Ntibantunganya aravuga ku bibazo bihanze Ubumwe bwa Africa Ndayishimiye asanzeho

Evariste Ndayishimiye ashikirizwa amabanga yo kurongora Ubumwe bwa Afrika

Ahavuye isanamu, Evariste Ndayishimiye/X

Insiguro y'isanamu, Ku wa 14 Ruhuhuma (2), ni ho Evariste Ndayishimiye yashikirizwa amabanga yo kurongora Ubumwe bwa Afrika, asubiriye Perezida João Manuel Lourenço wa Angola
Igihe co gusoma: iminota 3

Kuva ku wa 14 Ruhuhuma (2) 2026, Perezida Evariste Ndayishimiye ni we aramutswa Ubumwe bwa Afrika (UA/AU) mu kiringo c'umwaka umwe, aho yasubiriye Perezida João Manuel Lourenço wa Angola.

Ni bwo bwa mbere Uburundi buhawe aya mabanga, Perezida Ndayishimiye akaba agiye kurongora uno muryango mu gihe uhanzwe n'ibibazo bitari bike.

"Ugutunganya itunga rya Afrika, ukuja hamwe, intwaro ibereye, amahoro n'umutekano, akaranga ka Afrika no guharanira ikibanza cubashwe mu nzego mpuzamakungu", ni bimwe mu bikorwa birindiriye Ndayishimiye, nk'uko vibugwa na Sylvestre Ntibantunganya yahoze ari umukuru w'igihugu c'Uburundi.

Ubumwe bwa Afrika (UA/AU) ni umuryango wasubiriye icari kizwi nk'Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika (OUA/OAU), mu mwaka wa 2002, ico gihe ukaba wihaye inshingano zisumbirije, hejuru yo guhagararira ubusugire bw'ibihugu.

Muri ivyo harimwo ugutorera umuti amatati mu bihugu imbere y'uko yadukamwo intambara, uguteza imbere intwaro rusangi, be no gushira hamwe ibihugu.

Hagati aho, ashikiriye aya mabanga mu gihe umugabane wa Afrika uri mu bibazo bikomeye, uno muryango nawo ukaboneka ko ataco ushoboye mu gutorera umuti ibi bibazo.

Bimwe muri ibi bibazo bikomeye Sylvestre Ntibantunganya abona ko Perezida Ndayishimiye agiye guhangana na vyo, harimwo cane cane, ibibazo bijanye n'amahoro n'umutekano.

Ati: "Tangurira ngaha muri kano karere k'iwacu: raba iyi ntambara iri mu gihugu ca Congo, ukaraba ibihugu biyivugwamwo, ukaraba ingaruka iriko iragira ku mibano mu bihugu, ku butunzi muri kano karere.

"Iki ni ikibazo kizoba gikomeye cane, gikeneye gukurikiranwa kugira ngo gitore umuti, ushingiye ku biriko birakorwa hirya no hino i Washington, i Doha, eka no muri Afrika na ho nyene".

Ikindi kibazo Ntibantunganya abona ko kitazokworohera umukuru w'igihugu c'Uburundi nk'umukuru w'Ubumwe bwa Afrika ni ibiriko bibera muri Afrika y'Uburengero, aho ibihugu bimwe bimwe birangwamwo indyane ziterwa n'abarwanyi biyitirira idini rya Isilamu, imigenderanire icumbagira hagati y'ibihugu biri muri ako karere aho mbere n'imigenderanire hagati yavyo n'Ubumwe bwa Afrika ikaba itifashe neza.

Hari kandi n'intambara ziriko zibera muri Sudani, Somalia, n'ibindi vyinshi nk'uko abivuga.

Naho mu bijanye n'ubutunzi, Sylvestre Ntibantunganya yerekana ingorane zijanye n'ukungene Afrika ata kibanza gikwiye ihabwa mu ngingo zijanye n'ubutunzi kw'isi zigenda zifatwa.

Ndayishimiye ahawe umuryango w'Ubumwe bwa Afrika uhagaze gute?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kuva iri shirahamwe ryiswe Ubumwe bwa Afrika, ryihaye intego nyamukuru y'uko, nubwo ritegerezwa kwubaha ubusugire bw'ibihugu, ridashobora kwigira sindabibazwa mu gihe hari ibihugu biriko birangwamwo ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara n'ivyaha bikorerwa kiremwamuntu, ibi bikaba bitari bimeze uku ricitwa OUA, kuko ryari ryubakiye ku ngingo ngenderwako nyamukuru yo kutivanga mu buzima bw'imbere mu bihugu.

