Umugabo yazibuwe ihembe arapfa mw'isabukuru yo kwiruka n'impfizi muri Espagne

Ahavuye isanamu, EPA
Umugabo yarapfuye mugenziwe nawe arakomereka cane mw'isabukuru ry'ukwiruka n'impfizi mu buseruko bwa Espagne, nk'uko abategetsi babivuga.
Uwo mugabo, w'imyaka 61, yazibuwe ihembe mu rubavu muri iryo siganwa ry'i Pobla de Fernals mu ntara ya Velence (Valencia) ku wa gatandatatu. Yarajanywe kwa muganga arabagwa vyihuta ariko amaherezo aruhira gupfa ku wa mungu.
Mugenziwe, w'imyaka 63, nawe yahwikiwe amaguru yompi n'iyo mpfizi nyene ubu akaba ari mu bitaro.
Ugupfa n'ugukomerekera mu masabukuru yo kwiruka n'impfizi muri Espagne birakunda gushika.
Hatunganywa anajana n'amajana ya bene izo sabukuru - aho impfizi ziziturwa zikarekurirwa mu mabarabara abantu bakiruka imbere yazo - muri Espagne buri mwaka.

Ahavuye isanamu, EPA
Amashirahamwe aharanira uburenganzira bw'ibikoko imaze imyaka yiyamiriza bene ayo masabakuru ku ngaruka mbi ku bantu no kuri ivyo bikoko.
Ariko ayo masabukuru aba buri mwaka yitabwa n'abantu benshi.
Ikiringo co kwiruka n'impfizi kizanira amafaranga menshi intara ya Velence isanzwe inayakeneye cane.
Icigwa co mu 2019 cerekanye ko yatumye haboneka ubuzi 3.000 hanyuma yinjiza amafaranga angana hafi miriyoni 300 z'ama dorari (hafi 900.000.000.000 mu mafaranga y'Uburundi) mu masabukuru ashika 10.000 ku mwaka.












