Umuziki woba utuma ibikoko bitekana?

Ahavuye isanamu, Serenity Strull
Urashobora gusanga imiziki itandukanye igenewe imbwa n'ubuyabu ku mbuga ngurukana bumenyi. Vy'ukuri irafasha ivyo bikoko kworoherwa?
Igihe Serenity Strull, ajejwe igisata ca BBC gifata amafoto yarokora imbwa yiwe yitwa Margot, yaciye amenya ko iyo mbwa y'imyaka itatu yari ifise ingorane z'ugutinya cane.
Strull yavuze ko uwayitunze yasanze itinya kandi ikunda abana ariko irakara kandi ntigire icizere ku zindi mbwa.
Imbwa Margot yaragiye ku muti ugabanya uguhahamuka bita Prozac ariko watuma ubwonko bwayo budakora neza baca bayiwukurako.
Margot ishitse muhira, Strull yamenye ko igikabura vyose ari ukuba yonyene. Yasavye ubufasha abasanzwe bamenyereza imbwa n'abaganga bazo benshi, agerageza n'ubuhinga bwinshi butuma itekana ariko ntacavuyemwo.
Mu nyuma harakunze ikintu kimwe: kuyivugiriza umuziki utagiramwo amajambo n'ibindi bikoresho vy'umuziki ariko bidashira ijwi hejuru.
Umuntu umwe mu bamenyereza b'imbwa yamuhanuye impanuro zo kuyivugiriza Through a dog's ear, urukurikirane rw' imiziki itagiramwo amajambo ivugirizwamwo cane cane inanga (piano) igenewe kugabanya umwikomo ku mbwa.
Ni ubwoko bw'umuziki watangujwe na Joshua Leeds, umuhinga mu bijanye n'ingene ijwi ryakirwa, hamwe na Susan Wagner umuganga w'ibikoko akaba umuhinga w'imitsi nsozabwenge, yize uruhara rw'umuziki ku mbwa.
Bihweje imbwa zirenga 150 mu mazu y'abigenga n'izindi ziba mu tuzu twazo basanga izirenga 70% ziba mu tuzu twazo na 80% ziba mu mazu y'abigenga zerekana ibimenyetso bike vy'ugutinya cane ( harimwo kwiyangaza, gutetemera no guhema zidashitsa) inyuma yo kumara igihe zumviriza umuziki urimwo inanga ubudasiba.
Kuri camera yiwe maneko, Strull yabonye impinduka ku mbwa Margot nkako kanya. Yavuze ko yakunda kuronka ubutumwa bw'ababanyi bidogera iyo mbwa ko ikuga iyo isigaye ari yonyene. Ubu rero aho kwiyangaza canke gukuga, iyo mbwa Margot iraryama iyo bashizemwo umuziki utagira amajambo wa Brahms canke Beethoven mu gihe nyene imbwa aba yagiye. Hari igihe nashika muhira nk'isaha cumi zo mu bucagucagu, ikaba igisinziriye.
Ubundi bushakashatsi bwashitse ku vyegeranyo bisa. Kimwe co kuri Kaminuza Queens University Belfast cihweje ubwoko bw'amajwi butatu ku mbwa ziba mu tuzu twazo n'iziba mu mazu y'abigenga aribwo umuziki utagiramwo amajambo, ibitabu vy'amajwi (audiobooks), n'uguceceka.
Inyuma y'umwihwezo wimbitse ku kungene habaye impinduka kuri zo, abashakashatsi bemeje ko umuziki utagiramwo amajambo ufise ububasha bwo gutuma zitekana iyi zivuye mu bihe bitoroshe, nk'iyo bazivanye ku muganga w'ibikoko canke inyuma y'urugendo rurerure n'imodoka.
Ariko si ukuvuga ko imiziki yose itagiramwo amajambo ifise akamaro ku mbwa. Umuziki ugenda buke buke, umuziki usanzwe utarimwo ingoma nyinshi, ni yo myiza. Ubwoko bw'imiziki nk'iyi bwabonetse ko bugabanya umusemburo wa cortisol werekana ingene umuntu ariko yishura ku mubabaro, ku mbwa, ariko imvo ntiziramenyekana neza.
Deborah Wells ari mu bakoze ubu bushakashatsi akaba n'umushakashatsi ku nyifato y'ibikoko kuri Kaminuza Queen's University Belfast agira ati: "Insiguro ikomeye gusumba izindi zose ni uko ubu bwoko bw'umuziki bufise kamere ndemanwa yo kuruhurira umutwe, kumbure bikaba biva ku kuntu irekura imisemburo iruhurira umutwe".
Wells yize ku ngaruka z'umuziki utagiramwo amajambo ku bikoko bitandukanye , harimwo ivyo usanga mu bigo vy'inyamaswa, nk'inzovu n'inguge.
Wells agira ati: "Inzovu n'inguge vyororewe mu nzu y'ibikoko vyerekanye ivyiza vyo kubaho neza, aho kumara umwanya wose binenana canke birwana".
Iyindi mibereho myiza igizwe n'ugufungura neza, ugukunda gusinzira, ukugira abasoda b'umubiri bakomeye n'ukurondoka cane.

