'Ntuzopfa wongeye gukenera gukora': inkozi z'ikibi zashaka kwinjirira BBC ziciye ku gufumbatisha umunyamakuru

Joe Tidy
Insiguro y'isanamu, Umunyamakuru wa BBC arondera amakuru yerekeye ubusuma bwo kuri internet, Joe Tidy, yarondewe n'abagizi ba nabi bamusaba gukorana nabo ngo abafashe kwinjjira mu mashini nyabwonko za BBC
    • Umwanditsi, Joe Tidy
    • Igikorwa, Akora amakuru ku bugizi bwa nabi buciye kuri mudasobwa, BBC World Service

Kimwe n'ibindi bikorerwa mu gifuri mu bijanye n'ubukozi bw'ikibi bw'abiba canke bakononera abandi mu kwinjira muri za mudasobwa (cyber crime) zabo batabifitiye uruhusha, gucisha ubwo bukozi bw'iki kuri umwe mu bakozi b'ikigo kironderwa kwibwa , ni ikintu kimaze kumenywa canke kubonwa na bake.

Ndetse ni bake bifuza kugira ico babivuze ko.

Ariko nahawe akaryo ko kwibonera ingene inkozi z'ikibi zishobora kugerageza kuresha abakozi b'ibigo zishaka kwinjirira, igihe ubwanje nahura n'ico kibazo co kwegerwa n'umugwi w'abagizi ba nabi bashaka kunyinginga ngo ndabahe inzira, bakanyemerera agahembo.

"Niba ubishaka, turashobora kuguha ibice 15% vy'ingwati yose bazoturiha hamwe wotureka tukinjira muri mudasobwa yawe".

Ubwo nibwo butumwa naronse ntazi iyo buje buzanana, burungitswe n'umuntu yiyita Syndicate yantumbereye mu kwezi kwa Mukakaro (7) aciye ku rubuga rwa Signal mu bisanzwe ibiruciyeko bibonwa n'uwubirungikiwe gusa (encrypted).

Sinari nzi uyu muntu iyo aja n'iyo ava, ariko naciye menya ivyo ari vyo.

Aho nari mpejeje kwemerewa igice c'amafaranga ashobora kuba menshi cane bari gukura muri ubwo bubisha, iyo nemera gufasha izo nkozi z'ikibi kuronka inzira yo kwabura BBC baciye muri mudasobwa ngendanwa (laptop) yanje .

Bari guca biba imyirondoro y'abakozi canke bagashiramwo za porogarama zo kwonona (malicious softwares) bagaca basaba umukoresha wanje (BBC) ingwati, nanje nkabona kuharonkera igice c'ayo bahawe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Nari narigeze kwumva ubukozi bw'ikibi nka bene ubu.

Mu bisanzwe, iminsi mike imbere y'uko ndonka ubwo butumwa ntazi iyo bwaturutse, hari amakuru yavuye muri Brezil yemeza ko umukozi wo mu buhinga bwa internet ( IT) yatawe muri yompi kubera yagurishije uburyo bwo kwinjira muri za mudasobwa ku nkozi z'ikibi nka bene izo, ivyo igipolisi kimenyesha ko vyateje igihombo ca miliyoni ijana z'ama dorari ($100m), abasahuwe amafranga ku ma konte yabo ya banki.

Nagerageje guhendahendana na Syndicate inyuma yo kuganira n'uwunkurira mu kazi muri BBC. Nari mfise inyota yo kumenya ingene izi nkozi z'ikibi zibigenza mu kuresha abakozi zibasaba guhemuka mu kazi, mu gihe ibibazo biterwa n'ibitero vyo kuri internet hirya no hino kw'isi bikomeza kwiyongera no guhungabanya abantu mu buzima bwa minsi yose.

Nabwiye Syn, yahavuye ahindura izina tumaze igihe tuganira, ko mfise ico cifuzo ariko nifuza kumenya uko ibi bikorwa.

Bambwiye ko ndabahaye imyirondoro n'akajambo-banga bimfasha kwinjira muri mudasobwa yanje, bazoheza bakinjira bakavogera muri mudasobwa za BBC bagaca baka amafaranga yo kuri internet ya bitcoin ico kigo c'itangazamakuru. Aho nari guca ndonkako kuyo bobarishe.

Bahavuye banaduza n'igiciro c'ako gahembo bashaka kungenera.

