Amerika yagiriza Urwanda na M23 igitero kw’ikambi y’abateshejwe izabo i Goma

Amerika ivuga ko intambara mu buseruko bwa DR Congo zimaze gutesha izabo abantu barenga imiriyoni 2.5

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amerika ivuga ko intambara mu buseruko bwa DR Congo zimaze gutesha izabo abantu barenga imiriyoni 2.5

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriyamiriza zivuye inyuma igitero cakozwe kw’ikambi y’abateshejwe izabo i Goma mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

Abantu nibura icenda, harimwo abana indwi, barishwe mu gitero cakozwe kw'ikambi y'abateshejwe izabo ya Mugunga i Goma ejo ku wa gatanu.

Igisirikare ca DR Congo n'inyeshamba za M23 baritana ba mwana, buri ruhande rukagiriza urundi ko ari rwo wakoze iki gitero.

Mw’itangazo yasohoye ejo ku wa gatanu, umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire, Matthew Miller, avuga ko iki gitero ca bombe cavuye ku birindiro vy’ingabo z’Urwanda na M23.

Reta y’Urwanda iriyamiriza yivuye inyuma ivyo yagirizwa, ikavuga ko itabona ingene uno muvugizi w’Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire yagiriza igisirikare c’Urwanda.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X (rwahoze rwitwa Twitter), Yolande Makolo, umuvugizi wa reta y’Urwanda, yandika ati: “Ibi ni ibiterasoni Matthew, washitse gute kuri uno mwanzuro udasobanutse?

“RDF … ntishobora na rimwe gutera ikambi y’abateshejwe izabo. Ubugome nk’ubu uraburabira ku ruhande rwa FDLR na Wazalendo batagira amategeko, bashigikiwe na FARDC”.

Eka n’umuhari Alliance du Fleuve Congo (AFC), ari na wo inyeshamba za M23 zegukira, wagiriza reta ya Kinshasa ko ari yo yakoze iki gitero, nk’uko biri mw’itangazo wasohoye, ukagiriza ingabo za reta ko “igihe cose zitsinzwe ku rugamba zica zihindukiriza inkoho ku basivire”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ni mu gihe Liyetena -Koroneli Guillaume Njike Kaiko avugira igisirikare ca DR Congo muri Kivu ya Ruguru, na we nyene yagiriza M23 n’igisirikare c’Urwanda ko ari bo bakoze iki gitero, akavuga ko kwari ukwihora ibitero vy’igisirikare ca Congo ku birindiro vy’Urwanda.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Amerika avuga ko abandi bantu 33 bakomerekeye muri iki gitero, agasaba impande zihanganye kwubahiriza akageta ka muntu.

Miller ati: “Turatewe impungenge nyinshi no kubona igisirikare c’Urwanda na M23 baherutse kwiyagurira akarere mu buseruko bwa DR Congo, ivyatumye abantu barenga imiriyoni 2.5 bata izabo.

“Dusavye impande zompi kwubahiriza agateka ka zina muntu no gukurikiza inshinganno zabo nkuko biri mu mategeko mpuzamakungu yagateka ka zina muntu”.

Abandanya agira ati: “Ni ngombwa ko ibihugu vyose vyubahiriza ubwigenge n’ubusugire bw’ikindi gihugu, kandi bigashengeza abo bose bafise uruhara mu guhonyanga agateka ka zina muntu mu buseruko bwa Congo”.

Reta ya Amerika ivuga ko ibandanya gushigikira utwigoro tw’akarere two kugarukana amahoro, igatera akamo impande zompi gufata ingingo zotuma icuka kibi kigabanuka, kandi zikitaba ibiganiro mu ntumbero yo gutora umuti urama biciye mu mwumvukano.

Ku ruhande rwiwe, Bintou Keita ahagarariye ubutumwa bwa MONUSCO bwarungitswe kubungabunga amahoro muri ico gihugu, ariyamiriza yivuye inyuma iki giter oku basivire, akibutsa impande zihanganye inshingano zazo, zo gukingira no kubungabunga ubuzima bw’abasivire igihe cose.

Mw’itangazo yasohoye, uno mukuru wa MONUSCO akongera akaba intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU atera akamo abategetsi ba Congo “gufata ingingo zose zikenewe abakoze iki gitero c’ubugome bagashengezwa”.

Iki gitero catumye Perezida Felix Tshisekedi ahagarika urugendo yari amazemwo imisi itari mike ku mugabane wa Bulaya kugira ngo asubire mu gihugu. Mu mubonano yagiranye n’abanye-Congo baba mu Bubirigi ejo ku wa gatanu inyuma y’iki gitero reta yegeka kuri M23, Perezida Tshisekedi yababwiye ati: “Ndabemereye ko tuzotsinda ino ntambara uko bizogenda kwose”.

Perezifa Felix Tshisekedi yijeje Abanye-Congo baba mu Bubirigi ko atazodohoka ku nshingano ziwe zo gukingira ubusugire bw’ubutaka bw’igihugu

Ahavuye isanamu, Présidence RDC

Insiguro y'isanamu, Perezifa Felix Tshisekedi yijeje Abanye-Congo baba mu Bubirigi ko atazodohoka ku nshingano ziwe zo gukingira ubusugire bw’ubutaka bw’igihugu

Perezida Tshisekedi yashimangiye inshingano ziwe zo “gukingira ubusugire bw’ubutaka bw’igihugu”.

Iki gitero kije inyuma y’aho umuhari M23 utangarije ko wigaruriye igisagara ca Rubaya, igisagara gikomeye kuko kiri mu turere twa mbere kw’isi ducukurwamwo ubutare bwa coltan busanzwe bukoreshwa mu guhingura amaterefone ngendanwa n’amabateri y’imodoka zikoresha umuyagankuba.

M23 ni umuhari wavuye mu wundi muhari, CNDP, ukaba watanguye kurwanya reta mu 2012, uvuga ko urwanira Abatutsi bo mu buseruko bwa Congo, wavuga ko batotezwa kandi bakumirwa.

Abahinga ba ONU bavuga ko uno muhari ufashwe mu mugongo n’Urwanda, ivyo iki gihugu kibandanya camirira kure.

Hagati aho, sentare ya gisirikare i Goma yaciriye igihano co gupfa abasirimare umunani ba Congo ku caha co “gutoroka” no “guhemuka” mu gihe bari mu ntambara n’inyeshamba.