Nyamugigima ya Turukiya: Abagore batatu n'abana babiri batowe bagikomeye inyuma y’imisi icenda

Ahavuye isanamu, Facebook/Mayor Muzaffer Biyik
Imisi icenda inyuma ya nyamugigima yihaye ibara muri Turukiya, abagore batatu n’abana babiri batowe bakiri bazima.
Melike Imamoglu w’imyaka 42 na Cemile Kekec w’imyaka 74 bakuwe mu bihomoka n’abajejwe ubutabazi mu gisagara ca Kahramanmaras co muri Turukiya.
Aba bagore barokowe mu gihe abakozi bafashe ingingo yo gusukura ibisagara vyahuye n’akaga ka nyamugigima zo muri kuno kwezi kwa kabiri.
Amamiriyoni y’abanyagihugu ba Syria na Turukiya ubu baba mu makambi begeranirijwemwo kandi bakeneye imfashanyo.
Amashusho y’irokorwa ryabo yashizwe ku mbuga hwaniro n’umukuru w’igisagara ca Darica, Muzaffer Biyik, yerekana abatabazi bakoma amashi banahoberana igihe umupfasoni Kekec yinjizwa mu modoka y’ubutabazi.
Muri Antakya- ikindi gisagara ca Turukiya casinzikajwe n’izi nyamugigima – ibinyamakuru bitangaza ko uwundi muvyeyi ari kumwe n’abana biwe babiri bakuwe mu bihomoka bakiri bazima.
Inyuma y’imisi cumi kuva iki kiza cadutse, bigenda bigorana gutora abakiri bazima. Ubu abamaze kumenyekana ko bapfuye, bose hamwe barenga 41.000.
Abajejwe ubutabazi bavuye mu makungu baja muri Turukiya akanya gatoyi inyuma y’izi nyamugigima bariko baratekera basubira inyuma, mu gihe abo mu gihugu ubu bitayeho gukubura ibihomoka.
Abacitse kw’icumu ubu bagiye gutangura kwiyubaka. Reta ya Turukiya itera akamo abanyagihugu gusubira mu vyabo mu gihe bishoboka, inyuma y’aho abategetsi batangarije ko ibintu bimeze neza.
Ariko benshi muri bo baratakaje amazu yabo ubu bakaba baba mu mahema mu makambi. Muri Kahramanmaras, ari naho aba bagore barokorewe, abacitse kw’icumu barenga 1.000 bacumbikiwe mu kibuga.
Muri Syria, ibikorwa vy’ubutabazi birazingamitswe n’intambara yaciyemwo kubiri igihugu.
Haraciye imisi ishirahamwe ONU idatanga imfashanyo muri Syria, rivuga ko rifise ingorane y’uburyo.
Aho imfashanyo ishikiye inyuma y’iyugururwa ry’uwundi muhora ku rubibe rwa Turukiya, abajejwe ubutabazi bavuga ko bataronse imashini n’imwe ikomeye yo gukura ibihomoka.
Raed Saleh arongoye umurwi w’abatabazi bazwi nka Casques blancs/White Helmets, avuga ati: "Nta bintu nk’ibi vyari bwigere bibaho, aho mu karere kanaka haba nyamugigima hanyuma ngo amakungu na ONU bareke gufasha”.