"Ntituzi neza ayo BBC iguhemba, ariko naho twoguha nka 25% y'ayo tuzokwemeranya nabo ko baturiha nk'ingwati yose, turonse nka 1% y'amafaranga yose ya BBC? Ntiwopfa usubiye gukenera gukora".

Syn yakeka ko umugwi wiwe ushobora guca BBC ingwati iharurwa mu miliyoni mirongo hamwe boramuka bacengetereye ico kigo.

BBC ntiravuga ku mugaragaro nimba yokwemera gutanga ingwati mu gihe yoramuka igize ivyago vyo gucengeterwa n'inkozi z'ibibi nk'izo, ariko abajejwe kwubahiriza amategeko batanga inama zo kutariha ingwati.

N'ubundi abo bagizi ba nabi barakomeje kugerageza umwumvikano.

Abagizi ba nabi barungikiye ubutumwa umunyamakuru bavuga ngo: Tuvugane ukuri, aha BBC iguhemba amahera menshi koko? "Turashobora kuguha ugaca wigira mu karuhuko".
Insiguro y'isanamu, Ifoto y'ubutumwa bwo muri terefone yerekana ikiganiro nagiranye n'abagizi ba nabi baciye kuri Signal. Aha SOC bavuga ko itazoca ikanda n' ikintu na kimwe, SOC ni ikigo kejwe kugenzura umutekano kuri internet Security Operation Centre).

Syn yavuga ko nzoca ndonka amamiliyoni. "Twoca dufuta iki kiganiro, kugira ntibazokwigere bamenya uwo uri we," niko bakomeje kumbwira.

Abo bambuzi bavuga ko bamaze kubikora kenshi cane kandi 'bikagenda neza' aho bumvikanye n'abantu b'imbere mu bindi bitero bagavye mbere.

Amazina y'ibigo bibiri vyatewe muri uyu mwaka barayampayeko akarorero k'aho bashoboye kwumvikana n'ababafashije kubivogera, - ikigo gishinzwe amagara y'abantu mu Bwongereza, hamwe n'ikindi co muri Amerika gishinzwe ibikorwa vyo gutabara vyihuta.

"Ushobora gutangazwa n'igitigiri c'abakozi bashobora kuduha ubufasha, " niko Syn yambwiye.

Syn yambwiye ko ari we muntu ajejwe imigenderanire y'umugwi witwa Medusa, ukora ubwo bubisha bwo kuri internet. Yavuga ko ari we munyabulaya wenyene kandi ari we ashobora kuvuga icongereza mu bagize uwo mugwi.

Medusa ni urubuga rutanga inzira ku migwi ikora ubwo bwambuzi bwo kuri internet. Umugizi wa nabi uwo ariwe wese ashobora kwiyandikisha kuri urwo rubuga akarucako kugirango ashikire ibigo ashaka kwinjiriramwo no kwabura.

Urubuga rwa internet rwa Medusa ruriko n'amazina y'ibigo bimaze kwaburwa (amazina yavyo afuse n'irangi ryirabura)
Insiguro y'isanamu, Urubuga rwa internet rw'umurwi w'abambuzi Medusa, rufise urutonde rw'abaguye mu vyara vyarwo

Ubushakashatsi bwakozwe n'ikigo kijejwe umutekano kuri internet CheckPoint bwerekana ko ubuyobozi bwa Medusa bugizwe n'abantu bakorera hanze y' Uburusiya canke kimwe mu bihugu bicuditse n'Uburusiya.

"Uyu mugwi uririnda gutumbera ibigo biri imbere mu Burusiya canke mu mugwi w'ama leta yigenga, kandi ibiganiro ku bugizi bwa nabi bwawo bikorerwa ku mbuga zo mu kinyegero mu rurimi rw'ikirusiya".

Syn yandungikiye yishimye cane, umurongo wa internet werekana itangazo rya Leta Zunze Ubumwe za Amerika riburira abantu kwiyubara Medusa ryatanzwe muri Ntwarante (3). Abajejwe umutekano kuri interenet muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bavuze ko mu myaka ine ishize uwo mugwi umaze umenyekanye, umaze kwabura "abarenga 300."

Syn yarashimitse kumbwira ko dukwiye kwumvikana tukagirana umuwumvikano (idiri, deal) nkagurisha mu kinyegero urupfunguruzo rw'akajambo - banga nkabinjiza mu bwami bwa BBC bagaheza bagaca bampa impera.

