EAC: Salva Kiir na Ndayishimiye bashitse kuki?

Ahavuye isanamu, Ntare House
Mu mubonano Perezida Salva Kiir wa Sudani yaraye agiranye na Perezida Evariste Ndayishimiye w’Uburundi i Bujumbura, aba bategetsi bompi bumvikanye gushigikira utwigoro two kugarukana amahoro mu Buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Mw’itangazo ryasohowe inyuma y’uru rugendo ryasomwe n’umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko Peter Mathuki, aba bategetsi bompi bongeye kwiyemeza gushigikira umugambi w’amahoro wa Nairobi uhagarariwe n’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko.
Barongeye bashimangira kandi ko ari ngombwa gushira mu ngiro amasezerano ya Luanda “kugira ngo umutekano mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo ntubandanye uhungabana, ivyogira ingaruka mbi mu bihugu bibanyi muri uno muryango”.
Igihe yashika i Bujumbura – aho yakiriwe n’umushikiranganji w’Uburundi ajejwe ibibazo vya EAC, Gervais Abayeho – Salva Kiir nta na kimwe yavuze imbere y’abamenyeshamakuru.
Yaciye atera aja ku kirimba ca mugenziwe Evariste Ndayimiye, aho baganiriye ku bibazo bijanye n'umuryango wa Afrika y'Ubuseruko hamwe n'iki kijanye n'umutekano mu buseruko bwa DR Congo.
Perezida Kiir yashitse i Bujumbura avuye i Kigali mu Rwanda kubonana na Perezida Paul Kagame w'iki gihugu, bikaba vyari bitegekanijwe ko yaca aja i Kinshasa muri Repuburika ya Demokrasi ya Congo.
Umuntu yihweje ingene ibintu bimeze mu karere k'Ibiyaga binini karimwo Uburundi, Urwanda na DR Congo, bikongera kandi bigahurira mu gihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y'Ubuseruko vyari vyoroshe kumenya ikimugenza, kubona yari avuye i Kigali, agaca i Bujumbura, hanyuma agaca aja i Kinshasa.
Kiir ubu muri iki gihe ni we arongoye ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, EAC. Yasubiriye Perezida Evariste Ndayishimiye kuva mu kwezi kwa Munyonyo (11) mu mwaka uheze.

Ahavuye isanamu, Presidency | Rwanda/@UrugwiroVillage
Intambara iriko irabica bigacika mu buseruko bwa Congo iteye icuka kibi cane hagati y’Urwanda ku ruhande rumwe, na Congo n’Uburundi ku rundi ruhande mu gihe ivyo bihugu uko ari bitatu vyose bihurira mu muryango wa EAC.
Congo yagiriza Urwanda ko rwayiteye rwihishije inyuma y’umugwi M23, ivyo Urwanda rudasiba guhakana. Hagati aho, ibihugu rutura n'abahinga ba ONU baremeza ko Urwanda rufashe mu mugongo umuhari M23.
Urwanda na rwo rwagiriza Congo gukorana n’umuhari FDLR urwanya ico gihugu. Runavuga ko Congo yongereje ibikorwa vy’intambara mu karere bihana urubibe hakoreshejwe indege za gisirikare zitagira abadereva, ivyatumye Urwanda narwo rukomeza uburyo bwarwo bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere, nk’uko ubushikiranganji bw’ico gihugu bujejwe imigenderanire buherutse kubisigura mw’itangazo.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziherutse gusaba Urwanda kuvana ku butaka bwa Congo ibisasu vyo kurasa indege.
Kiir agerageza kuzimya umuriro mu bihugu bitatu muri indwi bigize EAC
Mu mpera z’umwaka uheze, reta ya Congo yirukanye ingabo za EAC - EACRF – zarimwo n’izo muri Sudan y’Epfo. Zari zagiye gufasha iyo reta kugarukana amahoro mu karere kayo k’ubuseruko aho ihanganye n’imigwi itandukanye yitwaje ibigwanisho na cane cane M23.
Reta ya Congo yavuze ko izo ngabo -mu kiringo kidashika n’umwaka zamazeyo – ataco zariko zirayifasha mu kurwanya uwo mugwi.
Izo ngabo zasubiriwe n'iz'irahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubumanuko SADC zigizwe n'izavuye mu bihugu vya Afrika y’Epfo, Malawai na Tanzania. Zarungitswe kuva mu mpera z’umwaka uheze.
Ku rundi ruhande Uburundi bwagiriza Urwanda kwigisha no guha uburyo umugwi Red Tabara mu kwezi kwa Kigarama (12) wakoze igitero mu Gatumba mu Burundi hakicwa abantu 20 nk’uko reta y’Uburundi yabivuze.
Kuva ico gihe Uburundi na Congo bisa n'ivyagize urunani rwo guhangana n'Urwanda. Ingabo z'Uburundi ubu ziri ku rugamba hamwe n'iza Congo mu kurwanya umugwi M23, Congo ivuga ko ari igikoresho c'Urwanda.
Mu mubonano wabo, Kiir na Ndayishimiye babonye kandi ko ari nkenerwa ko “ibihugu bivukanyi vy’Uburundi n’Urwanda vyokora ibishoboka vyose bigashira mu ngiro ata buryarya ivyo vyari vyumvikanyeko vyose imbere y’aha mu biganiro vyahuje ibi bihugu” bihurikiye mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko. Kuva mu misi iheze, Uburundi n’Urwanda birabana ay’ingwe.
Mu muryango w'ibihugu indwi, umuriro ukaba uriko uraka muri bitatu, igikorwa cihutirwa ku mukuru w'uwo muryango, Salva Kiir, coba ico kuzimya uwo muriro.
Ariko kandi, mu nzira yo gutorera inyishu irama ikibazo c'umutekano mu buseruko bwa Congo no mu karere kose k'ibiyaga binini, EAC isanzwe ifise umugambi wiswe uwa Nairobi urongowe n'uwahoze ari umukuru wa Kenya, Uhuru Kenyatta. Uwo mugambi na wo nyene ukeneye kunagurwa kugira ufashe mu buryo bugaragara.










