Mozambique: Umugore yanyuruza abana agasaba ingwate y'amahera yapfunzwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Sentare muri Mozambique yakatiye umugore igifungo c'imyaka 30 ahamwe n'icaha co kunyuruza abana agasaba ingwate ngo abarekure mu muji wa Beira.
Uwo mugore w'imyaka 37 yabwirijwe kandi kuriha amande y'amafaranga $3.100 yo gushumbusha imiryango y'abana yanyuruje.
Sentare yabwiwe ko uwo mugore yanyuruje umwana w'imyaka 14 mu kwezi kwa Gitugutu (10) mu mwaka uheze agasaba ingwate y'amafaranga £313.
Biravugwa yuko yanyuruje uwundi mwana w'imyaka indwi mu kwezi kwa Kigarama (12) agasaba $390 kugira amurekure.
Umucamanza Martinho Mucheguere yavuze yuko guhanisha uwo mugore igihano kinini gishoboka biri mu ntumbero yo guca intege abakora ibikorwa vyo kunyuruza vyabaye ndanse muri ino minsi.
Uwo mucamanza yagize ati: "Tumenyereye ukunyuruza aho basaba amahera y'umurengera y'ingwate. Ariko uru rubanza rufise umwihariko kuko rurimwo ibikorwa vyo kunyuruza gushika ku rwego rwo ku muhana hakoreshejwe uburyo bwa M-pesa (guhanahana amahera hakoreshejwe telefone)".
Yongeyeko ati: "Uburyo bwonyene dufise bwo guca intege abakora ibintu nk'ibi ni gukora ivyo itegeko ritegekanya - ibihano vyo ku rwego rwo hejuru".






