Abasirikare 6 bagirijwe uruhara mu bwicanyi bwahitanye abarenga 40 i Goma

Ahavuye isanamu, AFP
Abasirikare batandatu bagirijwe ivyaha muri sentare ya gisirikare muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo ku ruhara mu bwicanyi bw’abantu barenga 40.
Uwo mugwi urimwo umu colonel n’umu lieutenant-colonel bo mu ngabo zicungera inzego z’igihugu (garde republicaine).
Bagirijwe ivyaha birimwo ibikorewe zina muntu mu kwica, gusambura n'ibigirankana no gukokeza abasirikare gukora ibikorwa bitandukanye n'inyifato nziza ya gisirikare igihe urubanza rwabo rwtangura muri sentare ya girikare i Goma.
Ku wa mbere abasirikare bakuru bari batawe muri yompi bakekwako uruhara mu rupfu rw'abantu barenga 40 ku murwa mukuru w'intara ya Nord Kivu, Goma, mu buseruko bwa Repuburika ya Demikrasi ya Congo ku ndwi iheze.
Abo bantu bariko baritegurira 7kugira imyiyerekano yari yabujijwe.
Mu ntureka n'abajejwe umutekano kuwa gatatu hishwe abantu 43 abandi 56 barakomereka.
Abari mu myiyerekano bari abayoboke b'idini ritemewe kandi bariko barasaba itahukanwa ry'inteko za ONU n'iziva mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y'ubuseruko zarungitswe gufasha kugarukana amahoro muri ico gihugu.
Ubuseruko bwa Congo bumaze imyaka irenga 20 burangwa n'umutekano muke uhungabanywa n'imigwi yitwaje ibigwanisho irenga ijana.
Ni bande bafashwe?
Itangazo rya reta ryatanguye kuvuga ko abo bantu bishwe inyuma y'aho umuporisi yiciwe mu bikorwa vyabo vy'imyiyerekano hanyuma abajejwe umutekano bakaja gusubiza ibintu mu buryo.
Ariko perezida wa Congo, Felix Tshisekedi yaciye arungika intumwa kuja gutohoza ivyabaye.
Muri izo ntumwa harimwo icegera c'umushikiranganji wa mbere ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Peter Kazazi hamwe n'icegera c'umushikiranganji wa mbere ajejwe kwivuna abansi Jean-Pierre Bemba.
Peter Kazadi yamenyesheje ko bamaze kwumviriza abakuru mu nzego za gisikare, mu giporisi no mw'iperereza muri ico gisagara ca Goma haciye hafatwa abakuru babiri mu gisirikare.
Abo ni Mike Mikombe, umukuru wa brigade icungera inzego z'igihugu (garde Republicaine) n'umukuru wa rejima (regiment) yo muri ako karere, Donat Bawili.
Ivyo bagirizwa ntibizwi neza.
Umushikiranganji Kazadi yavuze ko ubu bagiye gucirirwa urubanza muri sentare ya gisirikare umwe umwe ku ruhara yagize.
Uwo mushikiranganji yemeye ko amatohoza kuri ubwo bwicanyi bwavyuwe ishavu ryinshi mu gihugu no mu makungu azoba mu muco.
Umukuru w'intara yahamagajwe Kinshasha
Rimwe mu mashirahamwe aharanira uburenganzira bwa zina muntu aho muri Congo yagirije abasirikare b'igihugu kuba barashe imbona nkubone abo bantu.
La Lucha ivuga ko abo bantu bari kw'isengero bitegurira kugira iyo myiyerekano yari yabujijwe n'ubutegetsi.
Iryo shirahamwe ryavuze ko ritumva igituma iyo myiyerekano ibuzwa kandi butari ubwa mbere iba kandi ikaba mu mahoro.
Amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike arashima izo ngingo zo gufata abo basirikare ariko agasaba ko hafungurwa abantu barenga 160 bafashwe uwo munsi ubwicanyi buba.
Hagati aho , Lieutenant-général Constant Ndima Kongba, umusirikare atwara intara ya Nord Kivu yahamagajwe ku murwa mukuru, Kinshasa nk'uko bivugwa na radio Okapi yegamiye ONU.
N'iyo ngingo yafashwe n'izo ntumwa perezida Felix Tshisekedi yarungitse gutohoza kuri ubwo bwicanyi bwo ku wa 30 Myandagaro (8).
Hafashwe kandi ingingo zo guhagarika mu kazi vy'imfatakibanza babiri mu bakuru mu giporisi nabo bahamagazwa i Kinshasha.
Reta yemeye kandi kuzotunganya ifubwa ry'abaguye muri izo ntureka yongere ivuze abahakomerekeye, nk'uko iyo radio ibandanya ibivuga.
Vyategetswe kandi ko hokorwa rusasuma hanyuma hugarwe amashengero yose adakwije ibiswabwa n’amategeko.










