Ethiopia na Somalia vyasezeranye gukomeza imigenderanire

Umushikiranganji wa Ethiopia ajejwe kwivuna abansi Aisha Mohammed ahanye ikiganza n'umutegetsi wo muri Somalia.

Ahavuye isanamu, Ethiopia Foreign Ministry

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa Ethiopia ajejwe kwivuna abansi yagiye arongoye intumwa i Mogadishu mu kindi kimenyetso co kunagura imigenderanire
    • Umwanditsi, Damian Zane
    • Igikorwa, BBC News

Amatati y'imigenderanire hagati ya Ethiopia na Somalia yari yatumye ivyo bihugu bidacana uwaka yatoye inyishu, nk'uko bivugwa n'umushikiranganji bwa Somalia ajejwe imigenderanire.

Itangazo rya Ahmed Moalim Fiqi, ryaciye ku mboneshakure y'igihugu, ryavuze ko Somalia ataco yemeye guheba. Ethiopian ntaco iravuga ku vyavuzwe na Somalia, ariko yamenyesheje ko ivyo bihugu vyumvikanye ''gukomeza imigenderanire myiza hagati yavyo''.

Ivyo bihugu vyarabana ay'ingwe kuva mu kwezi kwa Nzero (kwa mbere) igihe Ethiopia, igihugu kitagira umuhora kw'ibahari, cagiranira umwumvikano wo gushika kw'ibahari na Somaliland, intara yiyonkoye kuri Somalia ariko ico gihugu kiguma gifata ko ari iyaco.

Itangazo ryo ku wa gatanu rije inyuma y'urugendo muri Somalia rw'intumwa za Ethiopia mu kimenyetso ca vuba co kwerekana ko icuka kiriko kiraba ciza inyuma y'umwumvikano wabonetse bifashijwe na Turkiya mu kwezi guheze.

Urwo rugendo rw' izo ntumwa, zari zirongowe n'usmushikiranganji wa Ethiopia ajejwe kwivuna abansi Aisha Mohammed, rwashimikiye kuri kazoza k'ingabo z'ishirahamwe rya Afrika (Union Africaine) zo kugarukana amahoro muri Somalia.

Ethiopia ifise ibihumbi vy'ingabo ziri muri Somalia zo zitari muri izo ngabo z'ishirahamwe rya Afrika kandi ntibizwi neza uruhara zizoba zifise muri kazoza.

Mw'itangazo ryayo, Ethiopia yavuze ko ivyo bihugu bibiri vyumvikanye kuzofashanya ku bijanye n'izo ntumwa.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Somalia ubwa mbere yari yavuze ko izokwirukana izo ngabo za Ethiopia bitewe n'uwo mwumvikano na Somaliland.

Mu mwaka uheze, icuka cari kibi cane inyuma y'aho Ethiopia imenyeshereje imigambi wo kwubaka ikambi y'ingabo zo mu mazi muri Somaliland. Iyo ntara yari yavuze ko uwo mwumvikano warimwo ko Ethiopia yiyemeza kuzokwemera ku mugaragaro ko Somaliland ari igihugu cikukiye, ariko reta ya Ethiopia ivyo ntiyegeze ivyemeza.

Ico gihe Somalia yari yavuze ko ibona uwo mwumvikano nk'igikorwa c'agasomborotso n'igitutsi ku butavogerwa bwayo.

Somaliland, yiyonkoye kuri Somalia haraheze imyaka 30, imaze iyo myaka yose irondera kwemerwa n'amakungu.

Nta minsi myinshi iheze atawokwibajije ko abategetsi bo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Ehiopia bogiye kugirira ibiganiro ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadishu.

Imigenderanire yarageza habi gushika aho haba ubwoba ko hashobora kwaduka intambara mu karere - Ethiopia ku ruhande rumwe nayo Misiri (Egypte) igashigikira reta ya Somalia.

Ariko bigiwemwo na Turkiya, imigenderanire yarateye imbere, ibihugu vyompi biremera ubutavogerwa bwa kimwe kimwe.

Ku bw'intaganzo rya Turkiya basohoreye hame n'ivyo bihugu muri Kigarama 2024, ivyo bihugu bibanyi vyo mw'Ihembe rya Afrika bizosubira guhura mu kwezi kwa Ruhuhuma (2) mu biganiro vy'ubuhinga.

Mu kurindira, bizokora kugira bishike ku ngingo zibifitiye ''vyompi inyungu mu bucuruzi'' mu kworohereza Ethiopia gushika kw'ibahari ariko ''hisunzwe ubutavogerwa bwa Somalia''.

Ntibizwi niba Ethiopia yafuse umwumvikano yari yagiranye na Somaliland.

Imboneshakure ya Somalia yasubiyemwo Fiqi avuga ati: ''iyo dosiye...yarasozerewe inyuma y'aho ivyo Somalia yasaba bishiriwe ku meza hanyuma bikemerwa atari ukubera hagize ivyo iheba canke ishize ku ruhande ingingo ngenderwako twakoresheje mu kurwanira ivyacu''.

Will Ross na BBC Monitoring batereye muri iyi nkuru