Bayern Vs Bremen: Hari ubwoba ko Mane atazokina muri Qatar 2022 kubera imvune yaraye yanduye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Imvune ya Sadio Mane yateje igipfungu intsinzi ikomeye ya Bayern Munich yaraye yirahiye Werder Bremen 6-1 mw’ihiganwa ry’Ubudagi, Bundesliga.
Vyabaye ngombwa ko Mane ava mu kibuga akaja kuvurwa inyuma y’iminota 20 kubera imvune yo mw’ivi, aca asubirirwa na Leroy Sane.
Ibi bibaye mu gihe hasigaye imisi 13 gusa imbere y’uko Senegal ya Mane ikina urukino rwayo rwa mbere mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose ca 2022 cimirije gutangura muri Qatar, ikazohura n’Ubuholande.
Hagati aho, Bayern yatahukanye intsinzi ikomeye cane, aho Serge Gnabry yateye bitatu wenyene.
Uyu musatirizi Mane yahoze akinira Liverpool yaciye agenda ubutarariye mu cumba c’ukwihinduriramwo amaze gusubirizwa kugira ngo abadanye avurwa.
Nk’umukinyi mwiza w’umwaka wa Afrika incuro zibiri, Mane ni kirumara mu murwi nserukira gihugu wa Senegal iherutse gutahukana igikombe ca Afrika mu mupira w’amaguru, aho uzohura n’Ubuholande mu rukino rwa mbere rw’itsinda A ku wa 21 Munyonyo (11), imbere y’uko uhura na Qatar yateguye iri higanwa, hanyuma na Equateur/ Ecuador.
Igitsindo ca nyuma ca Mane kuri penalty mu rukino rwa nyuma rwabahuje na Misiri catumye Senegal itsindira igikombe ca Afrika ku ncuro ya mbere, hari mu ntango z’uno mwaka.
Imvune ya Mane ntiyabujije Bayern gusayangana maze ishobora kurangiza inkino zo hagati muri ino ndwi ari iya mbere muri Bundesliga.
Jamal Musial ni we yinjije ica mbere ku munota wa gatanu w’urukino, ariko rero haciye akanya gato Bremen iragikurayo ku mupira mwiza bagiye bahanahana imbere y’uko Anthony Jung atsinda umunyegori Manuel Neuer.
Bayern yaciye ihindura umukino maze yinjiza ibitsindo bitatu mu minota umunani, aho Leon Goretzka yijije kimwe, Gnabry nawe atera bibiri, maze mu minota 30 Bayern imaze kunyagira Bremen 4-1.
Ibintu vyari kuba vyamaze kuba nabi gusumba muri uwo mwanya iyo umunyegori Jiri Pavlenka adakurayo penalty y’umunya-Cameroun Eric-Maxim Choupo-Moting ku munota wa 17.
Bayern yabandanije yiyoroheje gushika mu mpera z’urukino, aho ku munota wa 82 Gnabry yinjije igitsindo ciwe kigira gatatu, ata n’akanya gaheze umusore w’umufaransa Mathys Tel aca asongera isibe.










