Vyagaragara ko tutashobora gutsindwa uru rukino - Arne Slot wa Liverpool itahukanye Premier League

Arne Slot
Insiguro y'isanamu, Liverpool yatsindiye ihiganwa ry'Ubwongereza, Premier League

"Vyagaragara ko tutashobora gutsindwa uru rukino. Bose mu modoka baguma bavuga ko ata kuntu na kumwe twotsindwa uru rukino.

Aya ni amajambo ya Arne Slot, umumenyereza wa Liverpool, inyuma y'urukino rubahaye igikombe c'igihanwa rya Premier League mu Bwongereza, aho yirahiye Tottenham ku bitsindo 5-1.

"Buri gihe bama bafise inzira yo gutsinda..

"Ni ukuri ndavyishimiye, si ku bakinyi gusa ariko ku bantu bose bari ngaha, abajejwe inkino, abakozi banje, koko dukwiye kubakomera amashi.

"Reka twibagire ko ari ubwa kabiri mu myaka 35, ni ubwa kabiri mu myaka itanu".

Binjiye mu kibuga barondera inota rimwe gusa kugira ngo bambikwe umutamana wa Premier League, ihiganwa ry'umupira w'amaguru ry'Ubwongereza, ariko urukino rukaba rurangiye batahukanye amanita atatu yose, n'ibitsindo bine vy'integabizoza.

Ihiganwa ntirirahera, ariko mu gihe hasigaye inkino zine gusa, n'aho vyoshika izindi zose Liverpool ikazitakaza, nta murwi n'umwe woyihamvya, kuko isumvya Arsenal iza mu kibanza ca kabiri, amanota 15 yose.

Ni bwo bwa mbere igomba ihimbaze intsinzi ya Premier League iri kumwe n'abafana bayo inyuma y'imyaka 35, kubera igihe yaheruka kuritsindira hari mu 2019-2020, igihe hari amategeko ya guma mu rugo kubera ca kiza ca Covid-19, vyumvikana rero ko ata birori vyo kwigina intsinzi vyashobora kuhaba.

Arne Slot yabwiye Sky Sports ati: "Biragoye kubivuga mu majambo. Ivyariko biraba imbere y'urukino vyerekana ibintu birengeye ivyo jewe noshobora kuvuga".

"[Abafana] bari bibereye hano] ni co gituma bitari ibisanzwe. Imyaka itatu canke ine yari iheze batsindiye ihiganwa. Yari intambwe idasanzwe, ariko nta bafana bari bahari. Rero uca wumva ukungene ari ikintu gikomeye kuri bo kuba bari hano. Hanyuma aba bahungu nabo uno musi baca bakora igikorwa c'igitangaza uno musi, harimwo n'abafana".

Ibirori vyo kwigina itsinzi vyari vyanatanguye imbere y'urukino, aho abafana isinzi bari bakinje bavyina imbere n'inyuma ya Anfield, ikibuga ca Liverpool.