Icatumye imyuzure muri Libya itera akaga bigeze hariya

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Igisata ca BBC gihinyuza hamwe n'abakora inkuru bashingiye ku mafoto n'ibicapo
- Igikorwa, BBC News
Abaguye mu myuzure ya Derna bashobora gushika 20.000 nk’uko bivugwa n’umukuru w’ico gisagara.
Ikibano cose carazimanganiye mu kiyaga mu gihe umupfunda w’amazi uteye bwa tsunami wayogoza ikivuko co mu buseruko bwa Libya.
Abarokotse ico kiza bavuga ko cari gikomeye ku buryo ‘bigoye kugitorera izina’.
Igisata ca BBC kijejwe guhinyuza (BBC Verify) hamwe n'abakora inkuru bashingiye ku masanamu n'ibicapo, barihweza zimwe mu mpamvu zatumye iyo myuzure ikora amahano atagira izina muri Derna.
Imvura itari bwaboneke
Ayo mazi yaturutse kw’isegenya n’igihuhusi cataziriwe Daniel, caciye muri Libya kuwa 10/09/2023.
Ico gihuhusi gisa n’igikunze kuyogoza akarere ka Méditerranée kizwi nka ‘medicane’ – cazanye imvura nyinshi yadugije ikiziba kugeza kuri milimetero amajana ane (400mm)mu bice bimwe bimwe vyo mu burengero bushira ubuseruko mu kiringo c’amasaha 24 gusa.
Ico ni ikintu gitangaje ku karere mu bisanzwe katahora karenza milimetero 1,5 ku mvura igwa mu kwezi kwose kwa Nyakanga (kw’icenda).
Ikigo ca Libya kijejwe kugendereza ikirere, kimenyesha ko ari ubwa mbere imvura igwa gushika kuri urwo rugero.
Amasanamu y’ibigendajuru (Satellite) yerekana urugero rw’imvura muri tumwe mu turere tuhegereye – n’ubwo henshi ibiharuro vyatororokanijwe hasi ku butaka vyerekana ko ruri hejuru gusumba urwerekanwa n’ivyo vyuma vyo mu kirere.

Haracari kare cane kugira ngo umuntu amenye ko ubukari bw’iki gihuhusi bwoba bwaturutse kw’ihindagurika ry’ikirere no kwiyongera kw’ubushuhe kw’isi.
Ariko rero, ihindagurika ry’ikirere niryo rikekwa ko rituma ibihuhusi vyataziriwe ‘medicanes’ bica kenshi mu karere ka Méditerranée.
Umuhinga mu bijanye n’ihindagurika ry'ikirere n'uguhangana n'ingaruka zaryo muri kaminuza ya Reading mu Bwongereza, umwigisha Liz Stephens, avuga ko abahinga bazi neza ko ihindagurika ry’ikirere ririko ritera ubwinshi bw’imvura izanana n’ivyo bihuhusi.

Ingomero 2 zararengewe
Uruzi Wadi Derna ruturuka mu misozi yo hagati muri Libya rugaca mu gisagara ca Derna rukisuka mu kiyaga Méditerranée.
Rumara igice kitari gito c’umwaka rwarakamye, ariko iyo mvura idasanzwe yatumye ingomero zibiri zihambaye kuri urwo ruzi zirengerwa, ibiraro vyinshi birasenyuka.

Ababa muri ico gisagara, bari babwiwe n’abatware kuguma mu mihana yabo, bavuga ko bumvise igisa n’igituritse, gatoya imbere y’uko igisagara cabo gihwikirwa n’umupfunda w’amazi.
Umwigisha Stephens agira ati: "Izo ngomero zabanje kuzibira amazi, ariko haragera igihe zirananirwa zica ziyarekurira ica rimwe.
''Ivyasenyutse navyo vyajanye n’ayo mazi vyatumye ubushobozi bwayo bwo gusambura aho aciye hose bwiyongera”.
Urugomero rwa mbere rwari rufise ubushobozi bwo kugomera meterokibe (m3) zingana na miriyoni n’inusu (1, 5 million cubic metres), nayo ururi hepfo kuri urwo ruzi, rwashobora kugumya miriyoni 22,5 za meterokibe z’amazi.
Mu gihe meterokibe imwe ingana na toni imwe y’amazi ni ukuvuga iritiro igihumbi canke ibiro igihumbi (1.000kg), metero kibe miriyoni 1,5 y’amazi ingana na miriyoni 1,5 z’amatoni y’amazi.
Wibaze ubwo buremere bwiyongeye ku nguvu zituruka ku kamanuko ayo mazi yariko aracako, wumve ukugene ubushobozi bwayo bwiyongera mu buryo budasanzwe.
Bikekwa ko santimetero 20 zonyene z’umwuzure w’amazi atemba anyaruka, zihagije kugira ngo zitembagaze umuntu.
Nayo santimetero 60 zishobora guterura imodokari ikareremba.
Rero ntibitangaje kubona inyubakwa z’amagorofa mazima zaratwawe n’iyo myuzure.

