Indege yigeze kuba ikimenyetso c'amahoro hagati ya Eritrea na Ethiopia yahagaritse kuja Asmara

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Teklemariam Bekit
- Igikorwa, BBC Tigrinya, i Nairobi
Kompanyi Ethiopian Airlines (EA) yahagaritse ingendo zayo zo kuja no kuva Asmara, umurwa mukuru wa Eritrea, ivuga ko ari ku mvo "z'ingorane zo gukora" zitayivuyeko.
Iyo ngingo yari yitezwe inyuma y'aho reta ya Eritrea itangarije mu kwezi kwa Mukakaro (7) ko iyo kompanyi y'indege itazosubira kwemererwa gukorera muri ico gihugu inyuma y'impera z'uku kwezi.
Iyo kompanyi ya reta, ya mbere nini y'indege muri Afrika, yari imaze igihe ivugana n'abategetsi b'i Asmara mu kugerageza gutorera inyishu imyidogo bari bafise.
Ingendo z'indege zari zasubiye kuba hagati y'ivyo bihugu bibiri haraheze imyaka itandatu gusa, inyuma y'imyaka 20 zihagaze, aho zisubiriye kikaba cari cabaye ikimenyetso gikomeye c'ukuvyura imigenderanire myiza hagati y'ibihugu bifise kahise ko gushamirana.
EA, kompanyi imwe yonyene ikora izo ngendo hagati ya Asmara na Addis Abeba, yavuze ko abakiriya ingingo yagizeko ingaruka izoca ibaronderera ibibanza ku zindi ndege - mu rugendo rushobora guca ruba rurerure gusumba - ariko ata mafaranga bongeyeko.
Mw'itangazo ryarwo ryo muri Mukakaro uyu mwaka, urwego rwa Eritrea rw'indege zisanzwe rwagirije EA "ibikorwa birimwo amanyanga" kandi ryarimwo urutonde rurerure rw'ivyo rwidogera.
Abategetsi ba Eritrea bavuga ko "batigeze bahengeshanya gusaba" EA gutorera inyishu ivyo bibazo ariko ko "ataco vyatanze".
EA yemeje ko yamenyeshejwe ivyo kuyihagarika igihe iyo ngingo yafatwa ariko ivuga ko imvo nyezina z'uguhagarikwa zitigeze zihishurwa.
Benshi muri abo bahora bafata imwe muri izo ndege zibiri za buri munsi ziva Asmara zija ku murwa mukuru wa Ethiopia, Addis Abeba, kuva aho baca bashobora gushika mu bindi bice vya Afrika, i Buraya na Amerika ya ruguru.
Benshi mu banya-Eritrea bafata ingendo babwiye BBC ko batangajwe n'iyo ngingo ya bukwi na bukwi kandi bavuga ko bafise amakenga ku cuka kibi kiguma ciyongera hagati y'ivyo bihugu bibiri.
Harabaye iminsi mikuru igihe iyo nzira yo mu kirere yasubira guhita mu 2018.
Imyaka 20 imbere y'aho, Eritrea na Ethiopia vyari vyarwanye intambara mbi y'urubibe yaguyemwo abantu ibihumbi n'ibihumbi.
Imigenderanire yaranagutse aho Abiy Ahmed abereye umushikirangaji wa mbere mu 2018 hanyuma akemera "gutangaza amahoro n'ubucuti" na Eritrea.
Iyo ngingo yatumye aronka agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel mu mwaka wa 2019.
Ariko imigenderanire hagati y'abo babanyi bo mw'ihembe rya Afrika yongeye kuba mibi inyuma y'imyaka ibiri harangiye intambara y'abanyagihugu ku bandi mu ntara ya Tigray yo mu buraruko bwa Ethiopia, ihana urubibe na Eritrea.
Asmara yagwanye ku ruhande rwa reta ya Ethiopia ariko ntiyishimiye cane amasezerano yarangije iyo ntambara mu kwezi kwa Munyonyo (11) mu 2022.
Imigenderanire yarunyutse gusumba igihe Abiy yatangaza mu mwaka uheze ko igihugu ciwe gishaka kuronka inzira igishikana ku kivuko ku Kiyaga Gitukura.
Ivyo vyateye amakenga mu bihugu bibanyi bishika ku nkengera, na cane cane Eritrea. Kwiyonkora kwayo kuri Ethiopia mu 1991 kwatumye Ethiopia icika igihugu kitagira umuhora ugishikana kw'ibahari.
Mu gihe imbibe zo ku butaka zugaye, ubu naho inzira yo mu kirere hagati y'ivyo bihugu bibiri ikaba yahagaritswe, ubu ugutumatumanako ku materefone na internet ni yo nzira yonyene isigaye ihuza ivyo bihugu bibanyi.
Iyi nkuru yongerejwe na BBC Monitoring.