Ntiwigera umenya uwo muriko muravugana, rero nasavye Syn kumpa ikimenyetso kinyereka ko ari we. "Ushobora kuba uri abana bariko barankinisha canke uwundi muntu ashaka kunta mu mutego", niko namubwiye.

Bansubije bampa umurongo wa internet w'urubuga rw'igisenge co mu kinyegero rwa Medusa bambwira uko nobashikira nciye mu buryo bwa Tox bwo guhanahana ubutumwa - ni uburyo bwo kandikirana bukunda gukoreshwa n'inkozi z'ibibi zo kuri internet (cyber criminals).

Syn yasa n'uwutagira umwanya wo kwihangana agaca antera anshirako igitutu rwose kugirango ndamwishure.

Bandungikiye umurongo wo kwinjrirako ku rubuga rwa Medusa rwakira abashasha mw'ihuriro ryihariye ry'abagizi ba nabi, bansaba gutangura kwiyandikisha kugirango bampe bitcoin 0.5 (ni ukuvuga nka $ 55.000, hafi miriyoni 165 mu mafaranga y'Uburundi ku rugero rwo muri banki) y'uruvugano (avance) mu gihe ngitangura urwo rugendo rw'umwumvikano.

Abo bari bo banyizeza ko ayo mafranga ari ay'intango gusa make ashoboka bashobora kumpa mu gihe nzoba ndabahaye akajambo-banga ko kwinjira muri mudasobwa yanje.

"Ntabwo ari ukugusuka canke ari ibitebu - nta ntumbero dufise yerekeye itangazamakuru, twe twishakira amafranga gusa, kandi umwe mu bayobozi bacu arashaka ko muvugana."

Bahisemwo jewe kuko bibaza ko mfise ubuhinga mu vyerekeye ikoranabuhanga kandi noba mfise uburenganzira ku buhinga bw'itumanako bwa BBC (BBC IT systems) (ariko si vyo). Sindabizi neza nimba Syn yoba yari azi ko ndi umunyamakuru asanzwe atara amakuru ku bijanye n'umutekano wo kuri internet, ariko ntari umukozi muri ivyo vy'ikoranabuhanga canke IT.

Abagizi ba nabi bemeye kurwatiriza amafranga aciye 1 bitcoin akaba arashizwe ahantu mu kurindira ko bumvikana
Insiguro y'isanamu, Abagizi ba nabi bemeye kumpa amafaranga ya vanse

Bambajije ibibazo vyinshi vyerekeye igisata c'ikoranabuhanga ca BBC ntari gushobora kwishura n'ubwo nari kuba ndabizi.

Bandungikiye ibintu bihanitse cane vy'amakode (code) bambwira ngo ndabishire muri mudasobwa yanje y'akazi, ngo mpeze nce ndababwira uko vyagenze. Bashaka kumenya uburenganzira mfise kw'ikoranabuhanga ry'imbere muri BBC kugirango baheze bamenye ico nkwiye gukora mu gutegura intambwe zikurikira hamwe bamaze kwinjira muri mudasobwa yanje.

Kugeza ico gihe nari maze iminsi itatu mvugana na Syn wenyene kandi nari ngeze kure ku buryo numva nkeneye kugisha inama abahinga mu bajejwe umutekano muri BBC.

Hari ku munsi w'Imana mu gitondo, nari nateguye kuvugana n'umugwi wanje mu gitondo co ku munsi wa mbere.

Rero nararindiriye, ariko Syn biramurambira.

"Ibi ushobora kubikora ryari? Jewe sinkunda kwihangana", niko iyo nkozi y'ikibi yambwiye.

"Ndabona ko ata cifuzo ufise co kuba ku musenyi wa Bahamas?" niko baguma bansunika.

Bampaye ikiringo ntarengwa co gushika mw'ijoro ryo kuwa mbere. Bidakunze bakareka gukomeza kunyihanganira.

Terefone yanje yatanguye kuzamwo ubutumwa bw'urutavanako bunsaba kwinjiza akajambo- banga. Ibi vyaturuka muri porogarama ya BBC yagenewe kurinda umutekano mu gihe twinjira muri za mudasobwa, imbaza nimba ari jewe ndiko ndashaka kwinjira. Ni porogarama ibanza gusuzuma ko ari nyene imashini koko ariko arondera kwinjira.

