Umunsi w'umuco nya-Rwanda wahimbajwe ubwa gatatu mu Bwongereza - amafoto

Abakobwa bariko baratamba mu mwambaro w'imvutano imbere yabo yateretse ingoma zibiri
Insiguro y'isanamu, Abavyinyi ntibari batanzwe

Umunsi w'isabukuru ngarukamwaka y'umuco nyarwanda mu Bwongereza ku ncuro ya gatatu vyabereye mu gisagara ca Nottingham mu ntara ya East Midlands y'ico gihugu.

Ibirori vyari vyateguwe n'ishirahamwe ry'abanyarwanda baba muri ico gihugu NARC.

Umunsi wa Rwandan Cultural Day uhuriranye n'uko hahimbajwe kw'itariki 21 z'ukwezi kwa kabiri umunsi mpuzamahanga wahariwe ururimi kavukire washinzwe na UNESCO haraheze imyaka 25.

Icivugo c'uyu mwaka ni kwibutsa ko bikenewe kurinda no guhimbaza ubudasa bw'indimi kavukire.

Ingene umunsi mukuru wari umeze mu mafoto

Abakobwa bakiri bato mu mwambaro w'imvutano bafashe intaro mu maboko
Insiguro y'isanamu, Ibikoresho ndangakaranga k'Urwanda ntivyari vyasigaye inyuma
Abahungu bane b'intore mu mwambaro ubaranga bariko baratamba hirya gato hari uwundi ariko arabavuguriza umudiho w'ingoma
Insiguro y'isanamu, Intore zari zatumiwe gucinya umugara
Lionel Sentore yari yahishikiye gutamana n'abanyarwanda baba mu Bwongereza
Insiguro y'isanamu, Lionel Sentore, umuririmvyi w'indirimbo z'umudiho kavukire yari yahishikiye avuye mu Bubiligi aho asanzwe aba, aje guteramisha abandi.
Mu bari bitabye ibirori harimwo abazungu n'abandi bava irya n'ino kw'isi
Insiguro y'isanamu, Ibirori vyaritabiriwe n'abanyarwanda n'incuti z'Urwanda, harimwo abava mu karere k'ibiyaga binini, abava mu yindi mihingo y'Afrika, i Buraya na Amerika.
Umugabo w'umuzungu mw'ikoti yicaye hagati y'abagore babiri
Insiguro y'isanamu, Akamwemwe kari kose
Umutakamakazi yicaranye ku mugeze n'umugore n'umwana
Insiguro y'isanamu, Abakuru n'abato bari bitavye ibirori
Abantu bariko baratamba mu kivunga
Insiguro y'isanamu, Abari bavyitabiriye barerekanye ukuntu bari bakumbuye akaranga k'iwabo. Benshi muribo baje bambaye impuzu zerekana umuco (Imvutano). Babona ko ari ko agaciro kanini guhura nk'abanyarwanda baba mu mahanga, bakaramukanya, bakunga ubumwe, bagasangira imfungurwa z'iwabo.
Fidel Twagira (iburyo),mw'ikoti y'ubururu yicaye ku meza iriko ibikoresho vyo kurya. I buryo bwiwe hicaye umugabo yambaye umwambaro uranga abapasitori canke abapatiri yarengejeko umutama w'akaranga.
Insiguro y'isanamu, Fidel Twagira (i buryo), arongoye ishirahamwe ry'abanyarwanda baba Nottingham, arahimbawe no kuba abana b'abanyarwanda bavukiye mu mahanga bitabira kumenya ururimi n'umuco vy'igihugu c'amamuko yabo. Ngo yasanze bibarinda kwandura ingeso mbi, bikabigisha indero nziza no kwifata runtu.
Jabo Butera( i bumbamfu) na Professor Veronica Pickering aserukira Umwami w'Ubwongereza mu ntara ya Nottingham.
Insiguro y'isanamu, Jabo Butera (i bubamfu) arongoye NARC avuga ko uyu munsi wo kwigina umuco nyarwanda washinzwe mu ntumbero yo kuwigisha abana bavukira mu mahanga, kuwubakundisha no guhura n'abandi.Butera ashimangira ko kuvuga indimi z'abanyamahanga bidakuraho agaciro k'ururimi rw'amamuko yawe.
uwusrukira Urwanda mu Bwongereza Johnston Businge hagati y'abantu babiri
Insiguro y'isanamu, Johnston Busingye, aserukira Urwanda mu Bwongereza, avuga ko umuco wamye kandi uzokwama ari umugozi uhuriza hamwe abanyarwanda aho bari hose kw'isi.