Ni na co gituma kuva ico gihe haciye hashinzwe inzego zitandukanye mu ntumbero yo gushika kuri izo ntego ziri mu kizwi nk'Urwego rwa Afrika rujejwe Amahoro n'Umutekano (African Peace and Security Architecture, APSA), ikimenyetso c'uko uno muryango mushasha wari uje wazikenyeye mu gushaka gutatura amatari.

Muri izi nzego harimwo Inama y'Amahoro n'Umutekano (PSC), Akanama k'Abahinga b'Inararibonye, Ingabo za Afrika Ziryamiye Amajanja (African Standby Force, ASF), hamwe n'Urwego rw'Umugabane rwo Kuburira Hakiri kare ku bibazo (Continental Early Warning System) hamwe n'Umurwi ujejwe gutatura amatati (AU Mediation Support Unit – MSU).

Hagati aho, ibibazo ni indiri n'indiri muri iki gihe, ariko izi nzego zose ni nkaho zarengewe, ibi bigatuma uno muryango uboneka ko mu mpapuro ufise integuro zikomeye cane, ariko kuzishira mu ngiro bikaba ari ibindi.

Muri ino myaka ya vuba ibihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika y'uburengero vyagiye birangwamwo ama coups d'Etat, aho nk'ibihugu vya Mali, Burkina Faso na Niger vyiyonkoye mw'ishirahamwe ry'ubutunzi CEDEAO/ECOWAS, Ubumwe bwa Afrika ico bwakoze kukaba ari ugutaramura ibi bihugu, ingingo isa nk'uko ataco yabwiye ibi bihugu vyishize hamwe.

Ikindi kibazo kijanye n'uburyo. Vyinshi mu bikorwa vy'ukugarukana amahoro n'umutekano aho bikorwa kw'izina rya AU usanga amafaranga ikoresha atangwa n'amahanga, nk'Ubumwe bwa Bulaya, ONU, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n'abandi bagiraneza, nk'uko bimeze ku butumwa bwa ATMIS muri Somalia. Iyo aba imfashanyo bahagaritse, ibi bikorwa bica bicumbagira canke bigahagarara.

Hejuru y'ibi, umugabane wa Afrika uboneka nk'ikirimbiro ry'ibihugu rutura usanga ari nka vyo bifata ingingo kubera inyungu bifise ku mugabane. Aha ni nk'ukungene Amerika, Uburusiya, Ubushinwa, n'ibindi bihugu rutura, bisa n'ibiriko birakiririmbira kuri Afrika, buri ruhande rufise inyungu zarwo.

Ibi vyose ni ibintu bishobora gutesha agaciro Ubumwe bwa Afrika, aho usanga hariho nk'ingingo zifatwa uno muryango utagishijwe inama.

Aha abatari bake bokwibuka ingene ingabo z'ishirahamwe OTAN/NATO rihurikiyemwo ibihugu vy'akarere ka Atlantiki y'uburaruko zafashije mw'itembagazwa ry'ubutegetsi bwa Muhammar Kaddafi wa Libya mu 2011, igihe hari imyiyerekano yamurwanya.

Ico gihe, Perezida Yoweri Museveni wa Uganda yagiye aboneka kenshi anegura iki gikorwa, avuga ko kari "agasuzuguro" kubona ingabo za OTAN zinjira ku butaka bw'umugabane wa Afrika, Ubumwe bwa Afrika butabizi.

Igihe kimwe yumvikanye agira ati: "Abakuru b'ibihugu batandatu ba Afrika bari mu nzira baja muri Libya, mu butumwa bwa Afrika, bategetswe na OTAN gusubira inyuma! OTAN yarababujije kwinjira muri Libya! Mu giswahili, ibi tuvyita 'akagaye'".

Ndayishimiye afise ikiringo c'umwaka kugira ngo atange intererano yiwe ngo Ubumwe bwa Afrika buzoshike ku ntego bwihaye ishingiye ku civugo ngo "Afrika Dushaka" ko gushika mu 2063 woba umugabane uteye imbere kandi utarimwo intambara.

Abagenda bakurikirana ku burongozi bw'uno muryango ibi bibazo babisangaho, bakabisigaho. Ubwo Perezida Ndayishimiye wewe hari kinini azohindura?