Ifoto yo kuri terefone yerekene ubutumwa bwinshi buboneka ko bwakwirikiranye ningoga na ningoga bwuzuye terefone.
Insiguro y'isanamu, ifoto yo kuri terefone yerekana ubutumwa bw'urutavanako burungitswe na porogarama ya BBC ibaza nyene imashini nyabwonko kwemeza nimba yifuza kwinjira

Igihe nari mfise terefone mu ntoke, nagiye mbona yuzura ubutumwa buvuye muri porogarama imbaza ko noba ndiko ndashaka kwinjira muri mudasobwa yanje, bunsaba kuvyemeza umunota ku wundi.

Naciye mbona ivyo ari vyo- ni ubuhinga ababisha bakoresha mu kugaba ibitero mu bikoresho vy'ikoranabuhanga bwitwa MFA Bombing.

Abagavye igitero barungika ku bwinshi bene ubwo butumwa, mu kugerageza guhindura akajambo- banga ari nako rupfunguruzo, canke bashaka kwinjiriza mu yindi mashini itari iyo nyene ako kajambo asanzwe amanyereye gukoresha.

Biragera aho nyene kugabwako ibitero afyonda akemeza, bitumwe no kwihenda, canke gushaka ko ubwo butumwa budakomeza kumugerako agasakisaki. Uku niko ikigo corohereza abikorera ku giti cabo mu kwunguruza abantu Uber catewe mu 2022.

Ntivyanyoroheye kuba ari jewe ndiko ngabwako ibitero. Abo bagizi ba nabi basohoye ubutumwa twariko duhanahana mw'ibanga mu buryo bwa kimwuga biciye muri application yabigenewe, nja mbona buriko buza kumugaragaro kuri terefone (ntarinze kwinjira muri App). Vyasa nk'aho umengo abo bagizi ba nabi bageze ku rugi bariko baradodora.

Narazazaniwe kuri uko guhindura umukenyuro, ariko ndigumya sinugurura ngo ndabe ubutumwa buriko buraza bandungikira, kuko nakeka ko nshobora kwihenda ngafyonda aho kwemeza. ibi vyari gushobora kubaha inzira yo kuja muri konte zanje za BBC.

Uburinzi bw'umutekano wa internet ntibwari no gutanga ikimenyetso cerekana ko bwoba ari ubusuma kuko bari kuba binjiye mu buryo busa nk'aho ari jewe nyene nemeye guhindura akajambo -banga.

Mu nyuma, abo basuma bari guca batangura kurondera ingene becengetera mu mabanga ya BBC.

Nk'umunyamakuru ariko atari umuhinga mu vy'ubuhinga bwa IT, nta burenganzira buhanitse mfise kw'ikoranabuhanga rya BBC, ariko vyari biteye ubwoba kandi ivyo vyasigura ko ntashobora gukomeza gukoresha terefone yanje.

Nahamagaye abahinga ba BBC mu vyerekeye umutekano mw'ikoranabuhanga, twumvikana ko bankurako uburenganzira bwose bumpuza na BBC mu kintu ico arico cose. Nta emails, nta burenganzira ku mbuga zayo z'imbere, nta bundi buhinga na bumwe bwayo nari mfiseko uburenganzira nashobora gushikira.

Ubundi butumwa bw'abo babisha bwari butangaje ukuntu bwaje butekanye, bwanshikiriye mu masaha yo ku mugoroba wo kuwa mbere.

"Umugwi urasavye imbabazi. Twariko tugerageza urupapuro rw'ubwinjiriro bwawe muri (mudasobwa za ) BBC , utubabarire cane nimba hari intambamyi vyakugizeko."

Nabasobanuriye ko natakaje uburenganzira bwose bwo kwinjira mu buhinga bw'itumanako bwa BBC kandi vyambangamiye. Syn yakomeje kunyumvisha ko n' ubu bigishoboka ko twumvikana hamwe noba nkivyifuza. Ariko abonye maze iminsi ntamwishuye , bafuse konte yabo ya Signal barazimangana.

Nahavuye nsubizwa uburenganzira bwo kwinjira mw'ikoranabuhanga rya BBC ndetse banyongerereza ubuhinga bwo kwikingira ku bwo nari nsanganywe muri konte yanje.

Ndanahakura icigwa co kuba naratumberewe nk'umuntu w'imbere asabwa kworohereza ibitero vy'imbere mu kigo nkorera.

Ni ibintu biteye akoba vyerekana ukuntu abo bagizi ba nabi baguma bahindura imikenyuro, bigaragaza kandi impungenge zibangamiye ibigo n'amashirahamwe, ibintu ntari bwiyumvire kugeza binshikiriye ubwanje.