y'isanamu, Johnston Busingye, aserukira Urwanda mu Bwongereza, avuga ko umuco wamye kandi uzokwama ari umugozi uhuriza hamwe abanyarwanda aho bari hose kw'isi.