Kubera iki amasezerano ya Ethiopia na Somaliland ateje umutima uhagaze mw’Ihembe rya Afrika?

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Na Damian Zane
- Igikorwa, BBC News
Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Somaliland - intara yitangaje ko ari igihugu cigenga - na we yaguye mu mporero y’ano masezerano atavugwako rumwe ateje impari mu karere k’Ihembe rya Afrika.
Abdiqani Mohamoud Ateye yatanze imihoho avuga ko abashikiranganji bategerezwa kubanza kubazwa mu masezerano Somaliland yagiranye na Ethiopia yotumye akarere kayo gakodeshwa n’iki gihugu kibanyi kitagira umuhora ugishikana kw’ibahari.
Somalia – isanzwe ifata ko Somaliland ari intara yayo – yatewe uburakari n’ano masezerano yo ku wa 1 Nzero (1), ivuga ko ari igitero.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika bishigikiye iyubahiriza ry’ubusugire bwa Somalia, bigasaba impande zompi kugabanya imishamirano.
Ni ibiki vyemeranijwe?
Amasezerano nyayo yateweko igikumu n’abategetsi ba Ethiopia na Somaliland ntarashirwa ahabona, iyi ikaba ari ingorane mu gihe hari imvugo zibiri zivuguruzanya ku vyo izi mpande zompi zumvikanyeko mu rwandiko rw’umwumvikano, ikizwi nka (Memorandum of understanding/ Mémorandum d’entente, MoU).
MoU ni urwandiko rw’ivyipfuzo, aho kuba amasezerano ategeka impande zompi kuyubahiriza, ariko ikiboneka ni uko Somaliland yiteguye guha Ethiopia umuhora uyishikana kw’ibahari kugira ngo yoroherwe mu budandaji bwayo ikoresheje ikivuko, n’aho bitaratomoka neza ico kivuko ic’ari co.
Harimwo kandi n’ibijanye n’igisirikare. Somaliland ivuga ko ishobora gukodesha agace k’inkengera yayo ku gisirikare ca Ethiopia kirwanira mu mazi, ibi bikaba vyaremejwe na Addis Abeba.
Ku ruhande rwayo naho, Somaliland yohabwa umutahe mw’ikompanyi y’indege Ethiopia Airlines, ikompanyi y’indege y’iki gihugu iteye imbere.
Ariko aho ibintu bitoroheye ni ukumenya nimba Ethiopia yaravuze ko izokwemera Somaliland nk’igihugu cikukiye – ibintu ata kindi gihugu na kimwe kw’isi kirigera gikora mu myaka irenga 30 iheze kuva Somaliland itangaje ko yiyonkoye kuri Somalia.
Umusi ano masezerano yemezwa, umukuru wa Somaliland Muse Bihi Abdi yavuze ko ano masezerano arimwo ikigabane kivuga ko Ethiopia hazogera igihe muri kazoza ikemera Somaliland nk’igihugu cigenga.
Ethiopia ntiremeza ibi. Ahubwo mu kugerageza gutanga umuco ku biri muri ano masezerano y’umwumvikano, ku wa 3 Nzero reta yavuze ko ano masezerano arimwo “ingingo…zo kugira isuzuma ryimbitse rizotuma hafatwa icemezo ku vyerekeranye n’utwigoro twa Somaliland two kwemerwa nk’igihugu cigenga”.
Kubera iki ibi biteje impari nyinshi?
Ku bwa Somalia, Somaliland ni igice c’ubutaka bwayo. Ikintu ico ari co cose c’uko yogirana amasezerano n’ikindi gihugu canke ko uduce twayo dushobora gukodeshwa Mogadishu itavyemeje n'ibintu bizana ingorane nyinshi.
Haciye umusi umwe ano masezerano ateweko igikumu, Somalia yavuze ko ari “igitero kibangamiye …amahoro n’umutekano”. Yaciye kandi itumako umuserukizi wayo muri Ethiopia.
