Ligue des champions: PSG yaraye ikuwe mw’ihiganwa, hoba hageze gusambura vyose?

PSG ntiyiteze gutsindira Champions League n'aho ifise Lionel Messi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, PSG ntiyiteze gutsindira Champions League n'aho ifise Lionel Messi
    • Umwanditsi, Emlyn Begley
    • Igikorwa, Umunyamakuru w'inkino

Ku ncuro ya 11 Paris St-Germain igerageza kuraba ko yotsindira ihiganwa rya Bulaya rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Ligue des Champions/Champions League) yaraye isezeye mu mubabaro – ubwo none hoba hageze “gusambura vyose” bagatangura bishasha?

Bayern Munich yo mu Budagi yaraye iyirukanye nijoro, mu kuyitsinda 2-0 mu gihe mu rukino rwa mbere yari yayitsinze 1-0.

Uyu murwi ufise abakinyi babiri ba mbere bazimvye kw’isi yose muri kahise k’umupira w’amaguru - Neymar yari yakomeretse kuri ivyo akaba atari muri uru rukino rwo gusubiza, be na Kylian Mbappe, hamwe kandi n’umukinyi rurangiranwa wa mbere kw’isi muri kahise k’umupira w’amaguru, Lionel Messi - warananiwe no kwinjiza igitsindo na kimwe mu minota 180 yose (ni ukuvuga mu nkino zibiri zose zahuje iyi mirwi).

Joe Cole yahoze akinira Chelsea yabwiye imboneshakure BT sport ati: "Umugambi wa Paris St-Germain wari wateguwe kugira ngo itsindire Champions League, ariko iracari kure cane. Biragaragara ata nkeka ko bananiwe”..

Owen Hargreaves yahoze akinira umurwi nserukira gihugu w’Ubwongereza nawe avuga ati: "Bafise abakinyi benshi b’ubuhinga bukomeye cane bisangije. Si umurwi. Ni ibiterasoni. Baregeranije abakinyi benshi bakomye ariko nimba hari ico kuvuga, batera basubira inyuma”.

Umumenyereza wa PSG Christophe Galtier avuga ati: "Ni umubabaro ukomeye. Nta kundi ni ukuvyemera uko nyene.

"Sinzi nimba ari icigwa twohakura, ariko turacitse intege cane. Iyo tukinjiza ubwa mbere, vyari kuba ibindi bintu, ariko vyaratwankiye”.

Hoba hageze kuronderera hagati mu gihugu?

Kuva igiye mu minwe y’abanya-Qatar mu 2012, PSG imaze gukoresha umuriyaridi urenga w’amapawundi, ikaba imaze gutsindira ihiganwa ry’Ubufaransa incuro cumi hamwe n’ibikombe 12 vyo mu gihugu.

Ariko ba nyene kugura uyu murwi bari bashashaye Champions League, mugabo biboneka ko iyi ndoto ikiri kure nk’ukwezi. Mu myaka y’inkino ine ya mbere bagiye bashika mu gice ca kane gishira ica nyuma buri gihe, ariko mu myaka indwi iheze bagiye bakurwamwo bari mu gice c’umunani gishira ica nyuma muri ino myaka itanu ya nyuma.

Aho bikuyeyo hari mu 2020 aho bashitse mu rukino rwa nyuma bagatsindwa na Bayern.

Bagiye bagira abakinyi bo ku rwego rwo hejuru, abasatirizi karuhariwe kw’isi – ariko ugasanga badashoboye kwihagararako canke bakarengerwa.

Cole ati: "Ntibiyizi. None ni ba nde? Ntibitegura. Umengo ni nk’aho ata nteguro baba bafise. Ni kw’izina gusa.

Mu myaka 20 iheze, PSG yagiye igira abakinyi bayivuyemwo ariko bariko bitwara neza cane, mbere bamwe muri bo barayihumiye.

Kingsley Coman, ari na we yinjije igitsindo cahaye intsinzi Bayernmu rukino rwa nyuma rwa 2020 akaba kandi ari na we yinjije igitsindo mu rukino rwa mbere muri uno mwaka, ni umunya Paris yavuye muri PSG mu 2014 kuri gusa.

Uwundi mukinyi yavuye muri PSG kuri gusa ni umusatirizi wa Cameroun Eric Maxim Choupo-Moting – akaba ari we yinjije ica mbere ca Bayern nijoro.

Hargreaves yahoze akina hagati muri Bayern avuga ati: "PSG ikwiye gusambura vyose igatangura gushasha. Bafise abakinyi beza kandi bakiri bato batakaje, banyanyagiye kw’isi yose.

"Kubera iki bigira muri Salzburg canke Dortmund canke Leicester? Bose bari bakwiye gukinira PSG”.

None ibintu bigeye kugenda gute kuri Messi, Mbappe na Neymar?

Kylian Mbappe (hagati) ni we mukinyi amaze gutsindira ibitsindo vyinshi PSG muri kahise kayo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kylian Mbappe (hagati) ni we mukinyi amaze gutsindira ibitsindo vyinshi PSG muri kahise kayo
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mbappe ni umwe mu bakinyi beza cane PSG yaguze ibintu bikagenda neza, avuye muri Monaco mu miriyoni 165 z’amapawundi mu 2017, ari na we mu mpera z’indwi iheze yaciye umuhigo, aho yashikanye ibitsindo 201 mu nkino 248.

