Iran yateye ikibanza c'indege za Amerika muri Qatar

Inama y'ikirenga y'umutekano ya Iran, iremeza mw'itangazo ko ibitero vya Iran ku kibanza c'indege ca Amerika muri Qatar vyari bitumbereye inyungu za Leta zunze Ubumwe za Amerika, ata mpungenge na gato, biteye Qatar n'abanyagihugu bayo.
Iryo tangazo rivuga kandi ko Iran ikomeje kwitaho kubungabunga imigenderanire myiza isanganywe n'ubutegetsi bwa Qatar, yamyeho kuva kera na rindi.
Itangazo ryasomwe kuri tereviziyo ya leta risubiramwo amajambo y'iyo nama y'ikirenga y'umutekano, imenyesha ko igitigiri c'ibisasu vyakoreshejwe cangana n'ico ivyakoreshejwe ku bibanza bitatu vy'inguvu za nuclair muri Iran.
Leta ya Qatar yatangaje ko uburinzi bwayo bw'ibitero vyo mu kirere bwashoboye gutangira ivyo bisasu vya Iran vyose.

Ahavuye isanamu, USAF
Ubutegetsi bwa Qatar buremeza ko habaye igitero ku kibanza c'indege ca Al Udeid, igitero bwise 'kuvogerwa mu buryo bweruye'. Qatar yongerako ko uguhora ari uburenganzira yibikiye.
Humvikanye ibitero vy'ibiturika mu murwa mukuru wa Qatar, Doha, inyuma y'amakuru yo kwizerwa yavuga ko Irani ishobora kugaba ibitero ku kibanza ca Leta zunze ubumwe za Amerika kiri muri Qatar.
Qatar yari yafashe ingingo yo kwugara ikirere cayo, kandi abanyagihugu b'abanya Amerika n'Ubwongereza bari bahawe impanuro zo kurondera aho bikinga, "kugeza bahawe ayandi mabwiriza"
Iryo tangazo rigufi ntiryatomora mw'ido n'ido uko ibintu vyifashe, ariko rikavuga ko iyo mburi yatanzwe mu ntumbero yo"kwigengesera "
Umushikirangaji w'imigenderanire w'Ubwongereza David Lammy yaciye asohora itangazo nk'iryo ku baturuka mu Bwongereza bari muri Qatar.
Irani iriko yiyumvira uko yokwishura ku bitero vyo ku munsi wa gatandatu vya Leta zunze Ubumwe za Amerika ku bibanza vyayo vyo guhingura Uranium, ibitero perezida Trump yavuze ko vyateje (Irani) igihombo ca ruhasha.
Vyari vyitezwe ko Trump niyo yitaba inama y'umutekano ku rwego rw'igihugu 'mu bisanzwe aja kubaza ikibazo kijanye n'iciyumviro kiriho co guhindura ubutegetsi muri Irani, nk'uko vyamenyeshejwe n'ibiro vyiwe White House.

Ahavuye isanamu, Getty Images
PerezidaTrump, umushikiranganji wo kwivuna abansi, n'umukuru w'umugwi w'abagaba bari bacwengetereye mu cumba bita Situation Room, ikibanza co mu biro vy'umukuru w'igihugu White House baganiriramwo amabanga (intelligence) igihe baronka amakuru y'ico gitero aturutse i Qatar.
Inama y'umutekano ku rwego rw'igihugu imaze iminsi ikorana hafi ku munsi ku munsi, kuva Israel igavye ibitero kuri Iran harashize iminsi icumi.
Umwitwarariko wose ubu uri ku kibanza c'indege ca Al Udeid, gisanzwe ari co kinini Amerika ikoresha mu karere k'uburasirazuba bwo hagati, kikaba n'icicaro gikuru c'abagaba b'ingabo zayo zikorera mu karere k'uburasirazuba bwo hagati.
Hari hashize iminsi, amasanamu ya sattelites yarekanye indege ziharurwa mu mirongo ziriko zirimugwa ziva mu kibuga c'ico kibanza, ivyagaragaye nk'igikorwa co kwikingira imbere y'ibitero vyo ku munsi wa gatandatu ku bibanza vya nuclaire vya Iran.
Mu kwezi guheze, perezida Donald Trump yari yaciye muri ico kibanza ca Al Udeid, igihe yagendera akarere k'uburasirazuba bwo hagati.
Mw'ijambo yashikirije ingabo ziwe yari yavuze ko "nka perezida, ikindaje ishinga ni ukurangiza intambara, si ukuzitanguza. Ariko sinzokwihanganira, sinzohengeshanya gukoresha ububasha bwa Amerika, mu gihe bikenewe, mu gukingira Amerika ubwayo na ba nsomambike bayo"
Inyuma y'ibitero vyo mu mpera z'indwi, perezida Trump yavuze ko kwihora kwa Iran kwohura n'izindi nguvu "zisumbirije kure n'iyo" mu kuyisubiriza mu ndumane.
N'ubwo kugeza ubu ata wurahasiga ubuzima, perezida Trump ashobora gukomeza kwumva ko (canke kwumvishwa ko) ari ngombwa kwihora- kugirango agaragaze ko amajambo yavuga atari ayo igikanganyoni.

Ahavuye isanamu, PARLIAMENTLIVE
Ubwongereza buvuga ko buriko bukurikiranira hafi iki kibazo co mu burasirazuba bwo hagati gikomeza guhinduka mu buryo bwihuta.
Umushikiranganji w'ingabo Luke Polland, yatanze itangazo mu nama nshingamateka ku vyerekeye gukingira ibigo vya gisirikare vy'Ubwongereza, aho yatanguye kuvuga amakuru y'ibitero vya Iran kuri Qatar akimara kumenyekana.
Yagize ati: "Ibi ni ibintu bihinduka vuba vuba kandi dukomerza kubikurikiranira hafi ."
Yabwiye abashingamateka ko adashobora gutanga mw'ido n'ido uko ibintu vyifashe n'uko bibwirizwa kugenda, ariko yongerako ko leta y'Ubwongereza yiyamirije yivuye inyuma ugukomeza gutandukira (kw'iyo ntambara).
Ibi bije mu gihe Israel imenyesha ko iriko yitegura kugaba ibitero vy'akataraboneka kuri leta ya Tehran, harimwo ibitero vyo ku mayira makuru makuru yerekeza ku kibanza c'inguvu za nuclair ca Fordo n'ibohero rya Evin.
Aho ni mu gihe indege ya mbere yarimwo anyagihugu b'Abongereza yari imaze kuva muri Israel, nk'uko vyamenyeshejwe n'umushikiranganji w'imigenderanire David Lammy.
Qatar yapfunze ikirere cayo mu gihe c'agateganyo, bituma indege zari kwerekeza Doha, kimwe mu bibuga vy'indege vyo kw'isi bigwiriyemwo uruja n'uyruza, zirondera ahandi zwerekeza.
Naho ku murwa mukura wa Iran Tehran, hongeye kwumvikana ibiturika nk'uko umunyamakuru wa BBC wo mu gisata c'igi Perse yabwiwe n'ababa mu gace n' uburaruko bushira ubuseruko bw'uwo muji.
N'ibinyamakuru vyo muri Iran nka Mehr biremeza ko uburyo bwo kwikingira ibitero vyo mu kirere buriko burakoreshwa muri uwo mugwa mukuru.