Abahinga bavuga ko hakiri kare kugera bimenyekane niba imvura y'isegenya yabaye umurengera kuri izo ngomero, canke ko uko izo ngomero zari zimeze mu bukomezi navyo vyagize uruhara.
Uzihweje, izo ngomero zishobora kuba zubatswe mu mabuye, izi nazo zikaba zidakomeye nk'izubatswe mu ruvange rw'isima n'umusenyi (beton/concrete).
''Izo ngomero zirashobora kurengerwa n'amazi [Iyo amazi arenze ayasanzwe arwuzuza], hanyuma mu gihe ingomero zubatswe muri beton/concrete zishobora kwihanganira kurengerwa, izubatswe mu mabuye akenshi ntizibishobora,'' nk'uko bivugwa n'umwigisha kuri Kaminuza ya Exter Dragan Savic, umuhinga mu bwubatsi bw'ingomero mu Bwongereza.
Bisa n'uko urugomero rwo haruguru ari rwo rwabanje kunanirwa, ku bw'umuhinga w'inkuta z'inyubako, Andrew Barr.
Avuga ko bishoboka ko amazi yaciye atemba amanuka mu kiyaya c'uruzi aja mu rugomero rwo hepfo narwo ruca rurarengerwa, bica bitera umwuzure wa bukwi na bukwi muri ico gisagara kiri hagati y'imisozi n'ikiyaga.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Icigwa c'ubushakashatsi casohotse mu mwaka uheze ku bijanye n'imvura n'amazi atemba aja muri Wadi Derna cerekanye ko ako karere ''gafise ivyago vyo kubamwo imyuzure ku rugero ruri hejuru, hashingiwe ku rugero rw'imyuzure yo muri kahise, kandi ko ''ingomero zari zikwiye kwama zikorerwa ibikorwa [kugira zigume zikomeye neza]''.
Ico cegeranyo, c'umuhinga mu nyubako Abdelwanees AR Ashoor wo kuri kaminuza ya Omar Al-Mukhtar yo muri Libya, cavuze kiti: ''Uko ibintu vyifashe mu kiyaya ca Derna bikenewe ko abategetsi bafata ingingo z'aka kanya nyene, zo gukora ibikorwa vyo kwitaho ingomero zihasanzwe, kuko hamwe horamuka hashitse imyuzure ikomeye, hazoba akaga ku bantu baba muri ico kiyaya no muri ico gisagara''.
Abahinga benshi bari berekanye uruhara rwo kutagira ibihe bitekanye vya politike muri Libya, rwagize mu kudashobora gufata neza izo ngomero.
Mu gihe ibikorwa vyo gufasha abarokotse bibandanya muri ico gisagara, umunyamakuru w’umunya Libya Johr Ali, yavuganye n’abashoboye kurokoka, yabwiye BBC ati: “Abantu barumva abana bakiririra munsi [y'ibihomoka], ariko batabona uko bashobora kubashikira.
''Abantu bakoresha ibipawa kugira ngo bashobore kuvana ibiziga munsi y'ibihomoka, bagakoresha amaboko. Bavuga ko ari nk'umunsi w’umuhero”.

Ahavuye isanamu, AFP
Vyatunganijwe na Chris Clayton, Mike Hills, Paul Sargeant, Tural Ahmedzade, Kady Wardell, Gerry Fletcher, Filipa Silverio na Erwan Rivault. Abandi batereye muri iyo nkuru: Mark Poynting, Peter Mwai, Alex Murray, na Esme Stallard.