Uyu mukinyi yatsindiye igikombe c’isi yose mu 2018, ni umwe mu bakinyi bake bakiri muri PSG ariko abona ko akwiye gusezera kugira ngo ashobore kurwanira iteka ryo kwitwa umwe mu bihangange vy’umupira w’amaguru.

Umumenyeshamakuru w’umufaransa Julien Laurens ati: "Mbappe aracafise uwundi mwaka mu masezerano yiwe rero, n’aho ashaka kugenda ntibazomwemerera”.

"Ntarigera atsindira Champions League ariko aracafise imyaka 24, ariko iki si co kimuraje ishinga. Avuga ko coba ari ikintu kidasanzwe ari nka hamwe yoshobora kuyitsindira PSG."

Messi ni we afise amasezerano azorangira mu ci riza. Uyu kizigenza wa Argentina w’imyaka 35 avugwa ko yipfuza kuguma muri uno murwi ariko gushika ubu ntaratera igikumu ku masezerano mashasha.

Amaze gutsindira imipira y’inzahabu (Ballons d’Or) indwi, akaba amaze kwinjiza ibitsindo 29 mu nkino 64 amaze gukinira PSG kuva avuye muri Barcelona mu 2021 – ariko vyaranse ko afasha uyu murwi gutahukana Champions League.

Laurens ati: "Baracavuga ivy’amasezerano mashasha ya Messi muri uno murwi ariko muri rino joro ntiyari abinezererewe.

"Ikibazo si ubuhinga bwiwe, ikibazo kiri ku myaka yiwe. Si nibaza ko agifise ubushobozi nk’ubwo yari afise".

Umusatirizi wa Brezili Neymar w’imyaka 31 yavuye muri Barcelona – aho yari azibiwe na Messi – aja muri PSG mu 2017 ku giciro ca mbere kitari bwigere kibaho kw’isi c’imiriyoni 200 z’amapawundi.

Kuva ashitse muri uno murwi yagiye ahura n’ikibazo c’imvune, mbere kuri we uno mwaka ukaba uherutse kurangira imbere y’igihe, inyuma y’aho bimenyekaniye ko ari ngombwa ko abagwa ivi.

Laurens ati: "Baragerageje kumugurisha mu mwaka uheze ariko biranka, rero bazobigerageza kandi n’uno mwaka”.

Steve McManaman yahoze akina ku ruhande muri Liverpool yabwiye BT Sport ati: "PSG ntizoba yifashe neza mu mwaka uza.

"Lionel Messi azoba arenzako umwaka umwe kuyo afise, co kimwe kandi na Sergio Ramos. Neymar ntashobora kumara umwaka akomeye. Marquinhos ariko arasaza. Ni ngombwa ko aba bakinyi bakomakomeye baronderera ahandi”.

Hoba hageze ko bahindura abamenyereza?

Christophe Gaultier arashobora gutakaza akazi kiwe n'aho yotahukana ihiganwa ry'Ubufaransa ,Ligue 1?

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Christophe Gaultier arashobora gutakaza akazi kiwe n'aho yotahukana ihiganwa ry'Ubufaransa ,Ligue 1?

Kuva umurwi ugiye mu minwe y’abanya Qatar, Galtier abaye umumenyereza agira gatandatu, kandi nk’uko vyagiye bigendera batanu b’imbere yiwe, yananiwe no kuyiha Champions League.

Babiri muri batanu baheruka - Carlo Ancelotti na Thomas Tuchel – bamaze gutsindira iri higanwa rya mbere rya Bulaya kuva bavuye muri uno murwi.

Asubiriye Mauricio Pochettino mu ci riheze, Galtier yari umwe mu bamenyereza babiri bonyene babujije PSG gutsindira ihiganwa ry’Ubufaransa mu myaka cumi iheze, igihe afasha Lille kuritsindira mu 2021.

Ubu ni bo ba mbere mw’ihiganwa ry’Ubufaransa, bakaba basumvya amanota umunani Marseille iza ubwa kabiri, ibi bikaba vyerekana ko bashobora kwiyongera muri uno mwaka.

Laurens ati: "Imisi mike iri imbere izoba ikomeye. Nibaza ko Galtier azoheraheza uno mwaka w’inkino kandi ko bashobora no gutsindira ihiganwa. Ariko si niteze ko azoba akiri ng’aha mu ntango z’umwaka w’inkino uza”.

Joleon Lescott yahoze akina inyuma muri Everton avuga ati: "Bamwe mu bamenyereza b’ibihangange kw’isi y’umupira w’amaguru baragiyeyo ariko barananiwe no gutora umuti.

"Tuchel ni we yagikabakavye vyanka gato. Si nibaza ko hari ikibazo kimwe gusa. Hari ibibazo vyinshi ku buryo ata muntu yoshobora kubitorera umuti ubwo nyene”.