Tanzania: Igipolisi catangaje umukwabu i Dar es Salaam, internet na yo 'iracibwa' mu gihugu
Igipolisi mu gisagara ca Dar es Salaam cahanganye n'umurwi w'urwaruka rwariko rugerageza gukora imyiyerekano mu karere ka Kimara Kibo, hagati ya Ubungo na Kimara, mu gihe amatora abandanya muri ico gihugu.
Ababibonye bavuga ko uru rwaruka rwatanguye kwiyegeraniriza hafi y'isengero rya Ufufuo na Uzima, riherutse kwugarwa, isengero rya Musenyeri Josephat Gwajima yahoze ari umushingamateka wo mu mugambwe CCM uri ku butegetsi, kuva mu 2015 gushika uno mwaka.
Hagati aho NetBlocks, ikigo gikurikirana uko internet imeze kw'isi, catangaje ko hari "ugucikagurika kwa internet mu gihugu hose" muri Tanzania.
Ibi bibaye kuri uyu munsi w'amatora inyuma kandi y'aho hatanguriye imyiyerekano ku murwa mukuru w'ubutunzi Dar es Salaam.
Igipolisi ca Tanzania kandi kimaze gutangaza umukwabu mu gisagara ca Dar es Salaam utegerezwa gutangura 18h ( canke in word: isaha cumi na zibiri z'umugoroba)
Musenyeri Gwajima yagiye amenyekana kubera ingene yagenda yiyamiriza ibikorwa vyo kunyuruza no guhonyanga uburenganzira bwa muntu, ingendo yagiye no kumuteranya n'inzego z'ubutegetsi.
Igipolisi camaze umwanya kigenzura ako karere, mu gihe imodoka z'abacungera umutekano ziguma ziboneka mw'ibarabara rikuru rija mu ntara ya Morogoro rizwi nka Morogoro Road. Nta tangazo rirasohoka rivuga nimba hari aboba bakomeretse canke igitigiri c'abahagaritswe.
Iyi myiyerekano ni kimwe mu bisabwa n'imirwi imwe imwe y'abaharanira uburenganzira hamwe n'urwaruka basaba ko haba impinduka za poritike. Nta myiyerekano nk'iyi yari bwigere iboneka ku rugero nk'uru muri ico gihugu.
Hagati aho, amatora yoyo arabandanya. Perezida Samia Suluhu Hassan ariko arondera ikiringo ciwe kigira kabiri kw'izina ry'umugambwe CCM, yatoreye mu karere ka Chamwino ku mugwa mukuru Dodoma.
Ni muri ico gisagara nyene uwiyamamariza hamwe na we nk'icegera ciwe Emmanuel John Nchimbi yatoreye, ariko wewe akaba yari mu karere kitwa Kilimani.

Ahavuye isanamu, Ikulu Tanzania
Ku rundi ruhande, Saum Rashid, umwe mu bariko bahiganwa na Samia kw'izina ry'umugambwe UDP, yatoreye mu gisagara ca Dar es Salaam, akavuga ko ari nka hamwe atokwiza amajwi asabwa azoca yitegurira ayakurikira.
Ahejeje gutora yabwiye abanyamakuru ati: "Ni natsinda amatora y'umukuru w'igihugu nzoshima, ni natsindwa naho nzoshigikira nongere nkeze uwo ari we wese azotsinda".
Saumu avuga ko ashima ingene amatora atunganijwe, agashimira umurwi ujejwe kuyategura.
Agira ati: "Ubu jewe ndarindiriye ibizoyavamwo, ndizeye ko umurwi ujejwe amatora uzoshira aho intahe ishize".
Muri ano matora, abakandida 17 ni bo bariko bahiganira ikibanza c'umukuru w'igihugu. Nk'uko umurwi ujejwe gutegura amatora ubivuga, ibizoyavamwo bitegekanijwe ko bizomenyekana mu masaha 72.











