Uganda-Ebola: Icaduka c'iyo ndwara carangiye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uganda uyu munsi yatangaje ko icaduka c’indwara ya Ebola carangiye muri ico gihugu inyuma yo kwica abantu barenga 50.
Itangazo ryo kuvuga ko carangiye rije inyuma y’ikiringo c’iminsi 42 ata muntu mushasha atowe yanduye iyo ndwara.
Umushikiranganji ajejwe amagara muri Uganda Muganga Jane Ruth Aceng yavugiye mu birori i Mubende ku wa gatatu ati: ‘’Twarashoboye kurwanya neza ico caduka.’’
Ico caduka, catanguye muri Nyakanga (9) guheze, carateye impungenge cane kuko catewe n’ubwoko bwa Sudan bw’iyo ndwara, busanzwe butagira urucanco/urukingo.
Abantu benshi bafashwe mu ntango bari bagwiriye cane mu ntara za Mubende na Kassandazo hagati na hagati muri Uganda, aho ico caduka cahereye.
Ariko iyo ndwara harageze aho itera amakenga ko yagira ikwire ahandi henshi mu gihugu kuva abayanduye batowe mu zindi ntara nibura indwi, harimwo n’umugwa mukuru, Kampala.
Mu kigwati ca Kilwanyi aho abantu ba mbere bafashwe n’iyo ndwara batowe, ubuzima busa n’uburiko burasubira kuba ubusanzwe.
Ku wa gatatu mu gitondo, abantu b’aho bari mu mirima yabo, abandi bariko baranikira umwimbu wabo w’ibigori n’ikawa.
Mu gisagara gikuru ca Mubende, amwe mu ma bariyeri igiporisi cari cashizeho mu gihe c’umukwabu wa guma mu rugo cari cashinzwe mu ntara zibiri zari zisinzikaye kurusha izindi mu gihe ico caduka cari kigeze kw’isonga ubu zavanyweho.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bwari ubwa mbere muri Uganda haduka ikiza ca Ebola c’ubwoko bwa Sudan hari haheze imyaka 10.
Kandi cabaye igikorwa gikomeye kugira inzego zijejwe amagara y’abantu zishobore guhagururika ico caduka.
Ico gikorwa carahuye n’ingorane z’ihagarikwa ry’ibikorwa n’abakozi bo kwa muganga basaba kwongerwa impembo n’uburyo bwiza kurusha bwo gukora.
OMS ivuga ko abanduye iyo ndwara muri ico gihe bose hamwe babaye 164 (muri abo abemejwe ko yari iyo ndwara bakaba 142 na 22 biketswe), 55 barapfuye 87 nabo barakira.
OMS ibandanya ivuga ko abantu 4000 bagize aho bahurira n’abafashwe amagara yabo yarakurikanywe mu kiringo c’iminsi 21.
Muri rusangi urugero rwo kwicwa n’iyo ndwara rwabaye 47%, nk’uko OMS ibandanya ivuga.
Umurwayi wa nyuma yarekuwe ku wa 30 Munyonyo, ari naho iyo minsi 42 yatanguye guharurwa, nk’uko OMS ibivuga.
“Ndakeje Uganda ku kugene yitwaye neza cane ari naho havuye intsinzi y’uno munsi kuri Ebola”, ivyo bivugwa n’umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus.
Abandanya ati: "Uganda yerekanye ko Ebola ishobora gutsindwa iyo vyose bikozwe neza, kuva kuba hariho uburyo bwo gutanga imburi hakiri kare, gushika ku gutora abantu bafashwe n’iyo ndwara n’abahuye nabo no kubitaho gushika ku ruhara rw’ikibano mu gutora inyishu".
Itangazo rya OMS ribandanya rivuga ko n’ubwo ico caduka carangiye muri Uganda, abajejwe amagara y’abantu baguma barikanuye kandi biteguriye gukora ibikenewe vuba mu gihe ibindi vyaduka vyotera.
OMS ivuga ko ibihugu bibanyi biguma bigavye kandi ko bihimirizwa kuguma bikomeza ubushobozi bwavyo bwo kumenya hakiri kare ko hari bene izo ndwara zateye no gukora ibikenewe hakiri kare mu kuzirwanya zitararandagata.
OMS ivuga ko yahaye Uganda hafi amafaranga angana na miriyoni 6.5 z’ama $ yo kurwanya ico caduka yongera itanga miriyoni 3 z’ama $ ku bihugu bibanyi bitandatu kugira vyame vyiteguye.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umushikiraganji ajejwe amagara y’abantu muri Uganda Muganga Jane Ruth Aceng Acero avuga ko uretse n’izindi nguvu zose zakoreshejwe, "umukenyuro ukomeye cane wabaye ko abanyagihugu batahuye akamaro k’ivyari bikenewe kugira ico caduka kirangire hanyuma barabikora".
"Nta rucanco n’imiti vyari bihari, iki cari kimwe mu vyaduka vya Ebola vy’ingorabahizi muri iyi myaka itanu iheze, ariko Uganda yarakomeye ku muheto iguma ihinyanyura uburyo bwo guhangana na co", ivyo navyo bivugwa na Muganga Matshidiso Moeti, ajejwe OMS muri Afrika.
Abandanya ati: “Mu mezi abiri aheze, vyasa n’uko Ebola igiye kugumiza mu mwijima igihugu ca Uganda mu 2023 igihe ico caduka ca Ebola cari gishitse mu bisagara bikomakomeye nka Kampala na Jinja, ariko iyo ntsinzi itumye umwaka utanguranwa icizere kuri Africa yose".