Ku wa Mungu, umukuu w’igihugu ca Somalia Hassan Sheikh Mohamud yarongereje akariro mu kuvuga ati: "Tuzorwanira igihugu cacu, tuzokirwanira dukoresheje uburyo bwose bushoboka twongere turondere uwo ari we wese yiteguye kudufata mu mugongo.
Yateye akamo kandi urwaruka "kwitegura kurwanira igihugu cacu".
Mu ndwi iheze habaye imyiyerekano ku mugwa mukuru Mogadishu yo kurwanya ano masezerano, aho ibihumbi n’ibihumbi bayitavye kugira bayiyamirize.
None Somaliland ihagaze gute?
Somaliland, akarere kahoze gatwarwa n’Ubwongereza, katangaje ko kiyonkoye kuri Somalia mu 1991, kandi gafise ibintu vyose biranga igihugu, harimwo integuro ikomeye y’ubuzima bwa poritike, amatora yama atunganywa uko bisanzwe, igipolisi hamwe n’ifaranga ryayo.
Yarikinze kandi ku rugero runini akajagari n’imishamirano vyasinzikaje Somalia mu myaka mirongo.
Ariko intahe yayo yo kwikukira ntirigera yemerwa n’igihugu na kimwe kw’isi
Nimba, nk’uko Somaliland ibivuga, Ethiopia yariyemeje ko izoshika igihe ikemera iyi ntahe y’ukwikukira, bizogira ingaruka zikomeye mu karere k’Ihembe rya Afrika.
Ethiopia ivuga iki?
Mu mwaka uheze, umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed yavuze ko umuhora uyishikana kw’ibahari ari ikibazo co kubaho kwayo.
Ethiopia yatakaje ibivuko vyayo igihe Eritrea iyiyonkorako mu ntango z’imyaka ya 1990. Ku miriyoni zirenga ijana z’abanyagihugu bayo, ni co gihugu ca mbere kitagira umuhora ugishikana kw’ibahari gifise abantu benshi kw’isi yose.
Iri jambo rya Abiy ryateje ubwoba ko Ethiopia ishobora kugerageza gushika kuri ino ntego ikoresheje inguvu.
Ivuga ko ano masezerano na Somaliland ari imbonekarimwe, igashimangira ko imigambi yayo ari iy’amahoro.
Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru vya Ethiopia bivuga biti: "Ivyatangajwe na reta vy’aho ihagaze bifise ishingiro rikomeye ry’ukudashaka kwinjira mu ntambara n’igihugu ico ari co cose”.
Ariko mu majambo adatomora neza kuri iki kibazo, Abiy yavuze kuri X (yahoze yitwa Twitter) ku wa Mungu ko “nimba twiteze ko ibintu biba nk’uko tubimenyereye canke tuzi canke dushobora kuvyibaza, [amahirwe] arashobora kuduca mu myanya y’intoke".
Yongerako y’uko rimwe na rimwe ari ngombwa kwiyumvira “mu buryo budasanzwe” kugira ngo ushike ku ntego.
Abandi bavuga iki?
Ku wa 3 Nzero, umukuru w’Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika Moussa Faki Mahamat yasavye ituze n’ukwubahana kugira ngo icuka kibi cibonekeza hagati ya Ethiopia na Somalia kigabanuke.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderaire Matthew Miller na we nyene yavuze ko igihugu ciwe gifise impungenge ku makuru avuga ko Ethiopia ishobora kwemera ubwigenge bwa Somaliland.
Yabwiye abanyamakuru ati: "Twishize hamwe n’incuti mu kwerekana impungenge zacu zikomeye hamwe n’ukwiyongera kw’imishamirano mw’Ihembe rya Afrika”.
Turukiya, igihugu gifise uruhara rukomeye muri Somalia, ivuga ko “yiyemeje kwubahiriza ubumwe, ubwigenge n’ubusugire” vya Somalia.
Eka na Misiri na yo nyene yiyemeje gushigikira Somalia. Perezida Abdul Fattah al-Sisi yabwiye mugenziwe wa Somalia ko Misiri iri kumwe na Somalia kandi ko ishigikiye "umutekano n’ituze vyayo".











