Koko 'sauna' irashobora gutuma amagara yawe amera neza?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Yasmin Rufo
- Igikorwa, BBC News
Uzungurutse mu vyandikwa ku mbuga hwaniro, nta nkeka ko uzosanga ama-sauna n'ukwoga mu mazi akanye ari umuti w'igitangaza, wongerera umubiri inguvu z'uguhangana n'indwara, ibinure mu mubiri bigashonga, eka vyose bigakira, kuva ku bubabare bwo mu ngingo gushika no kwihebura.
Ariko nk'uko abahinga babivuga, ukuri kwavyo kuratandukanye cane.
"Abantu benshi bemera ko kwiyanikira mu bushuhe canke mu bukonje ari vyiza, ariko ntituraronka ivyemezo bihagije kugira ngo tuvuge tudakekeranya ko ari vyiza ku magara yawe", bivugwa na Dr Heather Massey, umwigisha kuri Kaminuza ya Portsmouth mu Bwongereza.
Uno mupfasoni asigura ko imibiri yacu ari 'igitangaza' mu gukingira ubushuhe bw'umubiri, akenshi hagati ya 36.5°C na 37°C.
Mu buzima bwa misi yose, benshi muri twebwe ni gake tuja kubiri n'ibi, mu kumara umwanya munini mu bushuhe canke mu bukonje.
Avuga ko gushusha canke gukanyisha umubiri bituma umubiri wacu utakaza inguvu ku rugero rutoya, ibi na vyo bigashobora kuwutuma urondera uburyo bwo kwirwanako.
Ni akahe karusho ka 'sauna?
Ibi ni vyo bisigura ukungene abantu benshi birukira ama-sauna, aho muri kino gihe usanga za sauna zo mu bibanza vyo kwinonora imitsi (gym) n'ivyo gukandwa (spa) ziba zifise abantu hafi igihe cose.
Kuri bamwe, sauna ni nk'akarusho inyuma y'imyimenyerezo, mu gihe abandi bajayo gusa kubera bayikunda, ariko abandi bakajayo kubera bemera ko iminota 15 y'ubushuhe bwinshi bukora ibitangaza mu mubiri no ku bwenge.
Kandi nta nkeka ko usanga umuntu amerewe neza.
"Iyo wicaye muri sauna ukabira icuya, ushobora kwumva uremurutswe, wirekuye, ukumva worohewe, mbere ukumva n'ububabare bwokwiheza bwo nyene mu kanya gato", ni ko Dr Massey abibwira BBC mu kiganiro What's Up Docs.
"Rero ni vyo koko y'uko sauna ifise akarusho, ariko ikibazo ni ukumenya nimba ari akarusho k'igihe kirekire canke gusa ari ivyo umuntu yishiramwo".
Dr Massey asigura ko ubushakashatsi buheruka bwashize abantu incuro nyinshi mu mazi ashushe, kandi ivyavuyemwo vyerekanye impinduka kuri insulin no ku muvuduko w'amaraso
"Turiko turaraba nimba gushira umubiri mu bushuhe bishobora gufasha abantu bafise indwara z'igihe kirekire".
Ariko, asaba kwitonda mu kwemeza ibintu bikomeye bivugwa ku karusho sauna izana ku magara kuko ivyemezo nyavyo bikiri bike.
Ati: "Ntiturashobora koko kugerageza sauna mu buryo nyabwo. Ndibaza ko muri kazoza tuzoshobora kubonamwo akarusho, ariko ntiturahashika".
Avuga ko ubu abantu bobandanya baryoherwa n'uno mugirwa kubera ingene ubatuma biyumva, ariko ata kwiyumvira ko ari yo nzira ya hafi ishobora gutuma umuntu agira amagara meza.
Dr Massey ahanura ko nimba ushaka gukoresha sauna canke ibibanza vy'amazi ashushe, wokwiyubara, "ukagenda buhoro buhoro", hanyuma ukabanza ukitura muganga mu gihe woba ufise indwara kanaka canke wibungenze.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kwoga mu mazi akanye naho ni gute?
Hari abantu bakunda gukora ibintu mu buryo bw'igihushane.
Abantu boga mu mazi akanye bariko bariyongera cane, aho gukubita imyibiro mu gatondo ka kare biriko biramenyerwa cane ku nkengera z'ibahari, ku mazi y'ikiyaga no ku migezi.
Dr Massey yigeze kwoga mu mazi y'Umuhora w'Ubwongereza (English Channel ) mbere araja no mu mahiganwa yo kwoga mu mazi akanye kw'isi. Ariko ubu yoga rimwe mu ndwi mu mazi akanye kandi amarayo iminota mike.
Avuga ko mu ntango "bibabaza", ariko ko ubu bubabare ari bwo nyene abantu barondera.
Asigura ati: "Iyo wibiye mu mazi, urahemagirira cane".
Umutima uratera n'ingoga, umuvuduko w'amaraso uraduga, kandi imisemburo yo guhangana n'akaga nka cortisol na adrenaline iriyongera.
Yongerako ati: "Ibi biraduga gushika nko ku masegonda 30 hanyuma bigaca bimanuka n'ingoga na n'ingoga".
Mu kwoga incuro nyinshi umubiri uramenyera, ubwoba buragabanuka gushika hafi ku bice 50%.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ku vyerekeye ama-sauna, ikibazo nyamukuru ni ukumenya nimba aka karusho kava ku bushuhe ubwabwo, canke ku bintu vyose bifitaniye isano na bwo.
Kwoga mu mazi akanye bikunze gukorwa hanze kandi umuntu ari kumwe n'abandi. Dr Massey avuga ati: "Ni igikorwa gifise ibintu vyinshi bikorana – kamere, ugukoresha umubiri, hamwe no kuja hamwe n'abandi, kandi vyose birajana".
Dr Chris van Tulleken asanzwe akora iki kiganiro yemera ko bigoye kubitandukanya: "Ntituzi nimba akarusho ari amazi akanye yo nyene ubwayo, canke nimba ari uko abantu baba bari hamwe mu kibiri bakorera hamwe igikorwa kigoye".
Rondera ikintu coguha umunezero
Ariko ku bwa Dr Massey, ubushuhe si bwo ntango ya vyose, ahubwo ni umunezero.
Ati: "Ndavugana n'abantu bakora Parkrun [irya mirwi y'abantu bahurira hamwe mu myimenyerezo ngororamitsi] buri ndwi, kandi bavuga co kimwe n'abandi ku munezero bagira mu kwoga mu mazi akanye.
"Igikenewe ni ukuronka ikintu kikunezereza, ushobora kwama ukora udasiba, kandi ushobora gusangiza abandi, kuko mu kwubaka ubugenzi hagati y'abantu bahuriye ku kintu bishobora kugabanya umwitwarariko urenze urugero".
Ivyo bishobora kuba ikintu cose kuva ku gukora mu karima, kuraba inyoni, kwinjira mu murwi w'abaririmvyi canke gutembera n'abagenzi vyonyene.
Rero n'aho ama-sauna n'ukwoga mu mazi akanye bitari ngombwa kugira umuntu agire amagara meza, nk'uko Dr Massey abivuga, birashobora gutanga ikintu ciza.













