Mike Pence yifatiye mu gahanga Trump igihe yatangura imyiyamamazo

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Sarah Smith & Max Matza
- Igikorwa, BBC News
Mike Pence yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yeruriye bikomeye Donald Trump mu buryo butari bwigere bubaho gushika ubu mw’ijambo yashikirije mu gutangura imyiyamamazo yiwe yo mu matora ya 2024.
Uyu mu Repubulikani yagirije Trump ko yahonyanze ibwirizwashingiro rya Amerika kandi ko yashize ku ruhande indangagaciro zishingiye ku mico.
Ejo ku wa gatatu ni ho uyu yahoze ari buramatari wa Indiana akaba kandi yaranabaye umushingamateka yatanguye icese imyiyamamazo yo kurondera kuja muri Maison Blanche (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika).
Iyi ngingo ije kumuhanganisha na mugenziwe biyamamarije hamwe incuro zibiri, mbere akaba yaranamubereye icegera muri Maison Blanche kuva 2017-21.
Mw’ijambo yashikirije ari mu ntara ya Iowa, Pence yavuze ko Trump yateye intege abagumutsi bateye ingoro y’amakoraniro y’inama nshingamateka na nkenguzamateka, Capitol, ku wa 06 Nzero (1) 2021, yongera aranabesha ko Pence yari afise ububasha bwo guhindura ivyari vyavuye mu matora.
Ati: "Ariko Abanyamerika ni ngombwa ko bamenya ko urya musi, Perezida Trump yansavye ko nohitamwo hagati ya we n’ibwirizwashingiro.
"Ubu rero, abatora ni yo mahitamwo bagiye gushirwamwo: Nahisemwo ibwirizwashingiro kandi ni ryo nzokwama mpitamwo".
Yongeyeko y’uko ivyo Trump yakoze ku wa 06 Nzero bikwiye kumukura mw’ihiganwa ntasubire kugaruka ku butegetsi.
Ati: "Nemeza ko umuntu uw’ari we wese yishira hejuru y’ibwirizwashingiro adakwiye na rimwe kuba umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
"Kandi umuntu uw’ari we wese asaba umuntu ko yomushira hejuru y’ibwirizwashingiro ntakwiye gusubira kuba umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika”.
Pence w’imyaka 64 yifatiye kandi mu gahanga Perezida Joe Biden, umu-Democrat, mu kuvuga ko yaba we canke Trump ata n’umwe ameze nk’abanyamerika baciriritse bazi ingene “bubahana n’iyo bishitse hakagira ivyo badahurizako”.
Ahanini ijambo ryiwe ryari rishimikiye ku vyo adahurizako na Trump, ariko kandi yanenze n’uwundi mu Repubulikani bahanganye mu matora ya 2024, buramatari wa Florida Ron DeSantis.
Mu kunenga ibiherutse kuvugwa na DeSantis ku ntambara ya Ukraine, Pence yavuze ati: "Donald Trump n’abandi barondera kurongora igihugu bakwiye kwigiza kure ingendo yo muri kahise ku rubuga mpuzamakungu”.
Mu kiganiro yagiranye mu nyuma n’abanyagihugu kuri CNN, yabandanije yifatira mu gahanga abakeba biwe, mu kunegura Trump yigeze kwita Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya "incabwenge".
Ati: "Ndazi itandukaniro riri hagati y’incabwenge n’uwukora ivyaha vy'intambara, kandi ndazi uwukeneye gutsinda mu ntambara yo muri Ukraine”.
Ariko kandi, yaneguye abashikirizamanza bakoze amatohoza ku birego vy’uko Trump yafashe minenerwe inzandiko z’ibanga amaze kuva ku butegetsi, akavuga ko “kuburanya uwahoze ari umukuru w’igihugu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bitanga ubutumwa bubi cane mu makungu”.
Pence avuze ibi inyuma y’aho agiriwe umwere mu ndwi iheze n’abashikirizamanza ku vyo yaregwa ko yafashe minenerwe inzandiko z’ibanga.
Ijambo rya Pence ugereranije n’ay’abandi, ryari irisanzwe kandi ntiryari rikaze, kumbure iki kikaba ari icemeza gituma izina ry’uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu rikiri inyuma cane uravye ibiva mu matora ngereranyo.
Nk’uko biri mu cegeranyo c’umwihwezo wa Reuters-Ipsos casohotse mu kwezi guheze, Pence afise 5%, mu gihe Trump we afise 44%.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwe mu bigeze gutora Trump, Todd Wilson, avuga ko Pence "akeneye kwongereza inguvu ".
Ubwitonzi bwiwe kari akarusho, nk’uko abivuga, “ariko ndibaza ko iyo ugiye kuba umukuru w’igihugu, utegerezwa kwerekana ko urinda. Rero ico ni co nkeneye kubona muri Pence".
Abarondera guserukira umugambwe w’abarepubulika mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu 2024 babandanya biyongera.
Ku wa kabiri, Chris Christie wahoze ari buramatari wa New Jersey na we yatanguje imyiyamamazo. Ejo k uwa gatatu, buramatari wa North Dakota Doug Burgum na we nyene yatangaje ko yinjiye muri uru rugamba.
None hagiye gukurikira iki?
- Mu mezi ari imbere, abaharanira guserukira umugambwe w’Abarepubulikani bagiye kuja mu myiyamamazo batangure n’impari ku mboneshakure mu mezi
- Amatora mu ntara imwe imwe – amatora azwi nk’ay’ibanze – atangura mu kwa kabiri kw’umwaka uza
- Uwuzoronka abamushigikiye benshi niwe azokwemezwa mw’Ikoraniro ry’Abarepubulikani mu ci rya 2024
- Biboneka ko uwuzotsinda azohangana n’umu-Democrat Joe Biden mu matora yo muri Munyonyo (11) 2024
Pence yafatwa ko yari pfa mpfe na Trump mu myaka ine yose bamaze bakorana.
Ariko yaje kwitandukanya nawe kuva mu migumuko yakozwe n’abanywanyi ba Trump ku ngoro y’amakoraniro y’inama nshingamateka na nkenguzamateka, Capitol, mu kwa mbere 2021.
Trump yagumye amutera igitsure amusaba ko yotesha agaciro intsinzi ya Joe Biden igihe yari arongoye ibikorwa vy’inama nshingamateka na nkenguzamateka vyo kwemeza ivyari bihejeje kuva mu matora ariko aranka, bica bituma amusibanganya ko yabuze “ubutwari”.
Bamwe mu bari muri iyo migumuko bumviswe baririmba ngo “manika Mike Pence” igihe bitera mu vyumba vy’iyi ngoro y’amakoraniro, mbere benshi mu banywanyi ba Trump bakaba bamufashe nk’igihemu.