Ahavuye isanamu, Serenity Strull
Inyamaswa n'abantu baravukanye ubushobozi bwo kwumva butandukanye. Imbwa zifise ubushobozi bwo kwumva nk'incuro zitatu kuruta ubw'abantu (ku rugero rwo hertz [Hz] 65.000), ku buryo zishobora kwumva amajwi menshi cane be n'amajwi ari kure cane kuruta ugutwi kw'umuntu.
Akayabu gashobora kwumva ijwi riri kure gusumba aho (gushika kuri 79 000 Hz), ibi bigatuma ijwi ry'ihoni riri kure cane canke no gukunyura gusa igikaratasi ca aluminium bishobora kugatuma kiruka kwinyegeza mu kabati.
Nta vyigwa vyinshi vyakozwe ku bijanye n'ingaruka z'umuziki ugira ku buyabu, uretse ubushakashatsi bumwe bwabonye ko hari isano. Abashakashatsi bashize twa dukoresho two mu matwi dufasha kwumviriza ( écouteurs/headphones) ku buyabu 12 igihe bwariko butera umuti wo kuzibira ububabare kugira ngo babukone, hanyuma havuzwa ubwoko bw'amajwi akurikirana: Torn ya Natalie Imbruglia, Adagio for Strings ya Barber be n'iya AC/DC yitwa Thunderstruck.
Ukungene uno muziki utagira amajambo kwatumye bugira umuvuduko muto cane w'uguhumeka, umutima ugatera buhoro cane, imbonero nazo ziraguka cane (ivyo vyose bitatu vyerekana ko ituze).
Umuziki utagira amajambo si co conyene gishobora ibitungwa. Imiziki yo mu bwoko bwa rege (reggae) na rock, yoroshe, igenda buhoro buhoro kandi itarimwo ingoma zikomeye, na yo nyene yerekanwa ko iha ituze imbwa aho ziruhukiye.
Ubundi bushakashatsi bwakozwe ku nyabu 35 mu bitaro, bwasanze umuziki utagira amajambo na wo nyene ugabanya umuvuduko wo guhema, igihe utarimwo ivyuma bitera urwamo (umuziki ugizwe nk'akarorero n'inanga, umwironge, indonongo, ...).
Ibitabu vy'amajwi vyoshobora kumvikana nk'aho vyotuma ibikoko vy'ibitungano bituza, canecane iyo umuntu yumvikanamwo afise afise ijwi ryiza, ariko ariko mu ngiro si ko bimeze.
Ubushakashatsi bwakozwe na Wells arimwo mu 2022, bwihweje ingene imbwa 60 zivyifatamwo iyo zirumvise umuziki utagira amajambo canke ibitabu vy'amajwi mu gihe ba nyen'izo mbwa batahari mu gihe gito, bwasanze ibitabu vy'amajwi ata kintu kinini canke mbere ataco bifasha mu gutuza. Aho kwicara canke kuryama nk'uko vyagenze igihe zariko zumviriza umuziki, nyinshi ahubwo wasanga zifyuriye amaso iyi rugagamisha yaba iriko irasohora amajwi.

Ahavuye isanamu, Madeleine Jett
Naho ubushakashatsi bwinshi bwerekana ko umuziki utagira amajambo ufise ubushobozi bwo gutuma ibikoko bitekana, ibi ntibisigura ko ku mbwa zose, ku nyabu zose canke ku nzovu zose ariko bigenda. Ubu bushakashatsi hafi bwose ni buto kandi buri ku rugero ruto, kandi bwibanda cane cane ku bikoko biri mu nzu z'indaro hamwe n'iziri mu bigo vy'ubuvuzi, ibi bibanza navyo bikaba ari ibibanza mu bisanzwe bitekanye.
Igihe Janet Marlow, umuhinga mu kwihweza inyifato y'ibikoko iterwa n'amajwi akaba n'umwanditsi yavyibonera ku bikoko vyiwe, yaciye atangura gutunganya umuziki wo kubituma bitekana, eka mbere n'ibindi bishobora gutekana.
Yavuze ati: "Natanguye nandika nongera ntunganya umuziki ufatiye ku ndangakamere y'imbwa, ubuyabu, ifarasi n'ibindi bikoko yo kwumviriza.
Ubu buryo bwamutumye atunganya umuziki usukuye neza uryoheye ugutwi kw'ibikoko. Yahavuye atunganya urutonde rw'amajwi rugizwe n'uruvangatirane rw'imidiho itandukanye yise Pet Acoustics, kandi rushingiye ku bushakashatsi bwinshi bwemejwe n'abahinga.
Iyo wumvirije nka Through a Dog's Ear, imiziki ya Marlow, canke urutonde rw'imiziki itagira amajambo wewe nyene wihitiyemwo, biragusaba kugerageza incuro nyinshi kugira ngo uronke neza na neza iyishobora kuryohera igikoko cawe c'igitungano.
Ariko, niba ivyabaye kuri Margot hari ico bishobora kukubwira, amajwi atuje neza ashobora guhindura vyinshi.










